Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A wise son heeds his father's instruction, but a scoffer does not listen to rebuke. Umwana w’ubwenge yumviriza inyigisho za se, ariko umwana atagira indero ntiyemera gukosorwa.
2 From the fruit of his mouth a person enjoys good things, but the appetite of the treacherous is for violence. Umuntu anezerererwa ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe, ariko abahemu bipfuza cane umuryano.
3 Whoever guards his mouth protects his life, but one who opens his lips wide comes to ruin. Abazigama iminwa yabo baba barinze ubuzima bwabo, ariko abavuga batiyumviriye bikwegera uguhona.
4 The lazy person craves and gets nothing, but the appetite of the diligent is richly satisfied. Umunebwe aripfuza mugabo nta co aronka, ariko umunyamwete azoshitsa ivyipfuzo vyiwe vyose.
5 The righteous hates falsehood, but the wicked brings shame and disgrace. Umugororotsi yanka ububeshi, ariko umunyakibi akengereza abandi akikwegera isoni n’agasuzuguro.
6 Righteousness guards the one whose way is blameless, but wickedness overthrows the sinner. Ubugororotsi buzigama umwizigirwa, ariko umunyakibi azimizwa n’icaha.
7 One person pretends to be rich, yet has nothing; another pretends to be poor, yet has great wealth. Hari uwigira umutunzi kandi ata co afise, uwundi akigira umukene kandi atunze cane.
8 A person's wealth may ransom his life, but the poor hears no threat. Umutunzi ashobora gutanga ivyo gucungura amagara yiwe, ariko umukene ntiyitaho n’ibimutera ubwoba.
9 The light of the righteous shines joyfully, but the lamp of the wicked will be snuffed out. Ubuzima bw’umugororotsi bwuzuye umuco n’umunezero, ariko itara ry’umunyakibi ririko rirazima.
10 Arrogance breeds nothing but strife, but wisdom is with those who seek advice. Ubwibone bukwega amatati, ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.
11 Wealth gained by fraud dwindles away, but whoever gathers little by little makes it grow. Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga, ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
12 Hope deferred makes the heart sick, but desire fulfilled is a tree of life. Iyo ivyitezwe bitevye, umutima uragwara, ariko icipfujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubuzima.
13 Whoever despises the word brings ruin on himself, but the one who reveres the commandment will be rewarded. Uwugaya inyigisho azovyishura, ariko uwubaha amabwirizwa abihererwa impera.
14 The teaching of the wise is a fountain of life, turning a person away from the snares of death. Inyigisho y’umunyabwenge ni isoko y’ubuzima, igarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
15 Good sense wins favor, but the way of the treacherous is their undoing. Ukumenya kwiza gutera igikundiro, ariko inzira z’abahemu zibashikana mu mahonero.
16 Every prudent person acts with knowledge, but a fool flaunts his foolishness. Umunyamakenga akorana ubwenge, ariko igipfu kigaragaza ubujuju bwaco.
17 A wicked messenger falls into trouble, but a faithful envoy brings healing. Intumwa mbi igwa mu vyago, ariko intumwa nziza izana ugukira.
18 Poverty and shame come to whoever ignores discipline, but the one who heeds correction is honored. Uwanka guhanurwa bimutera ubukene no kumaramara, ariko uwuzigama impanuro aterwa iteka.
19 A desire fulfilled is sweet to the soul, but turning away from evil is detestable to fools. Iyo icipfujwe gishitse kinezereza umutima, ariko ibipfu bizirana no kureka icaha.
20 Whoever walks with the wise grows wise, but the companion of fools suffers harm. Uwugendana n’abanyabwenge aba umunyabwege, ariko uwifatanya n’igipfu arabizira.
21 Disaster pursues sinners, but good rewards the righteous. Ivyago bikurikirana umunyavyaha, ariko kugubwa neza ni yo mpera y’abagororotsi.
22 A good person leaves an inheritance to his grandchildren, but the sinner's wealth is stored up for the righteous. Umugwaneza asigira itunga abuzukuru, ariko itunga ry’umunyavyaha ribikiwe abubaha Imana.
23 The unplowed field of the poor could yield abundant food, but it is swept away for lack of justice. Umurima w’umworo ushobora kwama cane, ariko akarenganyo kagatuma asahurwa vyose.
24 Whoever withholds the rod hates his son, but the one who loves him is diligent to discipline him. Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka, ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.
25 The righteous eats to his heart's content, but the belly of the wicked goes hungry. Umugororotsi araronka ivyo arya agahaga, ariko inda y’umunyakibi yamana inzara.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]