Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 And Job spoke again and said: Maze Yobu abandanya avuga ati:
2 "Oh, that I were as in months gone by, as in the days when God watched over me, “Icompa ngasubira kuba nk’uko nari mbayeho mu mezi aheze, aho inyonga z’Imana zahora kuri jewe,
3 when his lamp shone over my head, and by his light I walked through darkness; aho itara ryayo ryakira hejuru yanje, umuco wayo ukandongora mu gihe c’umwijima.
4 as I was in the days of my prime, when the intimate friendship of God rested over my tent, Icompa ngasubira muri ya misi nari nteye imbere, aho ubucuti nari mfitaniye n’Imana bwahezagira inzu yanje.
5 when the Almighty was still with me, when my children were all around me; Ico gihe Iyishoboravyose yari ikiri kumwe nanje, kandi abana banje bari bankikuje.
6 when my steps were bathed in curds, and the rock poured out for me streams of oil. Ico gihe inka zanje zakamwa menshi cane, kandi amato yanje yari asesekaye amavuta ya elayo.
7 When I went out to the gate of the city and took my seat in the public square, Ngiye mu nama y’abatware b’igisagara, nicarana n’abubahwa kw’ihuriro,
8 the young men saw me and stepped aside, and the aged rose and stood; abatware bakiri bato bakikuma, bakampa inzira, inararibonye zikanyakira zihagurutse.
9 the princes held back their words and laid a hand over their mouths; Abaganwa bagahagarika inkuru zabo, bagashira ikiganza ku munwa.
10 the voice of the nobles was hushed, and their tongues clung to the roof of their mouths. Abatware b’abubahwa bagahaguruka bacereje, ururimi rwabo rukagobwa.
11 When the ear heard, it called me blessed, and when the eye saw, it bore witness for me, Abanyumva bose bamvuga neza, kandi abambona bose banshingira intahe,
12 because I rescued the poor who cried out, and the orphan who had no one to help. kuko nafasha abakene n’impfuvyi, hamwe n’abatagira gitabara.
13 The blessing of the one about to perish came upon me, and I made the widow's heart sing for joy. Nahezagirwa n’abacikana, imitima y’abapfakazi nkayuzuza indirimbo z’umunezero.
14 I clothed myself in righteousness, and it clothed me; my justice was like a robe and a turban. Nambara ukugororoka nk’umwambaro, ubutungane yari yo kanzu n’inkofero vyanje.
15 I was eyes to the blind and feet to the lame. Nabera amaso impumyi, ibimuga nkabibera amaguru.
16 I was a father to the needy, and I searched out the case of one I did not know. Nari se w’abakene, naburanira ba kavantara.
17 I broke the fangs of the wicked and snatched the prey from his teeth. Navunagura imibangabanga y’ababisha, nkabambura abo bashinzeko amenyo.
18 So I thought, 'I will die in my own nest, and multiply my days like the sand.' Nahora nibaza nti: ‘Nzopfira mu nzu yanje, imisi yanje izongana n’umusenyi wo ku kiyaga.’
19 My roots reached out to the waters, and the dew lay all night on my branches. Nzoba meze nk’igiti gishorera imizi yaco mu mazi, ikime co mw’ijoro kigatonyangirira ku mashami yanje.
20 My glory stayed fresh within me, and my bow was ever new in my hand. Ubwiza bwanje bukama bwiyubura, n’inkomezi zanje zikiyubura ku musi ku musi.
21 Men listened to me and waited; they kept silent for my counsel. Abantu bose bantega amatwi bashaka kwumva ivyo mvuga, bakarindira impanuro zanje bacecetse.
22 After I spoke, they said no more; my words fell gently on them. Mpejeje kuvuga, nta wasubizayo, amajambo yanje yashika ku nyota abantu bose.
23 They waited for me as for the rain, and opened their mouths as for the spring showers. Banyitega nk’abitega imvura, bakipfuza ko novuga kurya abantu bipfuza ko imvura yogwa.
24 When I smiled on them, they could scarcely believe it, and they held on to the light of my face. Ndabatwengeye vyarabarengera, kuko ukubakera mu maso kwanje kwari gufise ikimazi kuri bo.
25 I chose their way and sat as their chief; I lived like a king among his troops, like one who comforts mourners." Ni jewe nabereka inzira bakwiye gucamwo, nkababera umurongozi, nari meze nk’umwami ari hagati mu ngabo ziwe, nari kiremesha ku bafise imitima ibabaye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]