Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Eliphaz the Temanite answered: Maze Elifazi w’i Temani aca avuga ati:
2 "If someone ventures a word with you, will you grow weary? Yet who can hold back from speaking? “Mbega uwokwubahuka akagira ico avuze, wokwihangana? Ariko kandi ni nde yoshobora guhora ntavuge?
3 Look, you have instructed many, and you have strengthened weak hands. Ibuka ingene wigishije benshi, n’ingene wateye intege abadendebukiwe.
4 Your words have lifted up the one stumbling, and you have made firm the buckling knees. Amajambo yawe yashigikira abariko baratemba, agakomeza abafise amavi areganutse.
5 But now it comes to you, and you are weary; it touches you, and you are dismayed. Ariko ubu ivyago biraguteye, none urihebuye; bigushitseko, none ucitse ivutu.
6 Is not your fear of God your confidence, and the integrity of your ways your hope? Mbega kwubaha Imana kwawe, ntigukwiye kukuremesha, kuba inyankamugayo ntigukwiye kugutera ivyizigiro?
7 Remember now: who, being innocent, ever perished? Where were the upright ever destroyed? Gerageza wibuke: hari intungane yazimanganijwe, canke umugororotsi yaranduwe?
8 As I have seen, those who plow wrongdoing and sow trouble reap the same. Jewe naritegereje, nsanga abarima ikibi, n’ababiba amagorwa ari vyo bimbura.
9 By the breath of God they perish, and by the blast of his anger they are consumed. Imana ibahushe baca bazimangana, bakamarwa n’igihuhusi c’uburake bwayo.
10 The roar of the lion, the voice of the fierce lion, the teeth of the young lions—they are broken. Intare zirashobora kuroha no kwivuga, ariko, Imana ivunagura amenyo y’izikomeye kurusha izindi.
11 The strong lion perishes for lack of prey, and the cubs of the lioness are scattered. Intare irapfa kubera yabuze ico irya, ibibuguru vyayo vyose bigashwiragira.
12 Now a word was brought to me in secret; my ear caught a whisper of it. Hari ijambo ryanshikiriye mw’ibanga, ugutwi kwanje kuryumva nko mu vyongoshwe.
13 Amid troubling thoughts from visions of the night, when deep sleep falls on people, Ryaje kurya kw’indoto zihagarika umutima w’umuntu mw’ijoro, igihe itiro riremera abantu,
14 dread came upon me, and trembling, and it made all my bones shake. maze mfatwa n’ubwoba bwinshi no guhinda agashitsi, amagufa yanje arajugumira.
15 A spirit glided past my face; the hair on my body stood on end. Impwemu yaciye imbere yanje, maze umubiri wanje uramerereza.
16 It stood still, but I could not make out its shape. A form was before my eyes; there was silence, then I heard a voice: Hanyuma irahagarara, ariko sinashobora kubona uko imeze. Haje ishusho ihagarara imbere y’amaso yanje, maze numva ijwi ryongorera, riti:
17 'Can a mortal be righteous before God? Can a man be pure before his Maker? ‘Mbega umuntu apfa yogororoka gusumvya Imana? Umuntu buntu yotungana kurusha Umuremyi wiwe?
18 Look, he puts no trust in his servants, and he charges his angels with error; Nimba Imana itizigira abakozi bayo, igatora amakosa abamarayika bayo,
19 how much more those who dwell in houses of clay, whose foundation is in the dust, who are crushed like a moth. mbega ntibirushirije ku bantu baba mu nzu z’ibumba, urufatiro bubatseko rukaba ari umukungugu, bagafyonyorwa vyoroshe gusumba inzu y’umuswa!
20 Between morning and evening they are shattered; unnoticed, they perish forever. Mu gitondo baba ari bazima, ku mugoroba bakaba bavunaguwe, bakagenda akagirire, ntihagire n’uwuvyitaho.
21 Is not their tent-cord pulled up within them? They die without ever gaining wisdom.'" Imigozi y’ihema ryabo irakwezwe, na ryo riratemvye. None ntibapfuye nk’imburabwenge?’
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]