Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 45 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ubutumwa kuri Baruki

1Igihe Baruki mwene Neriya yandika mu muzingo amajambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya amubwiye, mu mwaka ugira kane umwami Yehoyakimu, mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma, Yeremiya yabwiye Baruki ati: 2“Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze kuri wewe Baruki: 3Waravuze uti: ‘Ewe jewe ndagowe! Uhoraho anyongerereje imibabaro ku yo nari mfise; ncitse intege ku bwo kuniha kandi nta buruhukiro ngira.’ ”

4Ariko, Uhoraho yambariye ngo ndakubwire nti: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzosenyura ivyo nubatse kandi nzorandura ivyo nateye, mu gihugu cose. 5Mbega none woba ukwiye kwironderera ibihambaye? Ntubirondere. Kuko nzoteza ivyago abantu bose, ni ko Uhoraho avuze, ariko aho uzoja hose nzokiza ubugingo bwawe.’ ”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]