Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 36 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 And Elihu continued and said: Elihu arabandanya ati:
2 "Bear with me a little, and I will show you, for there are still words to speak on God's behalf. “Subira unyihanganire gato ngusigurire, kuko ngifise ivyo kuvuga ku vyerekeye Imana.
3 I will bring my knowledge from afar, and ascribe righteousness to my Maker. Reka nguhe uturorero twinshi ku kugororoka kw’Umuremyi wanje.
4 For truly my words are not false; one perfect in knowledge is with you. Ivyo nkubwira ni ukuri kugaragara, kuko jewe ndi i ruhande yawe mfise ubumenyi bukwiye.
5 Look, God is mighty, yet he does not despise; he is mighty in strength of understanding. Imana ni Inyabushobozi, ariko ntisuzugura abantu, ni Inyabushobozi mu bwenge bwayo.
6 He does not keep the wicked alive, but gives justice to the afflicted. Ntiyirengagiza umunyakibi, kandi umukene imucira izibereye.
7 He never takes his eyes off the righteous; he seats them with kings on their thrones forever, and they are exalted. Inyonga zayo ntiziva ku bagororotsi; ibicarikana n’abami, ikabashira hejuru ibihe vyose.
8 And if they are bound in chains, caught fast in cords of affliction, Ariko iyo abantu baboshwe n’iminyororo, bakabohwa n’imigozi y’imibabaro,
9 then he declares to them their deeds and their rebellions, that they have behaved arrogantly. Imana igaragaza ivyaha vyabo, ivyo bakoreye mu bwibone bwabo.
10 He opens their ear to instruction, and commands that they turn back from sin. Ibazibura amatwi ngo batahure ivyo ibabwira, maze ikababurira ngo bave mu bibi.
11 If they listen and serve him, they finish their days in prosperity, and their years pass pleasantly. Bayumviye bakayikorera, bazomara imisi yose basigaje kubaho baguwe neza, imyaka yabo izoba iyo guhimbarwa.
12 But if they do not listen, they perish by the sword, and die without knowledge. Ariko batayumviye, bazicwa n’inkota, bongere bicwe n’ubujuju.
13 The godless at heart harbor anger; they do not cry for help when he binds them. Abatubaha Imana babohwa n’ishavu, kandi iyo ibahanye, ntibanayambaza ngo ibatabare.
14 Their soul dies in youth, and their life ends among the cult prostitutes. Bapfa bakiri bato, bakagwa hamwe n’abamaraya bo mu ngoro z’ibigirwamana
15 He delivers the afflicted by their affliction, and opens their ear through adversity. Ariko abababaye ibakirisha mu mibabaro yabo nyene, ikavuganira na bo mu mibabaro yabo.
16 He would also have drawn you out of the jaws of distress to a wide, open place with no constraint, and your table would be spread with richness. Imana iriko irakwiyegereza ngo igukure mu mibabaro, ngo igutware ahiyaguye mu mwidegemvyo, ngo ugubwe neza ku meza yawe iriko ivyokurya bitoranijwe.
17 But you are consumed with the judgment due the wicked; judgment and justice have taken hold of you. Ariko noneho ufashwe n’urubanza rucirirwa abanyavyaha, urubanza n’ukuri biragutsinze.
18 Beware that wrath does not entice you into scoffing, and do not let a large ransom lead you astray. Wirinde ntihagire uwugukwegesha ubutunzi, ntiwemere ko igiturire kiguhindukiza.
19 Can your cry for help keep you from distress, or all the forces of your strength? Mbega ubutunzi bwawe canke inkomezi zawe vyokuzigama, bikagukiza imibabaro?
20 Do not long for the night, when peoples are cut off from their place. Ntukipfuze ijoro, aho abantu baburirwa irengero mu ngo zabo.
21 Take care; do not turn to sin, for you have chosen this rather than affliction. Wirinde ntusubire mu bibi, kuko bisa nk’aho ari vyo wahisemwo kurusha imibabaro.
22 Look, God is exalted in his power; who is a teacher like him? Imana ishizwe hejuru mu bubasha bwayo. Ni nde yoba umwigisha kuyisumvya?
23 "Who has prescribed for him his way, or who can say, 'You have done wrong'? Ni nde yoyibwira ico ikora, canke ni nde yoyibwira ati: ‘Wakoze nabi?’
24 Remember to extol his work, which people have celebrated in song. Ahubwo nushime ibikorwa vyayo vyiza, ivyo abantu bose bashimagiza mu ndirimbo.
25 All mankind has looked on it; humanity sees it from afar. Abaremwe bose barabibonye, abantu bose babirabira kure.
26 Look, God is great, and we do not know him; the number of his years is beyond searching. Raba Imana irahambaye, natwe ntidushobora kuyitahura! Imyaka yayo ntigira igitigiri.
27 For he draws up the drops of water; they distill as rain from his mist, Yegeranya utuma tw’amazi, hanyuma ikaduhindura imvura.
28 which the clouds pour down and drop abundantly on mankind. Ibicu bisesa imvura, isinzi ry’abantu rigashikirwa.
29 Can anyone understand the spreading of the clouds, the thunder of his pavilion? Ni nde yotahura ingene ikwiragiza hose ibicu, n’uguturagara kwo kw’ijuru?
30 Look, he scatters his lightning around him, and covers the depths of the sea. Raba ingene ikwiragiza imiravyo impande zayo zose, igapfuka i bwina h’ikiyaga.
31 For by these he governs the peoples; he gives food in abundance. Uko ni kwo iganje amahanga, ikayaha ivyokurya vy’umusesekara.
32 He fills his hands with the lightning, and commands it to strike the mark. Ifata umuravyo mu ntoke, ikawutumbereza ku co yawugeneye.
33 Its crashing tells of him; even the cattle sense the storm coming." Umuturagaro umenyekanisha ko ari ho iri, n’ibitungwa bikamenya ko yegereje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]