Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On that day a fountain will open for the house of David and the people of Jerusalem, to cleanse them from sin and impurity. “Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.
2 On that day, declares the Father of heaven's armies, I will cut off the idols' names from the land, remembered no more; and I will remove the prophets and the spirit of impurity from the land. Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu.
3 If anyone still prophesies, the father and mother who bore him will tell him, "You must die, for you have spoken lies in our Father's name." And when he prophesies, his father and mother who bore him will stab him. Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: ‘Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ry’Uhoraho.’ Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.
4 On that day every prophet will be ashamed of his vision when he prophesies; nor will they wear a hairy cloak to deceive. Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu.
5 But he will say, "I am no prophet; I am a farmer, for the land has been my possession since my youth." Umwe wese azovuga ati: ‘Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.’
6 If someone asks him, "What are these wounds between your hands?" he will say, "I was wounded in the house of my friends." Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?’ bazomwishura bati: ‘Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.’
7 Awake, sword, against my shepherd, against the man who stands close to me, declares the Father of heaven's armies. Strike the shepherd, and the sheep will be scattered; and I will turn my hand against the little ones. Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje, ukubite urya muntu ari hafi yanje,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Kubita umwungere, intama zisanzare, nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.
8 And in all the land, declares our Father, two-thirds will be cut off and perish, but one-third will be left alive in it. Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze, babiri kuri batatu bazokwicwa; umwe muri batatu ni we azosigara.
9 That final third I will bring into the fire; I will refine them like silver, test them like gold. They will call on my name; I will answer them. Then I will say, "They are my children," and they will say, "Our Father." Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro; nzobamara inkamba nk’ifeza ndabagerageze nk’inzahabu. Bazokwambaza izina ryanje nanje nzobishura; nzovuga nti: ‘Ni abantu banje,’ na bo bazovuga bati: ‘Uhoraho ni we Mana yacu.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]