Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Do not rejoice, Israel; do not exult like the nations. For you have been unfaithful, forsaking your Father; you have loved a prostitute's wages on every threshing floor. Ntunezerwe, Isirayeli; ntutwarwe n’akanyamuneza nk’ayandi mahanga. Kuko wahemukiye Imana yawe; ugakunda ingero igererwa maraya usenga ibigirwamana ku mbuga yose yo kugosorerako.
2 Threshing floor and winepress will not feed them, and the new wine will fail them. Ku bw’ivyo, imbuga zo kugosorerako n’amato yo kuganiramwo ntibizoshobora kugaburira abantu; umutobe musha nta wo bazobona.
3 They will not remain in our Father's land; Ephraim will return to Egypt, and in Assyria they will eat unclean food. Ntimuzoguma mu gihugu c’Uhoraho; Efurayimu azosubira muri Egiputa kandi azorya ivyokurya bihumanye vyo muri Ashuri.
4 They will not pour out wine offerings to our Father, and their sacrifices will not please him. Their bread will be like the bread of mourners; all who eat it will be defiled. For their bread will feed only their hunger; it will not enter the house of our Father. Ntibazosukira Uhoraho ishikanwa ry’umuvinyu, canke ngo ibimazi vyabo bimuhimbare. Ibimazi nk’ivyo bizobabera nk’ivyokurya vy’abagandaye; abazobirya bose bazoba bahumanye. Ivyo ni vyo bizoba ivyokurya vyabo ubwabo; ntibizoza mu Ngoro y’Uhoraho.
5 What will you do on the day of the appointed feast, on the day of our Father's festival? Mbega muzokora iki ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ku misi mikuru y’Uhoraho?
6 For look—they are fleeing from destruction, but Egypt will gather them and Memphis will bury them. Nettles will overrun their silver treasures; thorns will fill their tents. Naho bokira gutikiza kwa Ashuri, Egiputa izobegeranya, Memfisi na yo izobahamba. Ubutunzi bwanyu bw’ifeza buzorengerwa n’imikere, amahwa na yo azomera mu mahema yanyu yasanganguwe.
7 The days of punishment have come; the days of reckoning have come—let Israel know it! The prophet is a fool, the man inspired by the spirit is mad, because your sin is great and your hostility is great. Imisi yo guhana Isirayeli iraje, imisi yo kugerera umuntu iri hafi. Abisirayeli nimubimenye. Kuko ivyaha vyanyu ari vyinshi cane n’ubwansi bwanyu bukaba bwinshi. Uwuvugishwa n’Imana mumufata nk’ikijuju, kandi uwuhumekerwa nanje mumufata nk’umusazi.
8 The prophet is the watchman of Ephraim, with my Father; yet a bird trap lies on all his paths, and hostility in the house of his Father. Uwuvugishwa n’Imana ari kumwe n’Imana yanje, ni umuteramyi ateramiye Efurayimu, ariko mwamuteze imitego mu nzira ziwe acamwo, n’ubwansi mu nzu y’Imana yiwe.
9 They have sunk deep into corruption, as in the days of Gibeah. He will remember their wrongdoing; he will punish their sins. Mwinjiye i bwina mu bibi, nko mu misi ya Gibeya. Imana izokwibuka ibibi vyabo, yongere ibahanire ivyaha vyabo.
10 Like grapes in the wilderness I found Israel; like the first fruit on the fig tree in its first season I saw your ancestors. But they came to Baal-peor and consecrated themselves to shame, and they became as detestable as the thing they loved. “Aho natora Isirayeli, kwari nk’ugutora inzabibu mu bugaragwa; aho nabona ba sogokuruza banyu, kwari nk’ukubona ivyamwa vyeze imbere y’ibindi ku musukoni. Ariko bashitse i Bayali-Peyori, bifatanije na ca kigirwamana Bayali giteye isoni baca baba abo kwankwa urunuka nk’ico kintu bari bifatanije.
11 Ephraim's glory will fly away like a bird—no birth, no pregnancy, no conception. Ubwiza bwa Efurayimu buzoguruka nk’inyoni, nta kuvuka, nta gutwara inda, nta n’ugusama inda.
12 Even if they raise their children, I will bereave them until no one is left. Yes, woe to them when I turn away from them! Kandi naho boronka abana, nzobahonya bose nta wuzosigara. Bazoba bagowe aho nzobaterera ibitugu!
13 Ephraim, as I have seen, was planted like Tyre in a meadow; yet Ephraim must lead his children out to the slaughter. Nabonye Efurayimu, hameze nk’i Tiro, hasharijwe nk’ahantu h’igikundiro. Ariko Efurayimu we azosohokana hanze abana biwe ngo batemagurwe.”
14 Give them, our Father—what will you give them? Give them a miscarrying womb and dry breasts. Ewe Uhoraho, bahe, mbega wobaha iki? Bahe inda zisamwa ariko zigakoroka n’amabere atagira amaberebere.
15 "All their evil is at Gilgal; there I rejected them for their evil deeds; I will drive them from my house; I will no longer show them my love; all their officials are rebels. “Kubera ibibi vyabo vyose bakoreye i Gilugali, aho ni ho nabankiye. Kubera ibikorwa vyabo bibi, nzobasohora bamvire mu nzu. Sinzosubira kubakunda; abatware babo bose ni abagarariji.
16 Ephraim is struck down; their root is dried up; they will bear no fruit. Even if they give birth, I will put their cherished children to death." Efurayimu ararashwe, imizi yiwe irakabiranye, kandi ntibazokwama ivyamwa. Naho bovyara abana, nzokwicisha inkota uruvyaro rwabo bakunda cane.”
17 My Father will reject them because they have not listened to him; they will become wanderers among the nations. Imana yanje izobaheba kuko batamwumviye; bazoba inyererezi mu mahanga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]