Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Israel was a lush vine that yielded its fruit. The more his fruit, the more altars he built; the richer his land, the finer he made his sacred pillars. Isirayeli yari uruzabibu rumeze neza; yamye ivyamwa vyiwe vyiza. Ariko, uko ivyamwa vyiwe vyagwira, ni ko yarushaho kwubaka ibicaniro vy’ibigirwamana; uko igihugu ciwe catera imbere, ni ko yarushaho gushariza inkingi z’amabuye yo gusengwa.
2 Their hearts are divided; now they must bear their guilt. He will break down their altars and shatter their sacred pillars. Imitima yabo iriyorobeka, kandi bagira biremeke ibigabitanyo vyabo. Uhoraho azosambura ibicaniro vyabo kandi azosangangura izo nkingi zabo.
3 For now they will say, "We have no king, because we did not fear our Father—and a king, what could he do for us?" Maze bazovuga bati: “Nta mwami tugira kuko tutubashe Uhoraho. Ariko kandi naho twari kuba dufise umwami, yari kutumarira iki?”
4 They speak mere words, swearing empty oaths and making covenants; so judgment springs up like poisonous weeds in the furrows of a field. Basezerana amasezerano menshi, bakarahira indahiro z’ibinyoma kandi bakiyemeza vyinshi; ni co gituma urubanza rwabo rutanguye gukura nk’igiterwa gifise ubumara cadutse mu ndimiro.
5 The people of Samaria tremble for the calf of Beth-aven. Its people mourn over it, and its idol-priests wail over it, over its glory that has departed from it. Abantu baba i Samariya baratinya ivyoshikira ikigirwamana c’imasa c’i Beti-Aveni. Abantu baho bazokigandarira, kandi n’abaherezi baco ni uko, abari bahimbawe n’ugukayangana kwaco, kuko kizojanwa kw’inyagano kive muri bo.
6 The idol itself will be carried off to Assyria as tribute to the great king. Ephraim will be seized with shame, and Israel will be ashamed of his own plans. Kizojanwa muri Ashuri kibe ingabire ihawe umwami mukuru. Efurayimu azoteterwa; Isirayeli amaramare ku bw’amasezerano yagize n’abanyamahanga.
7 Samaria's king will perish like a twig tossed on the water. Samariya n’umwami waho bazotikizwa, bakamangane nk’ifuro rireremba ku mazi.
8 The high places of Aven, the sin of Israel, will be destroyed. Thorns and thistles will grow up over their altars, and they will say to the mountains, "Cover us," and to the hills, "Fall on us." Ibibanza vyo ku misozi miremire aho basengera ibigirwamana bizosamburwa, ni co caha ca Isirayeli. Amahwa n’imikere bizomera bikure birenge ku bicaniro vyaho. Maze bazobwira imisozi bati: “Duhambe!” n’imitumba bati: “Tugweko!”
9 Since the days of Gibeah you have sinned, Israel; there they have taken their stand. Will not war overtake them in Gibeah? Kuva mu misi ya Gibeya, wakoze ivyaha, yewe Isirayeli, kandi aho ni ho wagumye. Mbega intambara ntizosubira guhitana abanyakibi i Gibeya?
10 When I please, I will discipline them, and nations will be gathered against them, binding them tight for their double guilt. Aho bizompimbarira, nzobahana; amahanga azokoranywa no kubagwanya ngo abashire mu minyororo kubera ivyaha vyabo vyinshi.
11 Ephraim was a trained heifer that loved to thresh, and I spared her beautiful neck; but now I will harness Ephraim, Judah must plow, and Jacob must break up the ground for himself. Efurayimu ameze nk’ishashi yigishijwe igakunda gusekura ingano; none rero nzomwambika ingogo ku kazosi kiwe kagororotse. Nzokwega Efurayimu, Yuda azomena umushike, Yakobo na we azokangaza.
12 Sow for yourselves righteousness; reap the fruit of covenant love; break up your unplowed ground. For it is time to seek our Father, until he comes and rains righteousness down upon you. Nimwibibire ubugororotsi, kugira ngo muze mwimbure ivyamwa vy’urukundo rudashira, kandi mumene imishike ari yo mitima yanyu; kuko iki ari igihe co kurondera Uhoraho, kugeza aho azozira akabacuncuburirako imvura y’ubugororotsi.
13 You have plowed wickedness; you have reaped injustice; you have eaten the fruit of lies. Because you trusted in your own way, in the multitude of your warriors, Ariko mwabivye ubugarariji, mwimbura ibibi, mwariye ivyamwa vy’ibinyoma. Kuko mwizigiye inkomezi zanyu gusa n’inkomezi z’ingabo zanyu nyinshi,
14 the roar of battle will rise against your people, and all your fortresses will be devastated, as Shalman devastated Beth-arbel on the day of war, when mothers were dashed to pieces with their children. ni co gituma akaruru k’intambara kazovyuka ku bw’abantu banyu, kugira ngo inzitiro zanyu zose zize zisangangurwe, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti-Arubeli ku musi w’intambara, aho abagore bamenagurirwa hasi hamwe n’abana babo.
15 So it will be done to you, Bethel, because of your great evil. At dawn the king of Israel will be utterly cut off. Ni ko bizoba kuri wewe, yewe Beteli, kuko ibibi vyawe ari vyinshi. Aho umutwenzi wo guhanwa uzotambikira, umwami wa Isirayeli azosangangurwa rwose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]