Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Better is a poor person who walks in his integrity than one whose words are crooked and is a fool. Wopfuma uba umukene uri inyankamugayo hako uba igipfu akanwa kaco kuzuye amajambo y’ibinyoma.
2 Also, desire without knowledge is not good, and whoever acts in haste misses the way. Si vyiza kugira ishaka ritarimwo ubwenge, canke kwihuta hanyuma umuntu agahusha inzira.
3 A person's own foolishness ruins his way, yet his heart rages against our Father. Ubupfu bw’umuntu ni bwo bwonona ubuzima bwiwe, ariko umutima wiwe ukarakarira Uhoraho.
4 Wealth adds many friends, but the poor is separated from his friend. Ubutunzi bukwega abagenzi benshi, ubukene bugatuma abagenzi benshi bahunga.
5 A false witness will not go unpunished, and one who breathes out lies will not escape. Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, kandi uwuvuga ibinyoma ntazogenda atabihaniwe.
6 Many seek the favor of a generous person, and everyone is a friend to one who gives gifts. Abantu benshi barondera kugirirwa ubuntu n’umutware, kandi umuntu wese yipfuza kuba umugenzi w’uwutanga ingabire.
7 All the brothers of a poor person hate him; how much more do his friends keep far from him! He calls after them, but they are gone. Ko umukene akengerwa n’abiwe, mbega abagenzi biwe bobo ntibazorushiriza kumwigira kure? Naho umukene abarondera abinginga, nta na hamwe ababona.
8 Whoever gets wisdom loves his own soul; whoever guards understanding will find good. Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe, kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.
9 A false witness will not go unpunished, and one who breathes out lies will perish. Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, kandi uwuvuga ibinyoma azorandurwa.
10 Luxury is not fitting for a fool—much less for a servant to rule over princes. Igipfu ntigikwiye kuba mu bikayangana, nk’uko umugurano adakwiye kuganza abaganwa.
11 The good sense of a person makes him slow to anger, and it is his glory to overlook an offense. Ubwenge bw’umuntu ni bwo bumutera kutihutira kuraka, kandi kwirengagiza inabi yagiriwe bimuhesha icubahiro.
12 A king's wrath is like the roaring of a lion, but his favor is like dew on the grass. Uburake bw’umwami bumeze nk’ugutontoma kw’intare, ariko ubuntu bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi.
13 A foolish son is ruin to his father, and a wife's quarreling is a continual dripping. Umwana w’igipfu ni icago kuri se, kandi umugore atongana ameze nk’amama atonyanga y’inzu iva.
14 House and wealth are an inheritance from one's ancestors, but a prudent wife is from our Father. Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi, ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.
15 Laziness casts into deep sleep, and an idle person will go hungry. Ubute bukwega itiro ryinshi, kandi umunebwe yicwa n’inzara.
16 Whoever keeps the commandment keeps his life; whoever despises his ways will die. Uwumvira impanuro azigama ubuzima bwiwe, ariko uwuzigaya aja mu rupfu.
17 Whoever is generous to the poor lends to our Father, and our Father will repay him for his deed. Uwufashije umukene aba aguranye Uhoraho, kandi azomusubiza ivyo yatanze.
18 Discipline your son while there is hope, and do not set your heart on his destruction. Uzotoze indero umwana wawe akiri muto, kuko harimwo ivyizigiro ariko ntuzomuhanire kumwica.
19 A person of great wrath must pay the penalty; for if you rescue him, you will only have to do it again. Uwihutira kugira ishavu azobihanirwa, kandi iyo utamuhanye, uba umuteye kubikora kenshi.
20 Listen to counsel and accept discipline, that you may gain wisdom in the days to come. Wumvirize impanuro kandi wemere kwigishwa, ni ho uzoba umunyabwenge.
21 Many are the plans in a person's heart, but it is the counsel of our Father that will stand. Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi, ariko integuro z’Uhoraho ni zo zirama.
22 What is desired in a person is covenant love, and a poor person is better than a liar. Ubwizigirwa bw’umuntu ni bwo bumutera gukundwa; none rero wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.
23 The fear of our Father leads to life, and whoever has it rests satisfied, untouched by harm. Ukwubaha Uhoraho bishikana mu bugingo: uwumwubashe agubwa neza, nta kibi kimuzako.
24 The sluggard buries his hand in the dish and will not even bring it back to his mouth. Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani, ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.
25 Strike a mocker, and the simple will learn prudence; reprove a person of understanding, and he will gain knowledge. Niwakubita umucokoranyi, ibijuju bizomenya kwitonda, kandi niwakankamira umunyabwenge azokwongereza ubumenyi.
26 Whoever does violence to his father and drives away his mother is a son who brings shame and disgrace. Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina, yikwegera isoni n’ibimaramare.
27 Stop listening to instruction, my son, and you will stray from the words of knowledge. Mwana wanje, niwaheba kwigishwa, uzoba uteye umugongo ubumenyi.
28 A worthless witness mocks at justice, and the mouth of the wicked gulps down wickedness. Icabona iyo kiriye igiturire gituma ubutungane butituka, kandi akanwa k’umunyakibi kayongobeza ikibi.
29 Punishment is prepared for mockers, and beatings for the backs of fools. Ibihano biraririye abacokoranyi, n’inkoni ziraririye umugongo w’ibipfu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]