Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Whoever is often corrected yet refuses to listen will suddenly be broken beyond healing. Uwugamika izosi akanka guhanurwa, azovunagurwa vuba, ata gitabara.
2 When the righteous flourish, the people rejoice, but when the wicked rule, the people groan. Iyo abagororotsi bagiye ku butegetsi, abantu baranezerwa; ariko iyo umunyakibi atwaye, abantu baraboroga.
3 A man who loves wisdom brings joy to his father, but a companion of prostitutes squanders his wealth. Uwukunda ubwenge azanira umunezero se, ariko uwugendana n’abasambanyi yisesagurirako itunga ryiwe.
4 By justice a king gives a land stability, but one who is greedy for bribes tears it down. Iyo umwami aca izibereye, aha impore igihugu, ariko uwukunda ibiturire aragitabagura.
5 A man who flatters his neighbor spreads a net for his feet. Uwuhenda umubanyi wiwe aba ateze umutego ibirenge vyiwe.
6 An evil man is snared by his own sin, but the righteous sing and rejoice. Umunyakibi agwa mu mitego yiwe, ariko umugororotsi araririmba akanezerwa.
7 The righteous care about justice for the poor, but the wicked have no such understanding. Umugororotsi yitwararika gucira abakene iziroranye, ariko umunyakibi nta bwenge bwo kubimenya agira.
8 Mockers set a city ablaze, but the wise calm the anger. Abacokoranyi bagumura igisagara, ariko abanyabwenge bakuraho uburake.
9 When a wise man goes to court with a fool, the fool rages and scoffs, and there is no peace. Iyo umunyabwenge ajanye ikijuju imbere y’intahe, gishobora kuraka canke kigatwenga, nta co abikuramwo.
10 The bloodthirsty hate the blameless and seek to kill the upright. Abasesa amaraso banka inyankamugayo, kandi bica abagororotsi.
11 A fool vents all his anger, but a wise man holds it back and keeps himself calm. Igipfu cirata uburake bwaco, ariko umunyabwenge arabuhwamika.
12 If a ruler listens to lies, all his officials become wicked. Iyo umutegetsi yumvirije ibinyoma, abatware biwe bose baba babi.
13 The poor man and the oppressor have this in common: our Father gives sight to the eyes of both. Umukene n’uwumucinyiza bafise ico bahurirako: Uhoraho ni we aha amaso yabo bompi kubona.
14 If a king judges the poor with fairness, his throne will be established forever. Umwami niyacira izibereye abakene, inganji yiwe izohoraho.
15 The rod and a word of correction give wisdom, but a child left to himself brings shame to his mother. Inkoni yo guhana itanga ubwenge, ariko umwana atarezwe amaramaza nyina.
16 When the wicked flourish, wrongdoing flourishes, but the righteous will see the wicked's downfall. Iyo umunyakibi ateye imbere, n’icaha ni uko, ariko umugororotsi azokwihweza ukugwa kwiwe.
17 Discipline your son, and he will give you peace; he will bring delight to your heart. Toza indero umwana wawe, na we azoguha amahoro; azonezereza umutima wawe.
18 Where there is no revelation, the people run wild, but blessed is the one who keeps the law. Iyo ata yerekwa rihari, abantu barazimira; ariko hahiriwe umuntu agendera mu vyagezwe.
19 A servant cannot be corrected by words alone; though he understands, he will not obey. Umukozi ntakosorwa n’amajambo gusa, n’iyo yumvise ico abwiwe ntagishirako umutima.
20 Do you see a man who is hasty with his words? There is more hope for a fool than for him. Hari ivyizigiro ku muntu w’igipfu, kurusha uwuvuga atiyumviriye.
21 Pamper a servant from childhood, and in the end he will become like an heir. Uwufyinisha umukozi wiwe akiri muto, amutera kugira iherezo ribi.
22 An angry man stirs up strife, and a hot-tempered man commits many sins. Uwihuta kuraka atera imivurungano, kandi uwukaza ishavu akora ivyaha vyinshi.
23 A man's pride brings him low, but a humble spirit gains honor. Ubwirasi bw’umuntu bumusubiza hasi, ariko uwicishije bugufi arubahwa.
24 An accomplice of a thief is his own enemy; he hears the curse but says nothing. Uwifatanya n’umusuma aba yiyanka, urahira ko uvuga ukuri, kandi utari bukuvuge.
25 Fear of man lays a snare, but whoever trusts in our Father is kept safe. Gutinya abantu bita mu mutego, ariko abizera Uhoraho barawusimba.
26 Many seek a ruler's favor, but justice for a person comes from our Father. Abantu benshi barondera kwakirwa n’umutware, ariko gucirwa iziroranye bitangwa n’Uhoraho.
27 An unjust man is detestable to the righteous, and an upright person is detestable to the wicked. Abagororotsi banka uburyarya, ariko abanyakibi banka abubaha Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]