Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 12 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Abansi ba Yerusalemu bazorandurwa

1Ivyavugishijwe Zakariya: Ijambo ry’Uhoraho ryerekeye Abisirayeli. Uhoraho, ni we yashanje amajuru, ashiraho urufatiro rw’isi, kandi ni we arema agashira impwemu mu muntu, avuze ati:

2“Ngiye guhindura Yerusalemu kuba igikombe kiboreza amahanga yose ahakikuje. I Buyuda hazokwugarizwa hamwe n’i Yerusalemu. 3Kuri uwo musi, aho amahanga yose yo kw’isi azoba yakoraniye kuhagwanya, nzohindura Yerusalemu igitandara kitanyiganyizwa ku mahanga yose. Abazogerageza kukinyiganyiza ni bo bazokomereka. 4Kuri uwo musi nzoteza ifarasi yose ubwoba, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi,” ni ko Uhoraho avuze. “Nzogumiza ijisho ryanje kuri Yuda, ariko nzoteza uruhumyi amafarasi yose y’amahanga. 5Maze abakuru b’imiryango ya Yuda bazovuga mu mitima yabo bati: ‘Abantu b’i Yerusalemu ni abanyenkomezi, kuko Uhoraho Mushoboravyose ari Imana yabo.’

6Kuri uwo musi nzohindura imiryango ya Yuda imere nk’umuriro mu kirundo c’inkwi, canke nk’igishirira kiri mu miganda y’ingano. Bazotongora amahanga abakikije i buryo n’i bubamfu, ariko Yerusalemu ho hazoguma hahangamye mu kibanza caho.”

7Uhoraho azotabara amazu y’Abayuda ubwa mbere, kugira ngo icubahiro c’inzu ya Dawidi n’ic’ababa i Yerusalemu ntikirute ica Yuda. 8Kuri uwo musi Uhoraho azokingira ababa i Yerusalemu, kugira ngo umunyantegenke wo muri bo aze abe nka Dawidi, n’uruvyaro rwa Dawidi ruze rube nk’Imana, canke nk’umumarayika w’Uhoraho agiye imbere yabo. 9Kuri uwo musi nzosohokanwa no gusangangura amahanga yose azotera Yerusalemu.

Uko bazoborogera uwo bacumise

10Nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu no gusenga. Bazondaba, jewe uwo bacumise, maze baboroge nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege, bagandare nk’uwugandarira imfura yiwe. 11Kuri uwo musi gucura intimba muri Yerusalemu kuzoba kwinshi nka kwa gucura intimba ku bwa Hadadi-Rimoni mu kiyaya c’i Megido. 12Igihugu kizoboroga, umuryango wose ukwawo, hamwe n’abagore babo ukwabo: umuryango w’inzu ya Dawidi n’abagore babo, umuryango w’inzu ya Natani n’abagore babo, 13umuryango w’inzu ya Lewi n’abagore babo, umuryango wa Shimeyi n’abagore babo, 14n’abasigaye bose bo mu miryango n’abagore babo.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]