Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 17 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Inkoni ya Aroni ishurika

1Uhoraho abarira Mose ati: 2“Bwira Abisirayeli bazane inkoni icumi na zibiri, imwimwe ku muryango wose ivuye ku mukuru aserukira uwo muryango. Uze wandike izina rya nyene inkoni ku nkoni yiwe. 3Ku nkoni ya Lewi uze wandike izina rya Aroni, kuko hategerezwa kuba inkoni imwe ku mukuru w’umuryango wose. 4Muze muzishire mw’Ihema ry’Ibonaniro imbere y’Isandugu y’Isezerano, aho mbonanira namwe. 5Inkoni y’uwo nzoba ntoranije izoshurika, gutyo nzoba nikuriyeho imyidogo Abisirayeli bama bakwidogera.”

6Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, maze abakuru babo bazana inkoni zabo icumi na zibiri, imwimwe ku mukuru w’umuryango wose, n’inkoni ya Aroni yarimwo. 7Mose ashira za nkoni imbere y’Uhoraho mw’Ihema ry’ibishingantahe.

8Bukeye Mose yinjira mw’Ihema ry’ibishingantahe aca asanga inkoni ya Aroni yaserukira umuryango wa Lewi, ntiyatutuje amababi gusa ahubwo yashuritse yongera yama na alumonde zihiye. 9Nuko Mose asohora za nkoni azikura imbere y’Uhoraho azizanira Abisirayeli bose. Baziravye, umwe wese atora iyiwe.

10Uhoraho abarira Mose ati: “Subiza ya nkoni ya Aroni imbere y’Isandugu y’ibishingantahe, kugira ngo ibe ikimenyetso c’abagumutse. Ivyo bizokuraho imyidodombo banyidodombera, kugira ngo ntibapfe.” 11Mose aca akora nk’uko Uhoraho yamutegetse nyene.

12Abisirayeli babarira Mose bati: “Ehe tugiye gupfa! Turaheze, twese turaheze! 13Umuntu wese agize ngo aregera gusa ihema ry’Uhoraho aca apfa. Mbega none dupfe twese dushire?”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]