Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Why doesn't the Almighty set aside times for judgment? Why do those who know him never see his days? Ni iki gituma Iyishoboravyose idashiraho igihe c’imanza? Mbega ni kuki abayubaha barindira ivyo bihe bakabibura?
2 The wicked move boundary stones; they seize flocks and pasture them as their own. Abantu bashingura akarimbi, bakaragira izo bivye,
3 They drive away the donkey of the fatherless; they take the widow's ox as collateral. bagasahura indogoba abakene n’impfuvyi. Agaka k’abapfakazi bagatwara nk’ingwati.
4 They shove the needy off the road, so that the poor of the land are forced into hiding. Bashiburira abakene inyuma y’inzira, aboro bo mu gihugu bakabahindira mu binyegero.
5 Look—like wild donkeys in the wilderness, the poor go out to their labor, scavenging for food; the wasteland yields bread for their children. Aboro basigaye bameze nk’indogoba zo mu bugaragwa, birirwa barayerera barondera icobatunga. Baronderera mu bugaragwa ico bagaburira abana babo.
6 They harvest fodder in fields not their own and glean the vineyard of the wicked. Batunzwe n’ivyatsi vyo mw’ishamba, begeranya udusigazwa two mu nzabibu z’abanyakibi.
7 They spend the night naked, without clothing, with no covering against the cold. Bagenda gusa, barara batipfutse, ntibagira ico bipfuka mu mbeho.
8 They are drenched by the mountain rains and huddle against the rock for lack of shelter. Imvura yo mu misozi ibahererako, bakumira ku bitandara vy’amabuye kubera kubura ubwihisho.
9 The fatherless child is snatched from the breast, and the infant of the poor is seized as collateral. Impfuvyi zonkorwa kuri ba nyina, abana b’impfuvyi bagafatwako ingwati.
10 They go about naked, without clothing; starving, they carry the sheaves. Bagenda gusa ku kubura ico bambara, bikorera imiganda y’ingano ariko bakicwa n’inzara.
11 Among the olive groves they press out oil; they work the winepresses, yet they go thirsty. Bakanya imyelayo mu ngo z’abatunzi, bakaganira imitobe mu mato, ariko bakicwa n’inyota.
12 From the city the dying groan, and the throats of the wounded cry out for help—yet God does not charge anyone with the wrongdoing. Iminiho y’abacikana yumvikana mu gisagara, imitima yakomeretse ikaboroga itabaza. Ariko Imana nta n’umwe yagiriza ikibi.
13 "There are those who rebel against the light; they do not know its ways or remain in its paths. Abanyakibi banka umuco, bakirengagiza inzira zawo. Ntibazigera bazigumamwo.
14 At dawn the murderer rises to kill the poor and needy, and by night he prowls like a thief. Iyo bwije, umwicanyi arahaguruka, akica abakene n’aboro, mw’ijoro na ho agasahura nk’igisuma.
15 The eye of the adulterer watches for twilight, thinking, 'No eye will see me,' and he keeps his face hidden. Umusambanyi yikinga agahumbezi, akibwira ati: ‘Nta n’umwe aza kumbona.’ Yipfuka mu maso kugira ngo ntihagire uwumumenya.
16 In the dark they break into houses; by day they shut themselves away, for they want nothing to do with the light. Abasuma bamena amazu mw’ijoro, ku murango bakiyugarana bakaryama; nta ho bahurira n’umuco.
17 For deep darkness is morning to them all; they are at home with the terrors of the dark. Umwijima w’umuzitanya ni co gitondo cabo, umwijima uteye ubwoba ni wo mugenzi wabo.
18 "Yet you say they are swift on the face of the waters; their portion of the land is cursed, and no one turns toward their vineyards. Ariko bazoyonga nk’ifuro riyerera ku mazi. Amatongo yabo aravumwe, ntibagifata inzira ija mu nzabibu zabo.
19 As drought and heat steal away the melting snow, so the grave snatches those who have sinned. Nk’uko uruzuba rutuma shelegi iyonga, ni ko imva inyakura abanyavyaha.
20 The womb that bore them forgets them; the worm feasts on them; they are remembered no more, and wickedness is shattered like a tree. Inda zabavyaye zirabibagira, urunyo rukabagirako umusi mukuru. Abanyakibi ntibibukwa, bamera nk’igiti kivunwa n’igihuhusi.
21 They prey on the barren woman who bears no child and show no kindness to the widow. Bifatira abagore b’ingumba, kandi ntibafasha abapfakazi.
22 "Yet by his power God drags off the mighty; he rises up, and no one is sure of his own life. Imana, mu bushobozi bwayo, ikuraho abahambaye; naho womenga baratewe baramera, nta kibemeza ko bafise ubuzima.
23 God lets them rest in security, and they lean on it, but his eyes are on their ways. Ishobora kubareka bakidibamira nk’abafise umutekano, ariko burya iba ishinze ijisho inzira zabo.
24 They are exalted for a little while, and then they are gone; they are brought low and gathered up like everyone else, cut off like heads of grain. Bashirwa hejuru akanya gato, mu kandi kanya bakaba barangiye; bacishwa bugufi, bakegeranirizwa hamwe nk’abandi, bagenywa nk’uwugenya ingano.
25 If this is not so, who can prove me a liar and reduce my words to nothing?" Nimba atari uko biri, Nihagire uwumpinyuza, ahindure ubusa amajambo yanje.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]