Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Job answered: Yobu aca yishura ati:
2 "Even today my complaint is bitter; his hand is heavy despite my groaning. “No gushika uwu musi, amaborogo yanje aracari umururazi, ikiganza ciwe kirandemereye kurenza amaborogo yanje.
3 If only I knew where to find him, so I could come to his dwelling! Ese iyo mba nashobora kumenya aho noyisanga, ese iyo mba noshika aho iba!
4 I would lay my case before him and fill my mouth with arguments. Ngashinga urubanza rwanje imbere yayo, akanwa kanje kagasesekara ukwiregura kwanje.
5 I would learn the words he would answer me and understand what he would say to me. Kumbure nkumva ico yonyishura, nkiyumvira neza ku vyo imbariye.
6 Would he argue with me in the greatness of his power? No—he would surely give me a hearing. Mbega yohangana nanje mu bubasha bwayo bukomeye? Haba na mba! Ahubwo yonyumviriza neza.
7 There an upright person could reason with him, and I would be acquitted forever by my judge. Kuko imbere yayo, umugororotsi arashobora kwiregura, kandi aho nobohorwa ibihe vyose imbere y’umucamanza wanje.
8 But if I go east, he is not there; and to the west I cannot find him. Ariko ngiye mu buseruko sindayisangayo, naja mu burengero na ho nyenye sindayibone.
9 When he works in the north, I cannot see him; when he turns to the south, I cannot find him. Iyo iriko ikorera mu buraruko, njayo sindayibone; nagaruka mu bumanuko na ho nyene sindayibona.
10 But he knows the way that I take; when he has tested me, I will come out as gold. Ariko irazi inzira zanje, kandi niyamara kungerageza, nzosohoka meze bwa nzahabu.
11 My foot has held fast to his steps; I have kept his way and not turned aside. Ibirenge vyanje vyagumye hafi y’intambuko zayo, kandi nagumye mu nzira zayo ntahengamiye i buryo canke i bubamfu.
12 I have not departed from the command of his lips; I have treasured the words of his mouth more than my daily bread. Sinigeze nja kure y’ivyagezwe vyavuye mu kanwa kayo, ahubwo amajambo yayo nayabitse neza kurusha ivyokurya vya misi yose.
13 But he is unchangeable—who can turn him back? Whatever he desires, he does. Mbega ko ari yo Mana yonyene ifata ingingo, ni nde yoyihaririza? Ikora ico igomvye cose.
14 For he will carry out what he has appointed for me, and many such things are in his mind. Ishira mu ngiro amabwirizwa yayo angwanya, kandi imigabo nk’iyo yipfuza kunshitsako ni myinshi.
15 That is why I am terrified before him; when I consider it, I am in dread of him. Ni co gituma mpindira agashitsi imbere yayo. Iyo ndavyiyumviriye, ubwoba burantekera.
16 God has made my heart faint; the Almighty has terrified me. Imana ni yo idendebuye umutima wanje, Iyishoboravyose ni yo inciye ivutu.
17 Yet I am not silenced by the darkness, by the thick gloom that covers my face." Ariko sinzibwa akanwa n’umwijima, canke umuzitanya untwikiriye mu maso.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]