Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A burden: the word of our Father concerning Israel—the declaration of our Father, who stretches the heavens, founds the earth, forms the human spirit within: Ivyavugishijwe Zakariya: Ijambo ry’Uhoraho ryerekeye Abisirayeli. Uhoraho, ni we yashanje amajuru, ashiraho urufatiro rw’isi, kandi ni we arema agashira impwemu mu muntu, avuze ati:
2 "Look, I am making Jerusalem a cup that sends all surrounding peoples reeling; Judah too will be in the siege against Jerusalem. “Ngiye guhindura Yerusalemu kuba igikombe kiboreza amahanga yose ahakikuje. I Buyuda hazokwugarizwa hamwe n’i Yerusalemu.
3 On that day I will make Jerusalem a heavy stone for all peoples; all who lift it will be badly gashed, while all nations of the earth gather against her.' Kuri uwo musi, aho amahanga yose yo kw’isi azoba yakoraniye kuhagwanya, nzohindura Yerusalemu igitandara kitanyiganyizwa ku mahanga yose. Abazogerageza kukinyiganyiza ni bo bazokomereka.
4 On that day, declares our Father, I will strike every horse with panic, its rider with madness. I will watch over the house of Judah but strike every horse of the peoples with blindness. Kuri uwo musi nzoteza ifarasi yose ubwoba, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi,” ni ko Uhoraho avuze. “Nzogumiza ijisho ryanje kuri Yuda, ariko nzoteza uruhumyi amafarasi yose y’amahanga.
5 Then Judah's clans will say in their hearts, 'Jerusalem's people are strong through their Father, the Father of heaven's armies.' Maze abakuru b’imiryango ya Yuda bazovuga mu mitima yabo bati: ‘Abantu b’i Yerusalemu ni abanyenkomezi, kuko Uhoraho Mushoboravyose ari Imana yabo.’
6 "On that day I will make Judah's clans a firepot among wood, a flaming torch among sheaves; they will consume all the surrounding peoples right and left, while Jerusalem stays secure in her place. Kuri uwo musi nzohindura imiryango ya Yuda imere nk’umuriro mu kirundo c’inkwi, canke nk’igishirira kiri mu miganda y’ingano. Bazotongora amahanga abakikije i buryo n’i bubamfu, ariko Yerusalemu ho hazoguma hahangamye mu kibanza caho.”
7 "Our Father will save Judah's tents first, so David's house and Jerusalem's people are not glorified above Judah. Uhoraho azotabara amazu y’Abayuda ubwa mbere, kugira ngo icubahiro c’inzu ya Dawidi n’ic’ababa i Yerusalemu ntikirute ica Yuda.
8 On that day our Father will shield those who live in Jerusalem, so that the weakest among them will be as mighty as King David. And the royal descendants will be like our Father, like the messenger of our Father who goes before Jerusalem's people. Kuri uwo musi Uhoraho azokingira ababa i Yerusalemu, kugira ngo umunyantegenke wo muri bo aze abe nka Dawidi, n’uruvyaro rwa Dawidi ruze rube nk’Imana, canke nk’umumarayika w’Uhoraho agiye imbere yabo.
9 'And on that day I will set out to destroy all the nations that come against Jerusalem. Kuri uwo musi nzosohokanwa no gusangangura amahanga yose azotera Yerusalemu.
10 "And I will pour out on the house of David and on those who live in Jerusalem a spirit of grace and of pleas for mercy, so that they will look on me, whom they have pierced, and they will mourn for him as one mourns for an only child, and grieve bitterly over him as one grieves over a firstborn. Nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu no gusenga. Bazondaba, jewe uwo bacumise, maze baboroge nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege, bagandare nk’uwugandarira imfura yiwe.
11 On that day Jerusalem's mourning will be as great as the mourning for Hadad-rimmon in Megiddo's plain. Kuri uwo musi gucura intimba muri Yerusalemu kuzoba kwinshi nka kwa gucura intimba ku bwa Hadadi-Rimoni mu kiyaya c’i Megido.
12 The land will mourn, each family alone: David's house alone, and their wives alone; Nathan's house alone, and their wives alone; Igihugu kizoboroga, umuryango wose ukwawo, hamwe n’abagore babo ukwabo: umuryango w’inzu ya Dawidi n’abagore babo, umuryango w’inzu ya Natani n’abagore babo,
13 the family of Levi's house alone and their wives alone; the family of Shimeites alone and their wives alone; umuryango w’inzu ya Lewi n’abagore babo, umuryango wa Shimeyi n’abagore babo,
14 and all the remaining families, each family on its own, and their wives on their own.'" n’abasigaye bose bo mu miryango n’abagore babo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]