Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Ask rain from our Father in the season of the spring rains—our Father who makes the storm clouds; he gives them showers of rain, to everyone the green growth of the field. Nimusabe Uhoraho imvura mu gihe c’impeshi; Uhoraho ni we aganza ibicu n’imituragaro. Atanga imvura y’umuvuvu ku bantu bose, akameza ibiterwa bitotahaye mu mirima y’umuntu wese.
2 For the household idols speak emptiness, and the diviners see a lie; they tell false dreams and give worthless comfort. So the people wander like sheep; they are afflicted because there is no shepherd. Ibigirwamana bivuga ibinyoma, abahamagara imizimu berekwa ibinyoma. Barotora inzozi z’ibinyoma, bakaremesha abantu mu vy’ubusabusa. Ni co gituma abantu basanzara hirya no hino nk’intama zihahazwa kubera kubura umwungere.
3 "My anger burns against the shepherds, and I will punish the leaders of the flock; for the Father of heaven's armies has visited his flock, the house of Judah, and will make them like his majestic horse in battle. “Uburake bwanje buri ku bungere, kandi nzohana abo batware; kuko Uhoraho Mushoboravyose azokwitwararika umukuku wiwe, ari bo bantu b’i Buyuda, abahindure nk’ifarasi y’ubwibone mu ntambara.
4 From him will come the cornerstone, from him the tent peg, from him the battle bow, from him every ruler together. Muri Yuda hazovamwo ibuye rigumya imfuruka, muri we hazovamwo urumambo rugumya ihema, muri we hazovamwo umuheto w’intambara, muri we hazovamwo abatware bose.
5 Together they will be like mighty warriors, trampling the mud of the streets in battle. They will fight, because our Father is with them, and the riders on horses will be put to shame. Bose hamwe bazoba nk’abahizi mu ntambara basiribangira umwansi wabo mu vyondo vyo mu mabarabara. Bazogwana kuko Uhoraho ari kumwe na bo, kandi bazotuma abansi babo bagwanira ku mafarasi bamaramara.
6 "I will strengthen the house of Judah, and I will save the house of Joseph. I will bring them home, because my heart goes out to them, and they will be as though I had never rejected them; for I am their Father, and I will answer them. Nzoha inkomezi Yuda kandi nzotabara imiryango ya Yosefu. Nzobagarukana kuko ndabagirira impuhwe. Nzomera nk’aho ntigeze ndabaheba, kuko ndi Uhoraho Imana yabo kandi nzobishura amasengesho yabo.
7 Then Ephraim will be like a mighty warrior, and their hearts will be glad as with wine. Their children will see it and rejoice; their hearts will exult in our Father. Abefurayimu bazoba nk’abahizi, kandi imitima yabo izonezerwa nk’ababorewe umuvinyu. Abana babo bazobibona bahimbarwe; imitima yabo izonezererwa Uhoraho.
8 'I will whistle for them and gather them in, for I have redeemed them, and they will be as many as they once were. Nzobahamagara ndabegeranye. Vy’ukuri nzobacungura; bazoba benshi bagwire nka kera.
9 Though I scatter them among the peoples, in far-off lands they will remember me; they will live, together with their children, and they will return. Naho nabasanzarije mu mahanga menshi, bazonyibuka bari mu bihugu vya kure. Kandi bo n’abana babo bazobaho, kandi bazogaruka.
10 I will bring them home from the land of Egypt and gather them from Assyria; I will bring them to the land of Gilead and Lebanon, until there is no more room for them. Nzobagarukana ndabakure muri Egiputa ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri. Nzobazana i Gileyadi n’i Libani, kandi ntibazoronka aho bakwirwa.
11 They will pass through the sea of distress; he will strike down the waves of the sea, and all the depths of the Nile will run dry. The pride of Assyria will be brought low, and the scepter of Egypt will pass away.' Bazoca mu kiyaga c’amarushwa; nzotururuza imipfunda yo mu kiyaga n’i bwina h’uruzi Nili hazokwuma. Ubwibone bwa Ashuri buzotururuzwa n’icumu ry’ubugabe rya Egiputa rizokurwaho.
12 I will make them strong in me, and in my name they will walk, declares our Father." Nzobaha inkomezi zivuye k’Uhoraho kandi mw’izina ryiwe bazobaho mu mutekano,” ni ko Uhoraho avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]