Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Do not boast about tomorrow, for you do not know what a day may bring. Ntukishimire ivy’ejo, kuko nta wumenya ivyo haramukana.
2 Let someone else praise you, and not your own mouth; a stranger, and not your own lips. Uzoshimwe n’uwundi, atari akanwa kawe; azobe uwo hanze, atari iminwa yawe.
3 A stone is heavy and the sand a burden, but a fool's provocation is heavier than both. Ibuye riraremereye, kandi umusenyi ugira ibilo vyinshi, ariko ugusotora kw’igipfu kuremera gusumba ivyo vyompi.
4 Wrath is cruel and anger is overwhelming, but who can stand before jealousy? Ishavu ni umwicanyi, kandi uburake butwara nk’umukuba w’uruzi; ariko ni nde yohagarara imbere y’ishari?
5 Open rebuke is better than love that stays hidden. Gukeburirwa ahabona kuruta urukundo rwinyegeje.
6 A friend's wounds are faithful, but an enemy's kisses are deceitful. Umukunzi agukomeretsa aba ari uwo kwizigira, ariko ukugumbirana kw’umwansi ni agahemo gasa.
7 A well-fed person tramples honeycomb, but to the hungry even what is bitter tastes sweet. Ku wuhimvye ubuki burabiha, ariko ku wushonje n’ibirura birasosa.
8 A man who strays from his home is like a bird that strays from its nest. Uwangarira kure y’i muhira ameze nk’inyoni iyererera kure y’icari.
9 Oil and incense gladden the heart, and the sweetness of a friend comes from heartfelt counsel. Ibimota neza binezera umutima, nayo ibinezero vy’umugenzi bikava ku mutima umuhanura neza.
10 Do not forsake your friend or your father's friend, and do not go to your brother's house when disaster strikes; better a neighbor nearby than a brother far off. Ntugahebe umugenzi wawe canke umugenzi w’umuryago wawe, kandi ntukaje ku ncuti yawe ku musi ivyago biguteye, kuko umubanyi wa hafi asumba incuti ya kure.
11 Be wise, my son, and make my heart glad, so that I can answer anyone who taunts me. Gira ubwenge, mwana wanje, maze uhimbare umutima wanje; ni ho nzoronka ico nishura abantuka.
12 The prudent sees danger and takes cover, but the simple keep going and pay the price. Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga, ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.
13 Take the garment of one who puts up security for a stranger; hold it as collateral when he does so for a foreign woman. Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi, ufate ingwati y’uwishinze abahita.
14 Whoever blesses his neighbor with a loud voice early in the morning, it will be taken as a curse. Nihagira uwuzinduka guhezagira mugenziwe n’ijwi rirenga, ico kizomubera nk’umuvumo.
15 A quarrelsome wife is like a constant dripping on a rainy day. Ivano riguma ritonyanga ku musi imvura yirijeko ni nk’umugore atongana.
16 Restraining her is like restraining the wind, or grasping oil with the right hand. Kumutesha ni nko kugumya umuyaga, canke kugumya amavuta mu kiganza.
17 Iron sharpens iron, and one person sharpens another. Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma; ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.
18 Whoever tends a fig tree will eat its fruit, and whoever guards his master will be honored. Uwututurira umusukoni azorya ivyamwa vyawo; kandi uwukingira shebuja azohabwa icubahiro.
19 As water reflects the face, so the heart reflects the person. Nk’uko umuntu abona ishusho yiwe mu mazi; ni ko ubuzima bw’umuntu bwerekana umutima wiwe.
20 The grave and Destruction are never satisfied, and a person's eyes are never satisfied. Uko Rupfu na Muranduzi batigera bahaga; ni ko n’amaso y’abantu ameze.
21 The crucible is for silver and the furnace for gold, and a person is tested by the praise he receives. Ifeza n’inzahabu bitunganywa n’umuriro, ariko umuntu asuzumwa n’ugushimagizwa.
22 Though you grind a fool in a mortar with a pestle, along with the grain, his foolishness will not leave him. Naho wosekura igipfu mw’isekuro, ukakinoza nk’uwusekuza ingano umuhini, ntiwogikuramwo ubupfu bwaco.
23 Know well the condition of your flocks, and give careful attention to your herds. Gira umwete wo kumenya ibitungwa vyawe ingene vyifashe; umenye neza amasho yawe ingene ameze
24 For riches do not last forever, nor does a crown endure to every generation. kuko ubutunzi ntibwamaho, nk’uko urugori rutamaho uko urunganwe rugenda rukurikirana.
25 When the grass is gone and the new growth appears and the mountain herbs are gathered, Ubwatsi bumaze gutemwa haza ubundi, ubwo ku misozi bukegeranywa,
26 the lambs will provide your clothing, and the goats will provide the price of a field; imyagazi yawe izokwambika, kandi impene zawe zizokugurira itongo.
27 and there will be enough goats' milk for your food, for the food of your household and to sustain your servant girls. Uzokamira umuryango wawe amata y’impene akwiye, agutungire incoreke zawe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]