Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Call out now—is there anyone who will answer you? To which of the holy ones will you turn? Nimba ushaka, tabaza, ariko ni nde azokwitaba? Uwo mu bera wokwikorako ni nde?
2 For anger kills the fool, and jealousy slays the simple. Igipfu cicwa n’inzigo, imburabwenge ikicwa n’ishari.
3 I myself have seen a fool taking root, but suddenly I cursed his dwelling. Jewe ubwanje narabonye igipfu gishinga imizi, ariko ubwo nyene inzu yaco ica iravumwa.
4 His children are far from safety; they are crushed in court, with no one to rescue them. Abana baco babura uwubitaho, batsindwa n’urubanza kuko ata wubaburanira.
5 The hungry eat his harvest, taking it even from among the thorns, and the thirsty pant after his wealth. Abashonje barya ivyimburwa vyaco, mbere bakabikura no hagati mu mahwa, abanyotewe na bo bimarira inyota ku butunzi bwaco.
6 For affliction does not come from the dust, nor does trouble sprout from the ground. Imibabaro ntimera iva mw’isi, kandi ingorane ntizimera ziva mw’ivu.
7 But man is born to trouble as surely as the sparks fly upward. Ariko umuntu aba akivuka ingorane zikaza kurya kw’amasase ataruka.
8 "As for me, I would seek God, and to God I would commit my cause. Ariko iyo mba wewe, mba nituye Imana; urubanza rwanje akaba ari yo ndaruha.
9 He does great things that cannot be fathomed, wonders without number. Ni yo ikora utwumiza tudatahurika, n’ibimenyetso bitoshobora guharurwa.
10 He gives rain on the face of the earth and sends water on the fields. Ni yo igwisha imvura kw’isi, ikarungika amazi yo kuvomera imirima.
11 He sets the lowly on high, and those who mourn are lifted to safety. Ni yo ishira hejuru ba nyarucari, abari mu kigandaro ikabatabara.
12 He frustrates the plans of the crafty, so that their hands achieve no success. Yica integuro z’abakoresha urwenge, amaboko yabo akabura ico ashikako.
13 He catches the wise in their craftiness, and the schemes of the cunning are swept away. Ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo, kandi inama zabo ikazisambura.
14 They meet darkness in the daytime and grope at noon as if it were night. Umwijima ubahwikira ku murango, mu mashoka bakazimagirika nko mw’ijoro.
15 But he saves the needy from the sword of their mouth, and from the hand of the mighty. Ikiza abakene inkota yo mu kanwa kabo, ikabakura mu vyara vy’abanyenkomezi.
16 So the poor have hope, and injustice shuts her mouth. Abakene baraheza bakagira ivyizigiro, akarenganyo kakazibwa akanwa.
17 "How blessed is the one whom God corrects; so do not despise the discipline of the Almighty. Hahiriwe uwukosorwa n’Imana! None rero ntukengere gutozwa indero n’Iyishoboravyose.
18 For he wounds, but he binds up; he shatters, but his hands heal. Ni yo ikomeretsa, ariko ni na yo isomora, ni yo ikubita, ariko ukuboko kwayo ni kwo gukiza.
19 From six troubles he will deliver you, and in seven no harm will touch you. Ni yo izogukiza ibiza bitandatu, kandi ivyago indwi ntakizogushikako.
20 In famine he will redeem you from death, and in war from the power of the sword. Mu gihe c’amapfa izogukiza urupfu, mu ntambara izogukiza inkota.
21 You will be hidden from the lash of the tongue, and you will not fear destruction when it comes. Izogukingira akarimi k’abakuvuga nabi, kandi ntuzotinya agatikizo nikashika.
22 At destruction and famine you will laugh, and you will not fear the wild beasts of the earth. Uzotwenga agatikizo n’amapfa, kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.
23 For you will have a covenant with the stones of the field, and the wild beasts of the field will be at peace with you. Uzobana impore n’amabuye yo mu mirima, n’ibikoko vyo mw’ishamba muzobana amahoro.
24 You will know that your tent is secure; you will inspect your fold and find nothing missing. Uzoraba ingene ugira amahoro mu nzu yawe, kandi niwasuzuma ubutunzi bwawe uzosanga ata gihaze.
25 You will know that your children will be many, and your descendants like the grass of the earth. Uzibonera ingene abana bawe baba benshi, kandi uruvyaro rwawe ruzomera nk’ivyatsi vyo kw’isi.
26 You will come to your grave in ripe old age, like a sheaf gathered in its season. Uzoshika mu mva wisaziye, nk’umukama w’ingano wimbuwe hageze.
27 "Yes, this we have searched out, and it is true. Hear it, and know it for yourself." Ivyo twaravyihweje dusanga ni ukuri. None nawe nuvyumve bigire ico bikwigishije.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]