Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These also are proverbs of Solomon, which the men of Hezekiah king of Judah copied out. Iyi ni iyindi migani ya Salomo, yegeranijwe n’umujenama w’umwami Hezekiya, umwami w’i Buyuda:
2 It is the glory of our Father to conceal a matter, but the glory of kings to search a matter out. Icubahiro c’Imana ni uguhisha ibintu, ariko icubahiro c’abami ni ukubihishura.
3 As the heavens are high and the earth is deep, so the heart of kings is unsearchable. Nk’uko ijuru riri hejuru cane, n’i kuzimu hakaba harehare, ni ko umutima w’umwami ata wumenya ibiwurimwo.
4 Take away the dross from the silver, and a vessel comes forth for the refiner. Tyorora ifeza, izohinduka igikoresho c’umucuzi.
5 Take away the wicked from before the king, and his throne will be established in righteousness. Kura umubi imbere y’umwami, inganji yiwe izokomezwa n’ubugororotsi.
6 Do not put yourself forward in the king's presence, and do not stand in the place of the great; Ntukishire hejuru imbere y’umwami, kandi ntugasabe icicaro mu bahambaye.
7 for it is better to be told, "Come up here," than to be put in a lower place in front of a noble you can see. Ni vyiza kurindira bakakubwira bati: “Shika hano imbere” aho kwirukanwa kure umaramara imbere y’abubahwa. Ivyo ni vyo umaze kwibonera.
8 Do not rush into a quarrel, for what will you do in the end when your neighbor puts you to shame? Ntukihute kwitwarira umubanyi mu bucamanza, kuko agutsinze womaramara, ukabura uko ubigenza.
9 Argue your case with your neighbor himself, but do not disclose another's secret, Nihagira ico mupfa n’umubanyi wawe, ntuzobifatireko ngo umene ibanga uwundi muntu yakubwiye,
10 lest the one who hears it shame you, and your bad reputation never goes away. abandi bohava bavyumva bakakwagiriza urusaku, ukaba wambaye iceyi utazikurako.
11 A word spoken at the right moment is like apples of gold in settings of silver. Ijambo rivuzwe mu gihe caryo ni ryiza; rimeze nk’icamwa c’inzahabu mu nkoko y’ifeza.
12 Like a ring of gold or an ornament of fine gold is wise correction to a listening ear. Ku wufise ugutwi kwumva, impanuro y’umunyabwenge imeze nk’ihereni ry’inzahabu, canke urugori rw’inzahabu nziza.
13 Like the cold of snow in the time of harvest is a faithful messenger to those who send him; he refreshes the soul of his masters. Nk’uko amazi akanye amerera isi mu bushuhe bwo mu ci, ni ko intumwa y’umwizigirwa imerera uwayitumye. Isubiza itoto umutima wa shebuja.
14 Like clouds and wind without rain is one who boasts of a gift never given. Uwusezerana gutanga ingabire ariko ntashitse, ameze nk’ibicu n’umuyaga bitazana imvura.
15 By patience a ruler is persuaded, and a soft tongue breaks bone. Ukwihangana bigondoza umutware, kandi ururimi rwiyoroheje rushobora kuvuna igufa.
16 If you find honey, eat only enough, or you will have too much and vomit. Niwaronka ubuki, uzorye ubugereranye, kuko niwarya bwinshi cane uzobudahwa.
17 Don't visit your neighbor's house too often, or he will grow weary of you and hate you. Ntukamize ikirenge mu rugo rw’umubanyi, kugira ngo ntibazoguharuruke, bakakwanka.
18 Like a club, a sword, and a sharp arrow is one who bears false witness against his neighbor. Umuntu arementaniriza ibinyoma umubanyi wiwe ameze nk’ishoka, inkota canke umwampi usongoye.
19 Like a bad tooth or a foot out of joint is trust in a faithless person in time of trouble. Gushira ivyizigiro ku muhemu mu gihe c’ivyago, ni nko guhekenyesha iryinyo ricitse, canke kugendesha ukuguru kuvunitse.
20 Like one who takes off a garment on a cold day, like vinegar poured on baking soda, is the one who sings songs to a heavy heart. Uwuririmbira uwufise umutima ubabaye ameze nk’uwiyambura impuzu mu gihe c’imbeho, canke uwusuka inkarisha mu gikomere.
21 If your enemy is hungry, give him bread to eat, and if he is thirsty, give him water to drink; Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira; niyanyoterwa umuhe ico kunywa.
22 for you will heap coals of fire on his head, and our Father will reward you. Uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe, kandi Uhoraho azobiguhera impera.
23 The north wind brings forth rain, and a secretive tongue, angry looks. Nk’uko umuyaga uturuka mu buraruko uzana imvura, ni ko ururimi ruvuga urusaku rutera kwiraburanirwa.
24 It is better to live in a corner of the rooftop than in a shared house with a quarrelsome wife. Wopfuma wibana mu mfuruka y’igisenge c’inzu, hako ubana mu nzu nziza n’umugore w’intonganya.
25 Like cold water to a weary soul is good news from a distant land. Nk’uko amazi apfutse amerera umuntu anyotewe, ni ko inkuru nziza ivuye kure imera.
26 Like a muddied spring or a polluted fountain is a righteous person who gives way before the wicked. Umugororotsi ahendwa n’umunyakibi akifatanya na we aba ameze nk’iriba ritobwe canke ryuzuyemwo isuri.
27 It is not good to eat too much honey, nor to seek your own glory. Si vyiza kurya ubuki bwinshi kandi si vyiza ko umunyacubahiro arondera ko bakimuha.
28 Like a city broken into and left without walls is a person who has no control over his own spirit. Umuntu adashobora kwirinda ishavu ameze nk’igisagara gifise inzitiro zasenyutse.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]