Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

James 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My brothers and sisters, as believers in our glorious Lord Jesus Christ, do not show favoritism. Bene Data, abizera Umwami wacu w’ubwiza Yesu Kristo, ntibarobanura ku butoni.
2 Say a man wearing a gold ring and fine clothes enters your assembly, and a poor man in shabby clothes enters too. Nk’akarorero hinjiye umuntu mw’ikoraniro ryanyu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu nziza, hakinjira n’uwundi yambaye impuzu zishize.
3 If you notice the well-dressed one and say, "Sit here, a good seat," but tell the poor man, "Stand over there," or "Sit on the floor by my feet," Iyo mwitayeho cane wa wundi yambaye neza mukamubwira muti: “Ehe ng’iki ikibanza ciza canyu,” ariko mukabwira wa mukene muti: “Wewe hagarara harya” canke muti: “Icara hasi i ruhande y’ibirenge vyanje,”
4 haven't you played favorites among yourselves and become judges guided by evil motives? mbega ntimuba mwiciyemwo ibice hagati yanyu kandi mugaca imanza mufise intumbero mbi?
5 Listen, my beloved brothers and sisters: Hasn't our Father chosen the world's poor to be rich in faith, heirs of the kingdom promised to those who love him? Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?
6 But you disrespected the poor. Don't the rich oppress you and drag you into court? Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza?
7 Aren't they blaspheming the honorable name called over you? Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?
8 If you truly obey the royal law according to the Scripture, "Love your neighbor as yourself," you do well. Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”
9 But if you show favoritism, you are sinning, and the law convicts you as lawbreakers. Ariko, nimwaba mukirobanura abantu ku butoni, muzoba mucumuye kandi mutsinzwe n’urubanza rw’uko murenga ku vyagezwe.
10 Whoever keeps the whole law but stumbles at one point is guilty of breaking it all. Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose.
11 For our Father, who forbade adultery, also forbade murder. So if you avoid adultery yet commit murder, you're a lawbreaker. Kuko Imana yavuze ngo: “Ntugasambane” ni na yo yavuze ngo: “Ntukice.” Rero naho utosambana ariko ukica, uzoba warenze ku vyagezwe.
12 Speak and act as people who will be judged by the law of freedom. Mu mvugo no mu ngiro, mukore nk’abazocirwa urubanza n’ivyagezwe bitanga umwidegemvyo,
13 Judgment is merciless to one who showed no mercy; mercy triumphs over judgment. kuko mu guca imanza, Imana atazogirira imbabazi abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zitsinda urubanza!
14 What good is it, my brothers and sisters, if someone claims faith without works? Can that faith save him? Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?
15 Suppose a brother or sister is poorly clothed and lacking daily food, Dufate ko hari mwene Data atagira ico yambara canke ico afungura.
16 and one of you tells them, "Go in peace, stay warm and fed," but gives nothing for their bodily needs—what good is that? Hamwe umwe muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora, yoba amufashije iki?
17 In the same way, faith by itself, if it is not accompanied by works, is dead. Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye.
18 But someone will say, "You have faith, and I have works." Show me your faith without works, and I'll show you my faith from my works. Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”
19 You believe that our Father is one; you do well. Even the demons believe that—and shudder. Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.
20 Do you want me to show you, you foolish person, that faith apart from works is useless? Mbega imburabwenge! Ukeneye ikikwemeza ko ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze?
21 Was not Abraham our father justified by works when he offered his son Isaac on the altar? Mbega sogokuruza wacu Aburahamu ntiyiswe umugororotsi kubera ivyo yakoze, mu kwemera gutanga Isaka nk’ikimazi ku gicaniro?
22 You see that faith was working together with his works, and faith was completed by his works. Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze.
23 This fulfilled the Scripture: "Abraham believed our Father, and it was credited to him as righteousness"—he was called our Father's friend. Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.
24 You see that a person is justified by works and not by faith alone. Urabona rero ko umuntu yemerwa ko agororotse kubera ibikorwa biherekeza ukwizera ariko atari ukwizera kwonyene.
25 Likewise, wasn't Rahab the prostitute also justified by works, welcoming the messengers and sending them out a different way? Kandi muri iyo ntumbero nyene, mbega Rahabu maraya ntiyemewe nk’uwugororotse bivuye ku vyo yakoze igihe yaha indaro ba batasi kandi akabarungika abacishije mu yindi nzira?
26 As the body without the spirit is dead, so also faith without works is dead. Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]