Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The wicked flee when no one pursues, but the righteous are as bold as a lion. Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, ariko umugororotsi arinda nk’intare.
2 When a land rebels, it has many rulers, but with a man of understanding and knowledge, it stays stable. Iyo igihugu kigumutse kiganzwa na benshi, ariko umutware afise ubwenge abungabunga umutekano.
3 A poor man who oppresses the helpless is like a driving rain that leaves no food. Umutware acinyiza aboro ameze nk’imvura y’isegenya idasiga igiterwa inyuma.
4 Those who forsake the law praise the wicked, but those who keep the law strive against them. Abataye ivyagezwe bashira hejuru abanyakibi, ariko abavyubaha barabagwanya.
5 Evil people do not understand justice, but those who seek our Father understand it fully. Inkozi z’ibibi ntizitahura ibibereye, ariko abarondera Uhoraho batahura vyose.
6 Better is a poor man who walks with integrity than a rich man crooked in his ways. Umukene agendera mu bugororotsi aruta umutunzi w’indyarya.
7 Whoever keeps the law is a son with understanding, but a companion of gluttons shames his father. Umunyabwenge wese yumvira ivyagezwe, ariko uwugendana n’abakunzi b’inda atetereza se.
8 Whoever multiplies his wealth by interest and unjust gain gathers it for one who is generous to the poor. Uwigwiriza ubutunzi mu kwaka inyungu y’umurengera ku vyo aguranye umukene, abwegeraniriza uwundi azofasha aboro.
9 If anyone refuses to listen to the law, even his prayer is detestable. Uwanka kwumva ivyagezwe, amasengesho yiwe aba igisesema.
10 Whoever leads the upright astray down an evil path will fall into his own pit, but the blameless will inherit good things. Uwuzimiza umugororotsi agaca mu nzira mbi ni we agwa mu mutego, ariko inyankamugayo izoragwa ivyiza.
11 A rich man is wise in his own eyes, but a poor man with understanding sees right through him. Umutunzi yigira umunyabwenge mu vyiyumviro vyiwe; ariko umukene w’umunyabwenge aramuhinyura.
12 When the righteous triumph, there is great glory, but when the wicked rise, people go into hiding. Iyo abagororotsi banesheje haba umunezero mwinshi, ariko iyo umunyakibi ashizwe hejuru, abantu bose barinyegeza.
13 Whoever conceals his sins will not prosper, but whoever confesses and turns from them will find mercy. Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira, ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.
14 Blessed is the one who always remains reverent, but whoever hardens his heart will fall into calamity. Hahiriwe umuntu yama ahindira agashitsi imbere y’Uhoraho, ariko abakomantaza imitima bazogwa mu vyago.
15 Like a roaring lion or a charging bear is a wicked ruler over a helpless people. Uko intare itontoma ihiga idubu ni ko umutware mubi amerera abakene.
16 A ruler who lacks understanding is a cruel oppressor, but whoever hates unjust gain will prolong his days. Umutware atagira ugutahura aracinyiza, uwanka amaronko mabi azorambira ku ngoma.
17 A man weighed down by the guilt of bloodshed will be a fugitive until death; let no one support him. Uwubujijwe amahororo n’amaraso yasheshe ahungira mu mva; ntimuze mumutangire.
18 Whoever walks in integrity will be kept safe, but whoever is crooked in his ways will suddenly fall. Inyankamugayo izorokorwa mu vyago, ariko uwugoramika inzira ziwe azogwa mu rwobo.
19 Whoever works his land will have plenty of bread, but whoever chases empty pursuits will have plenty of poverty. Uwurima itongo ryiwe azoronka umwimbu mwinshi, ariko uwirukira ibitagira ikimazi azohaga ubukene.
20 A faithful man will abound with blessings, but whoever rushes to get rich will not go unpunished. Umwizigirwa azokwuzuzwa imigisha, ariko uwihutira kuronka ubutunzi ntazobura guhanwa.
21 Showing partiality is not good, yet for a piece of bread a man will do wrong. Kurenganya si vyiza; ariko hariho abarya igiturire c’umukate.
22 A stingy man rushes after wealth and does not know that poverty will overtake him. Uwipfuza ivy’abandi yihutira gutunga, kandi ntamenya ko ubukene bumurindiriye.
23 Whoever rebukes a man will in the end find more favor than one who flatters with his tongue. Uwuhanura mugenziwe azobimushimira, gusumvya uwumushigikira mu gahemo.
24 Whoever robs his father or mother and says, "It is no sin," is a companion to one who destroys. Uwusahura se na nyina akibwira ati: “Nta co bitwaye,” ni umugenzi w’umuranduzi.
25 A greedy man stirs up strife, but whoever trusts in our Father will be enriched. Uwipfuza ivy’abandi atera umuvurungano, ariko uwizigira Uhoraho aratera imbere.
26 Whoever trusts in his own heart is a fool, but whoever walks in wisdom will be kept safe. Uwiyizigira ubwiwe ni igipfu, ariko uwugendana ubwenge asimba ivyago.
27 Whoever gives to the poor will lack nothing, but whoever closes his eyes to them will receive many curses. Uwugaburira aboro nta co azobura, ariko uwubiyobagiza azokwuzurako imivumo.
28 When the wicked rise, people go into hiding, but when they perish, the righteous flourish. Iyo umunyakibi agiye ku butegetsi abantu barinyegeza, ariko iyo umunyakibi apfuye, abagororotsi baragwira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]