Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

James 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 James, a servant of our Father and the Lord Jesus Christ, to the twelve tribes scattered among the nations: greetings. Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo, Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.
2 Consider it pure joy, my brothers and sisters, whenever you face trials of many kinds, Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi,
3 because you know that the testing of your faith produces perseverance. kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura.
4 Let perseverance finish its work so that you may be mature and complete, lacking nothing. Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.
5 If any of you lacks wisdom, ask our Father, who gives freely to all without criticizing, and it will be given you. Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
6 Ask in faith, without doubting, for the doubter is like a sea wave, driven and tossed by the wind. Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.
7 That person should not expect to receive anything from our Father. Umeze atyo ntiyitege ko hariho ico azoronka kivuye ku Mwami Imana;
8 Such a person is double-minded and unstable in all their ways. kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.
9 Let the believer in humble circumstances take pride in their high position, Abizera kandi bakenye barafise ico bakwiye kwishimira, kuko Imana yabashize hejuru.
10 but let the rich boast in their low state, since they'll pass like a wildflower. Ariko abatunzi bo, bakwiye kwishimira ko Imana yabacishije bugufi. Kuko bazokurwaho kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba.
11 The sun rises with scorching heat and withers the grass. Its flower falls; its beauty vanishes. So the rich fade away amid their pursuits. Izuba ryatse ubushuhe bwaryo bwumisha igiterwa; ishurwe ryaco rigakoroka n’ubwiza bwaryo bugakurwaho. Uko ni ko n’umutunzi azokwuma ari mu bikorwa vyiwe.
12 Blessed is the one who endures trial, because once tested they'll receive the crown of life our Father promised to those who love him. Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.
13 When tempted, no one should say, "Our Father is tempting me." Evil can't tempt our Father, and he tempts no one. Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: “Imana iriko irangerageza.” Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe.
14 But each person is tempted, dragged away and lured by their own evil desire. Ariko, umuntu wese ageragezwa n’ivyipfuzo vyiwe bibi, hanyuma bikamusunikira mu mutego.
15 Then desire conceives and gives birth to sin; sin, full-grown, gives birth to death. Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.
16 Don't be deceived, my dear brothers and sisters. Ntimuhendwe bene Data nkunda.
17 Every good and perfect gift is from above, coming down from the Father of lights, who never changes or casts a shifting shadow. Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.
18 By his choice, he gave us birth through the word of truth, so we'd be a kind of firstfruits of his creation. Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.
19 Know this, my dear brothers and sisters: everyone should be quick to listen, slow to speak, slow to anger, Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,
20 because human anger does not produce the righteousness of our Father. kuko ukuraka kw’umuntu kutamushikana ku bugororotsi Imana ishaka.
21 So strip off all moral filth and excess evil; humbly receive the word planted in you, able to save your souls. Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.
22 Do not merely listen to the word, and so deceive yourselves. Do what it says. Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.
23 Anyone who hears the word but doesn't act on it is like one who looks at his natural face in a mirror, Umuntu wese yumviriza iryo jambo ariko ntarishire mu ngiro ameze nk’umuntu yiraba mu maso mu cirore
24 and, after looking at himself, goes away and immediately forgets what he looks like. hanyuma, amaze kwiraba akagenda agaca yiyibagira ubwo nyene uko asa.
25 But whoever peers into the perfect law of freedom, continuing in it—not a forgetful hearer but a doer who acts—will be blessed in his doing. Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.
26 If anyone thinks himself religious but doesn't control his tongue, he deceives his own heart—his religion is worthless. Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.
27 Pure and spotless religion before our Father is this: caring for orphans and widows in their distress, and keeping oneself unstained from the world. Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]