Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Wine is a mocker, strong drink a brawler, and whoever staggers under it is not wise. Umuvinyu uzana ugucokorana, inzoga zigatera uruyogoyogo; uwo bihubisha inzira ntagira ubwenge.
2 The terror of a king is like the growl of a lion; whoever provokes him to anger forfeits his own life. Uburake bw’umwami ni nk’ugutontoma kw’intare; uwumushavuza aba akwegeye ubuzima bwiwe.
3 It is an honor for a person to keep clear of strife, but every fool is quick to quarrel. Uwirinda ibihari aba yihesheje icubahiro, ariko igipfu cihutira gutongana.
4 A lazy person will not plow in autumn; so at harvest he looks for a crop and finds nothing. Umunebwe wa cane abuzwa n’imbeho kurima, ariko iyimbura rigeze, azosega abure.
5 The purposes of a person's heart are deep waters, but one who has understanding draws them out. Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo mw’iriba; umutima ufise ugutahura ni wo uyiroba.
6 Many a person proclaims his own loyal love, but a faithful one—who can find? Abenshi bavuga ko ari abakunzi b’ukuri, ariko umwizigirwa w’ukuri umuntu yomukura he?
7 The righteous walk in their integrity; blessed are their children after them! Uwubaha Imana agendera mu bwizigirwa; hahiriwe abana bazomukomokako.
8 A king seated on the throne of judgment winnows out all evil with his eyes. Iyo umwami yicaye ku ntebe y’imanza, agosoza ijisho ryiwe ikibi n’iciza.
9 Who can say, "I have kept my heart pure; I am cleansed from my sin"? Ni nde yovuga ati: “Narejeje umutima wanje, narawutyoroye, nta caha mfise?”
10 Unequal weights and unequal measures—our Father detests them both. Iminzane idakwiye n’ingero zidakwiye, Uhoraho abizinukwa vyompi.
11 Even a child is known by his actions, by whether his conduct is pure and upright. Mbere n’umwana amenyekanira ku vyo akora, bikerekana ko azoba uwutunganye, agororotse.
12 The hearing ear and the seeing eye—our Father made them both. Amatwi yumva n’amaso abona, vyompi ni Uhoraho yabiremye.
13 Do not love sleep, or you will grow poor; open your eyes, and you will have plenty of bread. Ntugakunde agatiro, ahandi ho uzoba umukene; wame maso, ni ho uzogira indya mu kigega.
14 "Worthless, worthless!" says the buyer—then off he goes and boasts of his bargain. Umuguzi yama avuga ati: “Birazimvye, birazimvye”; ariko yarengana akishima ko asumye neza.
15 There is gold and an abundance of jewels, but lips that speak knowledge are a rare treasure. Hariho inzahabu n’amabuye y’agaciro menshi, ariko iminwa ivuga ivy’ubwenge ifise agaciro kurusha ivyo vyose.
16 Take the garment of one who puts up security for a stranger; hold it as a pledge when he does so for foreigners. Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi, ufate ingwati y’uwishinze abahita.
17 Bread gained by deceit tastes sweet, but afterward the mouth is full of gravel. Umukate wibwe urasosa, ariko mu nyuma uhinduka nk’umusenyi mu kanwa.
18 Plans are established by counsel; so wage war only with wise guidance. Uzosabe impanuro niwagira umugambi, kandi niwaja mu ntambara ube ufise impanuro z’ubwenge.
19 A gossip betrays a confidence; so do not keep company with a babbler. Imvuzi igenda iramena ibanga; uze wirinde kwifatanya n’uwitoraguza.
20 Whoever curses his father or mother—his lamp will be snuffed out in deepest darkness. Uwuvuma se na nyina itara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.
21 An inheritance gained too quickly at the start will not be blessed in the end. Iragi umuntu aronse vuba na vuba iherezo ryaryo ntiribamwo umugisha.
22 Do not say, "I will pay back evil for evil." Wait for our Father, and he will deliver you. Ntuzovuge uti: “Nzokwihora ikibi nagiriwe!” Rorera Uhoraho, na we azoguhora.
23 Our Father detests unequal weights, and dishonest scales are no good. Uhoraho azinukwa iminzane iziritse, kandi iminzane iziritse ni igisesema kuri we.
24 A person's steps are directed by our Father; how then can anyone understand his own way? Intambuko z’umuntu zirongorwa n’Uhoraho. Mbega none umuntu yotahura inzira yiwe gute?
25 It is a trap to rashly dedicate something and only later reconsider the vow. Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego, kuko amara kurahira hanyuma akicuza.
26 A wise king winnows out the wicked and drives the threshing wheel over them. Umwami w’ubwenge asekura abanyakibi nk’uwusekura ingano, akabagosoza urutaro.
27 The human spirit is the lamp of our Father, searching every inmost part. Itara ry’Uhoraho rimurika mu mutima w’umuntu, rigasesa ivyinyegeje muri wo.
28 Loyal love and faithfulness preserve a king; by loyal love his throne is upheld. Urukundo n’ubwizigirwa ni vyo biha umwami kuba amahoro, kandi mu rukundo ni ho inganji yiwe ikomerera.
29 The glory of the young is their strength, but the splendor of the old is gray hair. Icubahiro c’umusore ni inkomezi ziwe, imvi na zo ni ryo teka ry’umutama.
30 Wounding blows scrub away evil, and beatings cleanse the inmost parts. Ibikomere n’inguma bikuraho ikibi, kandi gukubitwa bigorora ingeso.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]