Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this Job opened his mouth and cursed the day of his birth. Inyuma y’ivyo, Yobu yugurura akanwa aravuga, avuma umusi yavukiyeko.
2 He said: Avuga ati:
3 "Let the day I was born perish, and the night that said, 'A boy is conceived.' “Umusi navukiyeko urakazimangana, n’ijoro havuzwe ngo: ‘Umwana w’umuhungu yasamwe inda.’
4 That day—let it be darkness! May God above not seek it, nor let light shine upon it. Uwo musi uragahinduka umwijima; Imana ntakawibuke, kandi ntukarasirwe n’umuco.
5 Let darkness and deep shadow claim it; let a cloud settle over it; let the blackness of the day terrify it. Urakizizirwa n’umwijima w’umuzitanya, igicu cirabura kiwutere, n’ubwirakabiri buwutwikire.
6 That night—let thick darkness seize it; let it not rejoice among the days of the year, nor be counted among the months. Iryo joro riragacakirwa n’umwijima; ntiriharurwe mu misi igize umwaka, canke ngo rishirwe mu misi igize ukwezi.
7 Yes, let that night be barren; let no joyful cry come into it. Iryo joro rirakaba ingumba; ntihagire impundu zumvikana muri ryo.
8 Let those who curse days curse it—those ready to rouse Leviathan. Abahinga bo kuvuma nibarivume, bamwe bashobora gukangura Leviyatani.
9 Let the stars of its dawn be dark; let it hope for light and find none, and never see the first rays of morning, Igitondo cawo kiragahinduka umwijima, kirindire umuco kitari buronke, ntikibone n’imishwarara ya mbere yo mu gitondo,
10 because it did not shut the doors of my mother's womb, nor hide trouble from my eyes. kuko kitanyugaraniye mu nda yanyibungenze, kugira ngo kimpishe amakuba ndiko ndabona.
11 Why did I not die at birth, come from the womb and breathe my last? Ni kuki ntapfumye mpfa nkivuka, ngacikana nkiva mu nda?
12 Why were there knees to receive me, or breasts for me to nurse? Ni kuki mama yandetse nkabaho, akampa ibere ryiwe nkaryonka?
13 For now I would be lying down in quiet; I would be asleep and at rest, Iyo andeka nkipfira, ubu mba niruhukiye mu mahoro, mba nisinziririye, ntekanye.
14 with kings and counselors of the earth who built ruins for themselves, Mba nduhukanye n’abami n’abatware b’isi, abari bariyubakiye amazu akomeye, ariko ubu ari imisaka.
15 or with princes who had gold, who filled their houses with silver. Mba nduhukanye n’abatware bari bafise inzahabu, bari barujuje amazu yabo amafeza.
16 Or why was I not a buried stillborn child, like infants who never saw the light? Canke mbega ni kuki ntahambwe nk’inda ikorotse, nkamera nk’umwana atabayeho ngo abone umuco?
17 There the wicked cease from raging, and there the weary are at rest. Mu mva abanyakibi bararuhuka, abananiwe bakaronka uburuhukiro.
18 Together the captives are at ease; they no longer hear the slave driver's voice. Imbohe zinezerezwa no kworoherwa; ntizisubira kwumva urwamo rw’abashoreye abagurano,
19 The small and the great are there alike, and the slave is free from his master. Abahambaye n’aboroshe ni yo bari, kandi abagurano ntibakiganzwa na ba shebuja.
20 Why is light given to one in misery, and life to the bitter in soul, Ni kuki umuco urasira abari mu marushwa, abafise imitima ituntuye bagahabwa ubuzima?
21 who long for death that does not come, and dig for it more than for hidden treasure, Bararondera urupfu ntibaruronka, naho borurondera nk’abarondera ubutunzi buhishije.
22 who leap for joy and are glad when they find the grave? Baranezerwa cane, bagahimbarwa iyo bashitse mu mva.
23 Why is light given to a man whose way is hidden, whom God has hedged in? Ni kuki ubuzima buhabwa umuntu atabona n’iyo aja, uwo Imana yugarije n’imibabaro?
24 For my sighing comes before my bread, and my groans pour out like water. Ukubiha ni yo ndya yanje, kuboroga ni yo mazi nywa.
25 For the thing I dreaded has come upon me, and what I feared has overtaken me. Ivyo natinya ni vyo bimbayeko, ivyantera ubwoba ni vyo binshikiye.
26 I have no ease, no quiet, no rest—only turmoil." Nta mahoro ngira, sintekaniwe. Singira akaruhuko, ahubwo ndi mu makuba.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]