Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Whenever I try to heal Israel, the sin of Ephraim is uncovered, and the evils of Samaria; for they practice falsehood—the thief breaks in, the raiders plunder outside. Igihe cose nzokiza Abisirayeli, ivyaha vya Efurayimu bizoshirwa ahabona, n’ibibi vya Samariya bihishurwe. Bakora ivyo kubesha, abasuma bamena amazu, abambuzi na bo bakiba bari mu mabarabara;
2 But they do not say in their hearts that I remember all their evil. Now their deeds surround them; they are before my face. ariko ntibamenye ko nibuka ibikorwa vyabo bibi vyose bakora. Ivyaha vyabo birabatwikiriye; vyama imbere yanje imisi yose.
3 By their evil they make the king glad, and the princes by their lies. Banezereza umwami n’ibibi vyabo, n’abaganwa mu vyo bababesha.
4 They are all adulterers, like an oven heated by the baker, who stops stirring the fire from the kneading of the dough until it is leavened. Bose ni abasambanyi, bashuha nk’ifuru uwotsa imikate adakeneye kwongera kwatsa, iguma ishushe kugeza igikandu c’ifu gikakamye.
5 On the day of our king the princes made themselves sick with the heat of wine; he joined hands with mockers. Ku musi wo kwigina umwami wacu abaganwa barengerwa n’umuvinyu, maze umwami agafatana amaboko n’abamucokora.
6 For they draw near with hearts burning like an oven as they lie in wait; all night their anger smolders, and in the morning it blazes like a flaming fire. Imitima yabo ishuha nk’ifuru y’imikate; bamwegerana uruhendo. Ishavu ryabo riba riryamye ijoro ryose; mu gitondo rikavyuka kurya kw’umuriro utongora.
7 They are all hot as an oven, and they devour their rulers. All their kings have fallen; none of them calls upon me. Bose barashushe nk’ifuru y’imikate; bashihagura abatware babo. Kandi abami babo bose baratembagajwe ariko nta n’umwe anyambaza.
8 Ephraim mixes himself among the peoples; Ephraim is a flat cake not turned over. Efurayimu yivanze n’amahanga; Efurayimu ameze nk’umukate utahindukijwe mu kwotswa.
9 Strangers devour his strength, and he does not know it; gray hairs are sprinkled upon him, and he does not know it. Abanyamahanga bamaze inkomezi ziwe, ariko nta vyo abona. Umushatsi wiwe wahindutse imvi, ariko nta na kimwe azi.
10 The pride of Israel testifies to his face, yet they do not return to their Father, nor seek him, in all of this. Ubwishime bwa Isirayeli ni bwo bubagiriza, ariko naho bimeze uko ntahindukirira Uhoraho Imana yiwe canke ngo amurondere.
11 Ephraim has become like a dove, silly and without sense, calling to Egypt, going to Assyria. Efurayimu ameze nk’inuma, y’ikijuju itazi iyo ija, batabaza Egiputa, hanyuma bagahindukirira Ashuri.
12 As they go, I will spread my net over them; I will bring them down like the birds of the sky. I will discipline them as their assembly was warned. Bakigendayo, nzobatererako urusenga rwanje; nzobatsinda hasi nk’inyoni zo mu kirere. Igihe nzobumva bariko bariyegeranya, nzobafata.
13 Woe to them, for they have strayed from me! Destruction to them, for they have rebelled against me! I would redeem them, but they speak lies against me. Baragowe, kuko bazimiye bakaja kure yanje! Uguhona kurabashitseko, kuko bangararije! Ndipfuza kubacungura ariko bavuga ibinyoma kuri jewe!
14 They do not cry to me from their heart, but they wail upon their beds; for grain and new wine they gash themselves; they turn away from me. Ntibantakambira bivuye mu mitima yabo, ariko baborogera ku mariri yabo. Bakoranira hamwe gusaba imana z’amahanga basaba ingano n’umuvinyu musha ariko bakanja kure.
15 Although I trained and strengthened their arms, yet they devise evil against me. Narabigishije kandi ndabakomeza, ariko bangiriye inama mbi.
16 They turn, but not upward; they have become like a slack bow. Their princes will fall by the sword for the insolence of their tongue; this will make them a laughingstock in the land of Egypt. Ntibahindukiriye Iyisumbavyose; bameze nk’umuheto ugoramye. Abatware babo bazokwicwa n’inkota ku bw’amajambo yabo y’ubweruzi. Kubera ivyo bazocokorwa bari mu gihugu ca Egiputa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]