Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 An oracle: the word of our Father is against the land of Hadrach, and Damascus is its resting place—for the eyes of mankind and all the tribes of Israel are toward our Father, Ivyavugishijwe Zakariya: Ijambo ry’Uhoraho ryarumvikanye ryo kwagiriza igihugu ca Haduraki kandi rizoza kuruhukira kuri Damasiko, kuko inyonga z’Uhoraho ziri ku bantu bose hamwe n’imiryango yose y’Abisirayeli,
2 and against Hamath also, which borders on it, and against Tyre and Sidon, though they are very wise. ziri no kuri Hamati na ho nyene, ahahana urubibe na ho, no kuri Tiro n’i Sidoni, naho bazi ubwenge bwinshi.
3 Tyre built herself a fortress and heaped up silver like dust, and fine gold like the mud of the streets. Tiro hiyubakiye uruzitiro; hirundaniriza ifeza nk’umukungugu, n’inzahabu nk’umwavu wo mu mabarabara.
4 But look—the Sovereign Father will dispossess her and strike down her power on the sea, and she will be devoured by fire. Ariko Imana izojana ubutunzi bwaho bwose kandi izosenyurira inkomezi zaho mu kiyaga, kandi hazotongozwa umuriro.
5 Ashkelon will see it and be afraid; Gaza too will writhe in anguish, and Ekron, for her hope withers away. The king will perish from Gaza, and Ashkelon will not be inhabited. Igisagara Ashikeloni kizobibona gitinye; i Gaza bazohinda agashitsi kubera ubwoba, na Ekuroni na ho nyene, kuko ivyizigiro vyaho bizoba biheze. Gaza hazobura umwami waho kandi Ashikeloni na ho hazosigara ari ubugaragwa.
6 "A mongrel people will settle in Ashdod, and I will cut off the pride of the Philistines. Abantu b’ibivyarwa ni bo bazokwibera muri Ashidodi, kandi nzomara ubwibone Abafilisitiya.
7 I will take away the blood from its mouth and its abominations from between its teeth; it too will be a remnant for our Father, and it will be like a clan in Judah, and Ekron like the Jebusites. Nzokura inyama zikirimwo amaraso mu minwa yabo, nkure n’ivyokurya baterekereye ibigirwamana mu menyo yabo. Abasigaye bazoba inyegu y’Imana yacu kandi bazohinduka umuryango umwe wa Yuda, kandi n’abo muri Ekuroni bazohinduka nk’Abayebusi.
8 Then I will encamp at my house as a guard, so that no one marches back and forth; no oppressor will ever again overrun them, for now I am watching with my own eyes." Ariko jewe nzoshira ikirindiro canje ku rusengero rwanje ngo ndarurinde ingabo zoza kurutera. Nta wucinyiza azosubira guca mu bantu banje, kuko ndaharinze.
9 Rejoice greatly, daughter of Zion! Shout aloud, daughter of Jerusalem! Look—your king is coming to you; righteous and victorious is he, humble and riding on a donkey, on a colt, the foal of a donkey. Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni! Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu! Raba, umwami wawe arakugendeye, ni umugororotsi kandi afise intsinzi, yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.
10 I will cut off the chariot from Ephraim and the warhorse from Jerusalem, and the battle bow will be cut off; and he will speak peace to the nations. His rule will reach from sea to sea, and from the River to the ends of the earth. Nzokuraho imikogote muri Efurayimu n’amafarasi y’intambara ndayakure muri Yerusalemu, nzovunagura n’imiheto yo ku rugamba. Azovuga ivy’amahoro mu mahanga. Ukuganza kwiwe kuzova ku kiyaga gushike ku kindi no kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.
11 "As for you also, because of the blood of my covenant with you, I will set your prisoners free from the waterless pit. Ariko mweho, kubera amaraso yanje y’isezerano dufitaniye, nzobarekurira imbohe zanyu ndazikure mu rwobo rutagira amazi.
12 Return to your stronghold, you prisoners of hope; today I declare that I will restore to you double. Nimugaruke mu kibanza muzigamirwamwo, yemwe mbohe ziri n’ivyizigiro; mbere n’ubu ndabamenyesheje ko nzobashumbusha incuro zibiri imibabaro.
13 For I have bent Judah as my bow and laid Ephraim to it as the arrow. I will rouse your sons, O Zion, against your sons, O Greece, and make you like the sword of a warrior." Nzogonda i Buyuda nk’uko bagonda umuheto maze Efurayimu ndabahindure nk’umwampi. Nzokabura abahungu bawe, ewe Siyoni, ngo batere abahungu bawe, ewe Bugiriki, nzobagira nk’inkota y’umuhizi.
14 Then our Father will appear over them, and his arrow will go out like lightning; the Sovereign Father will sound the trumpet and march out in the whirlwinds of the south. Maze Uhoraho azoseruka hejuru y’abantu biwe; umwampi wiwe uzorabagirana nk’umuravyo. Uhoraho Nyeninganji azovuza inzamba; azogendera mu bihuhusi nk’ivy’umuyaga wo mu bumanuko,
15 The Father of heaven's armies will shield them, and they will devour and trample the sling stones; they will drink and roar as with wine, and be full like the bowl, drenched like the corners of the altar. kandi Uhoraho Mushoboravyose azobabera inkinzo ibakingira. Bazosangangura bongere batsinde abansi babo bakoresheje amabuye atereshwa umugozi. Bazokwiha akamo mu ntambara nk’ababorewe umuvinyu; bazoba buzuye amaraso nk’uko igikombe gikoreshwa mu gucucagira imfuruka z’igicaniro.
16 On that day their Father will save them, as the flock of his people; for like the jewels of a crown they will sparkle over his land. Uhoraho Imana yabo azotabara abantu biwe kuri uwo musi nk’uko umwungere atabara imikuku yiwe. Bazokayangana mu gihugu ciwe nk’amabuye y’igiciro ari ku rugori.
17 How great is his goodness, and how great his beauty! Grain will make the young men flourish, and new wine the young women. Ese ukugene bazoba ari beza kandi bateye igomwe! Ingano zizotuma abasore bakura, kandi n’umutobe ni ko uzobera abakobwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]