Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hear the word of our Father, children of Israel, for he has a case against the inhabitants of the land: there is no faithfulness, no covenant love, and no knowledge of him in the land. Nimwumve Ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli, kuko Uhoraho afise urubanza aburana na mwebwe muba muri iki gihugu: “Nta bwizigirwa bukiriho, nta rukundo, nta kumenya Imana bikiri muri iki gihugu.
2 There is only swearing and lying, murder and stealing and adultery; they break all bounds, and bloodshed follows bloodshed. Hasigaye hari umuvumo, ukubesha n’ubwicanyi, ukwiba n’ugusambana; umuryano ukwiye hose, kandi ugusesa amaraso ni urutavanako.
3 Therefore the land mourns, and all who live in it waste away, together with the wild animals and the birds in the sky; even the fish in the sea are swept away. Ni kubera ivyo igihugu cose kigandaye, kandi abakibamwo bose bakaba bariko barahona; mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba, inyoni zo mu kirere n’amafi yo mu kiyaga biriko birahona.
4 Yet let no one accuse, let no one lay blame, for your people are like those who quarrel with the priest. Ariko ntihagire uwagiriza uwundi, ntihagire uwutuma urutoke uwundi, kuko abo kwagirizwa ni mwebwe abaherezi.
5 You stumble by day, and the prophet stumbles with you by night; and I will destroy your mother. Mutsitara ku murango no mw’ijoro, kandi n’abavugishwa banyu b’ibinyoma batsitarana namwe. Ni co gituma nzokwica nyoko.
6 My people are destroyed for lack of knowledge. Because you have rejected knowledge, I reject you as my priest; because you have forgotten the law of your Father, I also will forget your children. Abantu banje bishwe no kutamenya. Kuko mwebwe abaherezi mwanse kumenya, nanje nanse ko muba abaherezi banje; kandi kuko mwirengagije kumenya ivyagezwe vy’Imana yanyu, nanje nzokwirengagiza guhezagira abana banyu.
7 The more they increased, the more they sinned against me; I will turn their glory into shame. Uko abaherezi baba benshi, ni ko barushaho kuncumurako; bakavye ubwiza bw’Imana yabo babusubiriza ibiteye isoni vy’ibigirwamana.
8 They feed on the sin of my people and set their hearts on their wrongdoing. Kuko abaherezi barya ibivuye mu vyaha vy’abantu banje nta kindi bipfuza atari kubona abantu banje bacumura!
9 So it will be: like people, like priest. I will punish them for their ways and repay them for their deeds. Kandi ibikorwa n’abaherezi, ni vyo n’abantu basanzwe bakora. Nzohana abo bose kubera izo nzira zabo ndabasubirize mu nkoko ivyo bakoze.
10 They will eat but not be satisfied; they will give themselves to prostitution but not multiply, because they have forsaken our Father and abandoned his ways. Bazorya, ariko ntibazohaga; bazoja mu busambanyi ariko nta co bazokwunguka, kuko bataye Uhoraho bakiyegurira
11 Prostitution, wine, and new wine take away good sense. ubusambanyi, no kunywa umuvinyu wa kera na mushasha, bigatwara ugutahura kwabo.
12 My people consult a piece of wood, and their staff gives them oracles; for a spirit of prostitution has led them astray, and they have played the prostitute, forsaking their Father. Abantu banje basiguza ikigirwamana c’igiti maze bakiyumvira ko inkoni ishobora kubabwira ivya kazoza. Impwemu y’ubusambanyi irabazimiza; bagata ubwizigirwa bakava ku Mana yabo.
13 They sacrifice on the mountaintops and burn offerings on the hills, under oak, poplar, and terebinth, because their shade is pleasant. So your daughters turn to prostitution and your brides to adultery. Batangira ibimazi ku dutwe tw’imisozi bagaturirira ibimota neza ku dusozi, musi y’ibiti vy’imyeloni, n’imilebeni, n’imyelayo, kuko igitutu cavyo ari ciza. Ni co gituma abakobwa banyu baba abamaraya, abakazana banyu na bo bakiha ubusambanyi.
14 I will not punish your daughters when they turn to prostitution, nor your brides when they commit adultery; for the men themselves go off with prostitutes and offer sacrifices with the temple prostitutes—a people without understanding comes to ruin. Mbega ni kuki nohana abakobwa banyu kubera ubumaraya bwabo, canke abakazana banyu kubera ubusambanyi bwabo? Abagabo banyu ubwabo bihereranya abamaraya kandi batangira ibimazi hamwe n’abamaraya. Abantu badatahura bazohona!
15 Though you, Israel, play the prostitute, let Judah not become guilty. Do not go to Gilgal; do not go up to Beth-aven; and do not swear, 'As surely as our Father lives.' Naho wewe Isirayeli uri maraya, ntutume Yuda na we yagirwa n’ico caha. Ntukaje i Gilugali gusenga ibigirwamana; canke ngo uje i Beti-Aveni, kandi ntukarahire mw’izina ryanje ngo: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’Uhoraho!’
16 Israel is stubborn, like a stubborn heifer. Can our Father now pasture them like a lamb in an open meadow? Abisirayeli bakomantaje imitima, babaye nk’inka y’ikigaba. None Uhoraho yobaragira ate nk’uwuragira imyagazi y’intama mu bwatsi bwiza?
17 Ephraim is joined to idols; leave him alone. Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana; nimumureke!
18 When their drink is gone, they give themselves to prostitution; their rulers dearly love disgrace. N’igihe ibinyobwa vyabo biheze, bibandaniriza ubumaraya bwabo; abatware babo bakunda inzira z’ibiteterwe kurusha iz’icubahiro.
19 A wind has wrapped them in its wings, and they will be ashamed because of their altars. Agashururu kazobakubura; n’ibimazi vyabo baha ibigirwamana bizobamaramaza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]