Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Surely there is a mine for silver, and a place where gold is refined. Ni ukuri hama hariho ahantu bimba ifeza, n’ahantu bavugutira inzahabu.
2 Iron is taken from the dust, and copper is smelted from the rock. Ubutare babwimba mw’isi, umujumbu na wo mu bisate vy’urutare rwawo bishongeshejwe.
3 Man sets a boundary to the darkness; he searches to the farthest limit for ore in gloom and deep shadow. Abantu bazi ingene bashira umuco ahari umwijima, bakawinjiramwo gushika aho ugera, bagashika no mu muzitanya w’urupfu barondera amabuye y’agaciro.
4 He sinks a shaft far from where people live, in places where no foot has ever walked; there they dangle and sway, far away from anyone. Bimba ivyobo birebire kure y’aho abantu baba, aho ata kirenge c’umuntu kihashika. Bakavyururukamwo ku migozi bazungeta hirya no hino.
5 The earth—from it comes food, yet beneath it is turned over as by fire. Iyi si ni yo imerako ivyokurya, ariko i kuzimu hayo hameze nk’ahahindaniramwo umuriro.
6 Its stones hold sapphires, and its dust holds gold. Ibitandara vyaho bivamwo utubuye tw’agaciro twitwa lapisi lazuli, umukungugu waho urimwo utuvunguka tw’inzahabu.
7 It is a path no bird of prey knows, one the falcon's eye has never seen. Ibisiga vyo mu kirere ntibizi inzira ija aho hantu, n’amaso y’agaca ntaraharabukwa.
8 The proud beasts have not trodden it, nor has the lion prowled across it. N’ibikoko vyibona ntibirahahonyoza ikirenge, n’intambwe ntirahahonyoza ijanja.
9 Man lays his hand to the flinty rock and overturns mountains at their roots. Abantu basatura ibitandara vy’amabuye y’amasare, bagasenyura imisozi bahereye mu ntango zayo.
10 He cuts channels through the rocks, and his eye sees every precious thing. Baca imyobo mu bitandara, amaso yabo akabona ubutare bunyegejeyo.
11 He holds back the trickling streams, and brings hidden things to light. Bagomera inzuzi zigakama, bagashira ahabona ivyihishije.
12 "But wisdom—where can it be found? And where is the place of understanding? Ariko ubwenge bwo buboneka hehe? Ugutahura bogusanga hehe?
13 Man does not know its worth, and it is not found in the land of the living. Abantu ntibazi agaciro kabwo, kuko ntibubonerwa mw’isi y’abazima.
14 The deep says, 'It is not in me,' and the sea says, 'It is not with me.' I kuzimu havuga hati: “Nta buri hano.” Ikiyaga kikavuga giti: “Ntibuba iwanje.”
15 It cannot be bought with the finest gold, nor can its price be weighed out in silver. Ntibugurwa inzahabu ziramuye, canke ngo buguzwe ibilo vy’ifeza.
16 It cannot be valued in the gold of Ophir, in precious onyx or sapphire. Ntibugurwa n’inzahabu ziva muri Ofiru, canke utubuye tw’agaciro twitwa onigisi canke lapisi lazuli.
17 Gold and crystal cannot equal it, nor can it be exchanged for vessels of pure gold. Inzahabu canke ayandi mabuye y’agaciro ntivyogereranywa na bwo, n’ivyakozwe mu nzahabu ntivyoguzwa na bwo.
18 Coral and crystal are not worth mentioning; the price of wisdom is beyond rubies. Amabuye y’agaciro yitwa korayi na yasipi ntivyoruha bigereranywa na bwo, agaciro kabwo gasumba imaragarita.
19 The topaz of Cush cannot equal it, nor can it be valued in pure gold. Ubwenge ntibwogereranywa n’amabuye y’agaciro yitwa topazi yo muri Etiyopiya, kandi ntibwogurwa inzahabu ziramuye.
20 "From where, then, does wisdom come? And where is the place of understanding? None ubwenge buva he? Ugutahura kuba he?
21 It is hidden from the eyes of all the living, concealed even from the birds of the sky. Bunyegejwe amaso y’ibifise ubuzima vyose, buhishijwe inyoni zo mu kirere.
22 Destruction and Death say, 'With our ears we have heard a rumor of it.' Gatikizo na Rupfu biravuga biti: Twumvise ibihuha vyabwo gusa.
23 "God understands the way to it, and he knows its place. Imana ni yo izi inzira ijana iyo buri, ni yo yonyene izi aho buba,
24 For he looks to the ends of the earth and sees everything under the heavens. kuko ibona ku mpera z’isi zose, ikabona n’ibiri musi y’ijuru.
25 When he gave the wind its weight and measured out the waters, Igihe yashiraho inkomezi z’umuyaga, ikagena uburemere bw’amazi,
26 when he made a decree for the rain and a path for the thunderbolt, igaha amategeko imvura, imiravyo ikayiha inzira,
27 then he saw wisdom and declared it; he established it and searched it out. Ni ho yitegereza ubwenge ikabugera, irabusuzuma, iremeza agaciro kabwo.
28 And he said to humankind, 'The fear of God—that is wisdom, and to turn from evil is understanding.'" Maze ibwira abantu iti: “Ukwubaha Imana ni bwo bwenge, kandi ukuva mu vyaha ni kwo gutahura.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]