Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 35 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Elihu continued and said: Maze Elihu arongera aravuga ati:
2 "Do you think this is just? You say, 'My righteousness is more than God's.' “Wibaza ko uri mu kuri, ko uvuga ngo ‘Ndi umugororotsi imbere y’Imana?’
3 For you ask, 'What good does it do you? What do I gain by not sinning?' Ariko urabaza uti: ‘Mbega vyomarira iki kugororoka, kandi vyomarira iki kubaho ntakora icaha?’
4 I will answer you, and your friends along with you. Reka ndakwishure, nishure n’abagenzi bawe.
5 Look up at the heavens and see; gaze at the clouds, which are higher than you. Rangamiza kw’ijuru, urabe ingene ibicu biri kure hejuru yawe.
6 If you sin, what do you accomplish against him? And if your rebellions are many, what do you do to him? Wibaza ko ukoze icaha hari ico vyoyigira? Ivyaha vyawe bibaye vyinshi, hari ico vyoyitwara?
7 If you are righteous, what do you give him? Or what does he receive from your hand? Mbega uyigororokeye woba uyihaye iki? Yoronka iki mu biganza vyawe?
8 Your wickedness affects only a man like yourself, and your righteousness only a fellow human. Haba na mba. Ivyaha vyawe vyonona abantu nka wewe nyene, kandi ubugororotsi bwawe bwofasha umwana w’umuntu gusa.
9 People cry out under the weight of many oppressions; they call for help against the arm of the mighty. Iyo agacinyizo kabaye kenshi, amarira aba menshi. Bataka barondera ububasha bw’umunyenkomezi.
10 But no one says, 'Where is God my Maker, who gives songs in the night, Ariko nta n’umwe abaza ati: ‘Mbega Imana umuremyi wanje, yo impa indiririmbo mw’ijoro,
11 who teaches us more than the beasts of the earth and makes us wiser than the birds of the sky?' ikatwigisha gusumvya uko yigisha ibikoko vyose vyo kw’isi, ikatugira abanyabwenge gusumvya inyoni zo mu kirere, iri hehe?’
12 There they cry out, but he gives no answer, because of the pride of evil men. Iyo basemereye Imana ntibishure, biba vyatewe n’ukwishira hejuru kw’umunyakibi.
13 Surely God does not listen to an empty cry; the Almighty pays it no attention. Mu vy’ukuri, Imana ntiyumva amasengesho agaragara, Iyishoboravyose ntibishirako umutima.
14 How much less, then, will he answer when you say you do not see him—though your case is before him and you must wait for him. Mbega ntizorushiriza kutakwumva, ko uvuga ngo ntuyibona, ko uvuga ngo izi urubanza rwawe, ariko ikakurindiriza cane,
15 And now, because his anger has not yet punished, and he has taken little notice of foolishness. ukongera ukavuga ko uburake bw’Imana budahana, ko idashira umutima ku kibi.
16 Job opens his mouth with empty talk; he multiplies words without knowledge." Yobu yugururiye akanwa kuvuga amajambo y’imburakimazi, yagwije amajambo y’ubupfu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]