Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Open your doors, Lebanon—let fire devour your cedars! Ugurura amarembo yawe, ewe Libani, kugira ngo umuriro utongore amasederi yawe!
2 Wail, cypress, for the cedar has fallen, the majestic trees are ruined! Wail, oaks of Bashan, for the thick forest has come down! Nimuboroge, yemwe biti vy’ubujwari, kubera amasederi yiciwe; ibiti biteye igomwe vyaguye hasi! Nimuboroge, yemwe biti binini cane vy’i Bashani; kuko ishamba ryari rizitanye ryatemwe!
3 Listen—the wailing of the shepherds, for their glory is ruined! Listen—the roaring of young lions, for the thickets of the Jordan are ruined! Umviriza ukuboroga kw’abungere; kuko uburagiro butotahaye bwabo bwakuweho! Umviriza ukuroha kw’intambwe; kuko ubwihisho bwazo bwo kuri Yorodani bwakuweho.
4 This is what my Father says: Shepherd the flock marked for slaughter. Uku ni ko Uhoraho Imana yanje avuze: “Ragira umukuku wagerewe gukererwa.
5 Their buyers slaughter them unpunished; their sellers say, "Praise God, I've grown rich!"—and their own shepherds show them no compassion. Abaziguze barazikerera bakigira badahanywe. Abazigurishije na bo bakavuga bati: ‘Uhoraho ahimbazwe, turi abatunzi!’ N’abungere bazo ubwabo ntibaruha bazigirira akagongwe.
6 For I will no longer pity the land's people, declares our Father. I am handing everyone over—each into the hand of his neighbor and his king; they will crush the land, and I will rescue no one from their hand. Ni nk’uko nyene, sinzosubira kugirira akagongwe abantu b’iki gihugu,” ni ko Uhoraho avuze. “Nzotanga umuntu wese mu maboko y’abagenzi biwe n’umwami wabo. Bazotabagura igihugu, kandi sinzotabara n’umwe ngo ndamubakure mu maboko.”
7 So I shepherded the flock marked for slaughter, the most oppressed of the flock. I took two staffs, naming one Favor and the other Union, and shepherded the flock. Nuko nca ndagira wa mukuku wagerewe kubagwa, canecane izihahazwa zo mu mukuku. Maze nca nakira inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu iyindi Bumwe, maze nca ngenda kuragira wa mukuku.
8 In one month I removed the three shepherds. I grew impatient with them, and they also hated me. Mu kwezi kumwe nca nirukana abungere bawo batatu. Wa mukuku uca uranyanka, nanje ndushaho kugenda ndawurambirwa
9 Then I said, "I won't shepherd you. Let the dying die, the doomed be destroyed, and those left devour one another's flesh." maze ndavuga nti: “Sinzoba umwungere wanyu. Reka iyiriko irapfa ipfe, iyo kwicwa na yo yicwe. Izisigaye na zo ziryane zihezanye ubwazo.”
10 I took my staff Favor and broke it, breaking the covenant I made with all the peoples. Nuko mfata ya nkoni yitwa Buntu ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nerekane ko nkuyeho isezerano nasezeranye n’amahanga yose.
11 So it was broken that day, and the poor of the flock watching me knew this was the word of our Father. Rica rikurwaho kuri uwo musi nyene, maze izacinyijwe zo mu mukuku zariko zirandaba zica zimenya ko ari ijambo ry’Uhoraho.
12 I said to them, "If it seems right, give me my wages; if not, keep them." So they weighed out my wages—thirty pieces of silver. Ndazibwira nti: “Nimba bibabereye vyiza, nimumpe impembo yanje; ariko bitari uko, nimuyigumye.” Nuko bampemba ibiceri vy’ifeza mirongo itatu.
13 Then our Father said to me, "Throw it to the potter"—the grand price at which they valued me! So I took the thirty pieces of silver and threw them into the house of our Father, to the potter. Maze Uhoraho arambarira ati: “Yaterere umubumvyi,” ico giciro ciza babonye ko nkwiye! Nuko nca mfata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu ndabiterera umubumvyi mu Ngoro y’Uhoraho.
14 Then I broke my second staff, Union, annulling the brotherhood between Judah and Israel. Ndaheza mvuna ya nkoni igira kabiri yitwa Bumwe, mba mvunye ubumwe hagati ya Yuda na Isirayeli.
15 Then our Father said to me, "Take up once more the gear of a foolish shepherd. Maze Uhoraho arambarira ati: “Subira wakire ibikoresho vya wa mwungere w’igipfu.
16 For I am raising up a shepherd in the land who will not tend the perishing, not seek the scattered, not heal the broken, not sustain the healthy—but will eat the flesh of the fat ones and tear off their hooves. Kuko ngiye guhagurutsa umwungere w’iki gihugu atazobabara izazimiye, canke ngo arondere imyagazi, canke ngo avure izakomeretse, canke ngo agaburire izikomeye. Ahubwo azorya inyama z’intama z’indobanurwa, kugeza no ku binono.
17 Woe to my worthless shepherd, who deserts the flock! May the sword fall on his arm and on his right eye! Let his arm wither away completely, and his right eye go utterly blind!" Aragowe uwo mwungere w’igipfu ata co amaze, uwo ata umukuku! Aragakubitwa inkota ku kuboko no ku jisho ry’i buryo! Ukuboko kwiwe nikunyunyuke rwose, ijisho ryiwe ry’i buryo na ryo rihume rwose!”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]