Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 26 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Like snow in summer and like rain at harvest, honor is not fitting for a fool. Nk’uko shelegi itabereye kugwa mu ci canke imvura mw’iyimbura, ni ko icubahiro kidakwiye igipfu.
2 Like a fluttering sparrow or a darting swallow, an undeserved curse does not come to rest. Nk’uko intamba iguruka kandi nk’uko inyamanza iguruka, ni ko umuvumo uvumiwe ubusa umera.
3 A whip for the horse, a bridle for the donkey, and a rod for the backs of fools. Nk’uko ikimoko kibereye ifarasi, n’umujiginya ukabera indogoba, ni ko umugongo w’igipfu ubereye inkoni.
4 Do not answer a fool according to his foolishness, or you yourself will be like him. Ntugasubize igipfu ibihwanye n’ubupfu bwaco, ahandi ho uzoba ubaye nka co.
5 Answer a fool according to his foolishness, or he will be wise in his own eyes. Ariko uze wishure igipfu ibigaragaza ubupfu bwaco, kugira ngo nticigire umunyabwenge.
6 Whoever sends a message through a fool cuts off his own feet and drinks down violence. Kurungikana ubutumwa igipfu ni nko kwica ukuguru canke kunywa uburozi.
7 Like the legs of a lame man hanging useless is a proverb in the mouth of fools. Amajambo y’ubwenge mu kanwa k’igipfu, ni nk’ukuguru kuvunitse gusigaye kurereta ata co kumaze.
8 Like binding a stone in a sling is giving honor to a fool. Guha icubahiro igipfu ni nko kubohera ibuye ku mugozi
9 Like a thornbush in the hand of a drunkard is a proverb in the mouth of fools. Umugani uciwe n’igipfu umeze nk’ihwa rihanda mu kigaza c’imborerwa.
10 Like an archer who wounds everyone is one who hires a fool or hires any passerby. Uwuha akazi igipfu canke uwuhita wese ameze nk’uwupfa kurasa mu bantu.
11 As a dog returns to its vomit, so a fool repeats his foolishness. Nk’uko imbwa isubira ku vyo yadashwe, ni ko igipfu gisubiramwo ubupfu bwaco.
12 Do you see someone wise in his own eyes? There is more hope for a fool than for him. Igipfu gifise amahirwe kurusha uwibaza ko ari umunyabwenge kandi atari we.
13 The lazy person says, "There is a lion in the road! A lion in the streets!" Umunyabute avuga ati: “Hari intare mu nzira, intare y’inkazi iriko iratontoma mu nzira!”
14 As a door turns on its hinges, so the lazy person turns on his bed. Nk’uko urugi rwizungurutsa ku mapata yarwo ni ko umunebwe yihindukiza ku buriri bwiwe.
15 The lazy person buries his hand in the dish; it wearies him to bring it back to his mouth. Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani, ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.
16 The lazy person is wiser in his own eyes than seven who answer wisely. Umunyabute yibwira ko ari umunyabwenge kurusha abantu indwi bashobora kwishurana ubwenge.
17 Like grabbing a dog by the ears is a passerby who meddles in a quarrel not his own. Umuntu ari ku nzira arengana akisuka mu bihari bitamwerekeye ameze nk’umuntu afashe imbwa amatwi.
18 Like a madman shooting firebrands, arrows, and death, Umuntu abesha mugenziwe, agaca yivugira ati: “Nariko ndatebura,”
19 so is the one who deceives his neighbor and says, "I was only joking!" ameze nk’uwurasa ibishirira canke imyampi yica mu bantu.
20 Without wood a fire goes out, and without a gossip a quarrel dies down. Nk’uko iyo inkwi ziheze, umuriro uzima, ni ko n’iyo ata rusaku ruhari ibihari bihera.
21 As charcoal to embers and wood to fire, so a quarrelsome person kindles strife. Nk’uko urubeya rufatisha amakara canke inkwi, ni ko uwukunda gutongana atangura ibihari.
22 The words of a gossip are like choice morsels; they sink down into the inmost parts. Amajambo y’urusaku ameze nk’ivyokurya biryoshe; aramanuka agashika i bwina mu mutima w’umuntu.
23 Like a glaze covering an earthen pot are smooth lips with an evil heart. Amajambo meza ava mu mutima mubi ameze nk’umuringa w’ifeza ushizwe ku nkono y’ibumba.
24 An enemy disguises himself with his lips, but in his heart he harbors deceit. Umwankanyi yihisha inyuma y’amajambo yiwe aryoshe, ariko umutima wiwe urimwo inama z’ubuhemu.
25 When he speaks graciously, do not believe him, for seven abominations fill his heart. Naho amajambo yiwe aryohera amatwi, ntukamwizere; umutima wiwe wuzuye ubuyobe.
26 Though his hatred is hidden by deceit, his wickedness will be exposed in the assembly. Naho yogenda arabesha ahisha uburyarya bwiwe, ibikorwa bibi vyiwe bizoja ku mugaragaro.
27 Whoever digs a pit will fall into it, and a stone rolls back on the one who rolls it. Uwimbira ikinogo uwundi ni we azokigwamwo; kandi uwuzotembagariza ikibuye ku wundi, ni we kizofyonyora.
28 A lying tongue hates those it crushes, and a flattering mouth works ruin. Ururimi rubesha rwanka abo rubabaza, kandi akanwa kavuga ibinyomya karasenyura.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]