Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Put the trumpet to your lips! An eagle swoops over my house, because they have broken my covenant and rebelled against my law. Shira inzamba ku munwa! Umwansi amanutse nk’inkona ku nzu y’Uhoraho kuko abantu barenze kw’isezerano ryanje bakagarariza ivyagezwe vyanje.
2 To me they cry, "My Father! We know you—we, Israel!" Abisirayeli barantakambira bavuga bati: “Ewe Mana, turakwemeye!”
3 Israel has rejected what is good; an enemy will pursue him. Ariko Isirayeli yataye ivyari vyiza; nuko rero umwansi azomuhiga.
4 They set up kings, but not from me; they appointed princes, and I knew nothing of it. With their silver and gold they made themselves idols, only to be cut off. Biyimikiye abami batangishije inama; batoranije abaganwa ntabahaye uruhusha. Bakoresha ifeza n’inzahabu vyabo mu gucura ibigirwamana bizotuma bahona.
5 I have rejected your calf, Samaria; my anger burns against them. How long will they be incapable of innocence? Yewe Samariya, terera kure ikigirwamana cawe c’inyana! Uburake bwanje burarurumvye kubera vyo. Uzogeza ryari kugendera mu bidatunganye?
6 For this calf is from Israel; a craftsman made it—it is not God. The calf of Samaria will be broken to pieces. Umwisirayeli ni we yakubumbiye iyo nyana, ariko ni jewe Mana jenyene. None rero izomenagurwa, ijanjagurike, iyo nyana y’i Samariya.
7 They sow the wind, and they will reap the whirlwind. The standing grain has no heads; it yields no flour. And if it were to yield, foreigners would swallow it down. “Babivye umuyaga, bazokwimbura agashururu. Ingano zabo nta ntete ziriko; ntizizovamwo ifu. Naho zokwera imbuto, abanyamahanga ni bo bazozirira.
8 Israel is swallowed up; now they are among the nations like a pot no one wants. Abisirayeli baramizwe; ubu iyo bari mu mahanga bameze nk’inkono itagira ikimazi.
9 For they have gone up to Assyria—a wild donkey wandering off alone. Ephraim has hired itself out to lovers. Kuko baduze bakaja muri Ashuri, bagiye kurya kw’indogoba yo mw’ishamba yangara yonyene. Efurayimu yishoye ku bandi bagabo yikundiye.
10 Even though they hire allies among the nations, now I will gather them up. And they will soon writhe under the burden of the king of princes. Naho bishoye mu mahanga bakifatanya na benshi, ngiye kubegeraniriza hamwe ndabacire urubanza. Bazoremerwa cane bari musi y’agacinyizo k’umwami ahambaye.
11 Because Ephraim multiplied altars for sinning, they have become altars for sinning to him. Naho Efurayimu yubatse ibicaniro vyinshi vyo gutanga ibimazi vy’ivyaha, vyahindutse ibicaniro vyo gukora ivyaha.
12 Though I wrote out for him the countless things of my law, they were treated as something strange. Nabandikiye vyinshi mu vyagezwe vyanje, ariko babiravye nk’ikintu c’icaduka.
13 As for the sacrifices they offer me, they sacrifice meat and eat it, but I take no delight in them. Now I will remember their guilt and punish their sins; they will return to Egypt. Naho batanga ibimazi nk’ishikanwa bampaye, kandi naho baheza bakarya inyama, Uhoraho ntibamuhimbara. Ubu nzokwibuka ibibi vyabo ndabahanire ivyaha vyabo: bazosubira muri Egiputa.
14 Israel has forgotten his Maker and built palaces; and Judah has multiplied fortified cities. But I will send fire on his cities, and it will devour Judah's strongholds. Abisirayeli bibagiye Umuremyi wabo maze bubaka ibirimba bihambaye; Abayuda bakomeje ibisagara vyabo. Ariko nzotuma umuriro ku bisagara vyabo uzotongora iminara yabo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]