Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The king's heart is a stream of water in our Father's hand; he turns it wherever he pleases. Umutima w’umwami ni nk’umugende mu minwe y’Uhoraho; awurongorera iyo ashatse.
2 Every way of a person seems right in their own eyes, but our Father weighs the heart. Umuntu yama yibwira ko ingeso ziwe ari nziza, ariko Uhoraho ni we asesa imitima.
3 To do what is right and just is more pleasing to our Father than sacrifice. Gukora ibigororotse n’ibibereye ni vyo vyemerwa n’Uhoraho gusumba ibimazi.
4 Haughty eyes and a proud heart—the lamp of the wicked—are sin. Amaso y’ubwishime n’umutima w’ubwibone ni vyo tara ry’abanyakibi, kandi vyose ni ivyaha.
5 The plans of the diligent lead surely to abundance, but all who are hasty end up in poverty. Imigambi y’umunyamwete imushikana ku nyungu, nk’uko uwihutira guca mu nzira za hafi arangiriza mu bukene.
6 Making a fortune by a lying tongue is a fleeting vapor, a deadly trap. Ubutunzi umuntu aronkesheje akarimi kabesha ni umwotsi utumuka, ni umutego wica.
7 The violence of the wicked will drag them away, because they refuse to do what is just. Indyane z’abanyakibi zizobahitana, kuko banka gukora ibitunganye.
8 The way of the guilty is crooked, but the conduct of the pure is upright. Inzira z’abagirizwa ivyaha ziragoramanze, ariko ingeso z’abagororotsi ziratunganye.
9 Better to live in a corner of the roof than in a shared house with a quarrelsome wife. Wopfuma wibana mu mfuruka y’igisenge c’inzu, hako ubana mu nzu nziza n’umugore w’intonganya.
10 The soul of the wicked craves evil; their neighbor finds no mercy in their eyes. Umunyakibi yama yipfuza ikibi, kandi ababanyi biwe nta mpuhwe abagirira.
11 When a mocker is punished, the simple grow wise; when the wise are instructed, they gain knowledge. Iyo umucokoranyi ahanywe, ibijuju bica bica ubwenge; iyo umunyabwenge yigishijwe na ho, aronka ubumenyi.
12 Our Father, the Righteous One, observes the house of the wicked and brings the wicked to ruin. Uwera yamiza ijisho ku nzu y’umunyakibi, kandi ni na we amutera ivyago.
13 Whoever shuts their ears to the cry of the poor will also cry out and not be answered. Umuntu niyica amatwi hari umukene amuririra, hazogera igihe na we arire abure uwumwumva.
14 A gift given in secret soothes anger, and a bribe slipped into the cloak calms strong wrath. Ingabire yo mw’ibanga ihwamika uburake, kandi ingabire ihishijwe mu mutamana ihwamika ishavu ryinshi.
15 When justice is done, it is a joy to the righteous but terror to those who do evil. Urubanza ruciwe neza ruzanira umunezero umugororotsi, ariko inkozi y’ikibi ruyitera ubwoba.
16 A person who strays from the way of understanding will rest in the assembly of the dead. Umuntu ajuragirika akava mu nzira ziroranye, azoruhukira mw’ikoraniro ry’abapfuye.
17 Whoever loves pleasure will become poor; whoever loves wine and oil will never grow rich. Uwukunda kwinezereza azokena; kandi uwukunda umuvinyu n’ibindi vy’agaciro ntazigera atunga.
18 The wicked become a ransom for the righteous, and the treacherous for the upright. Umunyavyaha ahanwa mu gishingo c’umugororotsi, abahemu na bo bagahanwa mu gishingo c’intungane.
19 Better to live in a desert land than with a quarrelsome and complaining wife. Kwibera mu bugaragwa biruta kubana n’umugore atongana, yuzuye imyidodombo.
20 Precious treasure and oil are in the home of the wise, but a fool devours all he has. Mu nzu y’umunyabwenge habayo ubutunzi bw’agaciro n’amavuta ya elayo, ariko igipfu cimarirako ivyo gifise.
21 Whoever pursues righteousness and faithful love will find life, righteousness, and honor. Uwukurikirana kugororoka no kugira urukundo aronka ubuzima, kugubwa neza n’icubahiro.
22 A wise person scales the city of the mighty and brings down the stronghold they trust in. Umunyabwenge atera igisagara c’abanyenkomezi, agasenyagura inzitiro bari bishimiye.
23 Whoever guards their mouth and tongue keeps themselves out of trouble. Uwurinda umunwa wiwe n’ururimi rwiwe aba yirinze amakuba.
24 "Mocker" is the name of the proud and arrogant who acts with outrageous insolence. Uwibona akishira hejuru bamwita “Mucokoranyi”. Agendana ubwirasi burimwo n’ubwibone.
25 The craving of a lazy person kills him, for his hands refuse to work. Umunyabute yicwa no kwipfuza, kuko ata co ahereza amaboko.
26 All day long the craving grows, but the righteous give and do not hold back. Hariho abamana ukwipfuza kuronka vyinshi, ariko umugororotsi we atanga atisigariza.
27 The sacrifice of the wicked is detestable—how much more when brought with evil intent. Ikimazi c’umunyakibi ni igisesema, na canecane iyo gishikanywe mu ntumbero mbi.
28 A false witness will perish, but whoever listens will testify with lasting effect. Icabona c’ibinyoma kizopfa, kandi uwumutega amatwi wese azorandurwa ibihe vyose.
29 The wicked put on a bold face, but the upright give thought to their ways. Umunyakibi yiraburanirwa mu maso, umugororotsi ariyumvira imbere yo kugira ico akora.
30 There is no wisdom, no understanding, no counsel that can stand against our Father. Nta bwenge, nta gutahura, nta n’umugambi wo kugwanya Uhoraho worama.
31 The horse is made ready for the day of battle, but victory belongs to our Father. Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara, ariko intsinzi ni iy’Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]