Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Let love for one another as family continue. Tubandanye gukundana nk’abavukana.
2 Don't forget hospitality to strangers; through it some have hosted angels unaware. Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.
3 Remember prisoners as though chained with them, and the mistreated, since you too are in the body. Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.
4 Marriage should be honored among all, the marriage bed kept pure—our Father will judge the sexually immoral and adulterous. Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
5 Keep your life free from the love of money; be content with what you have, for our Father himself has said, "I will never leave you, never abandon you." Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta; sinzokwigera ndaguheba.”
6 So we say with confidence: Our Father is my helper; I will not fear. What can anyone do to me? Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti: “Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya. None abantu buntu bongira iki?”
7 Remember your leaders who spoke our Father's word to you. Consider the outcome of their way of life, and imitate their faith. Mwibuke abarongozi banyu babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.
8 Jesus Christ is the same yesterday and today and forever. Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.
9 Don't be swept away by strange, varied teachings. It's good for the heart to be strengthened by grace, not by foods—those who live by them gain nothing. Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu gukurikiza migenzo ijanye n’ivyokurya, kuko idashobora gufasha abayikurikiza.
10 We have an altar from which those who serve the tent have no right to eat. Turafise igicaniro abaherezi bakora mw’ihema badafise uburenganzira bwo kurirako.
11 For the bodies of animals whose blood the high priest brings into the sanctuary for sin are burned outside the camp. Mu gihe c’Isezerano rya Kera, umuherezi mukuru yazana amaraso y’ibitungwa Ahera Cane nk’ikimazi c’ivyaha, ariko imibiri y’ivyo bitungwa yaturirirwa inyuma y’aho bari bashinze amahema.
12 So Jesus also suffered outside the gate to make the people holy through his own blood. Ni co gituma na Yesu yapfiriye inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.
13 Therefore let us go out to him outside the camp, bearing the shame he endured. Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho dushinze amahema, twemere gukengerwa nka we.
14 For here we have no lasting city, but we are seeking the city that is to come. Kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ahubwo turiko turondera igisagara kizoza.
15 Through him, then, let us always offer our Father a sacrifice of praise—the fruit of lips confessing his name. Nuko rero muze twame duha Imana ikimazi c’ishimwe duciye muri Yesu, ni co camwa c’iminwa yacu yatura izina ryiwe.
16 Don't forget to do good and share what you have—such sacrifices please our Father. Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gufashanya, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.
17 Obey your leaders and submit to them—they watch over your souls, since they'll answer for you. Let them do this joyfully, not with groaning, for that profits you nothing. Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, batababaye, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.
18 Pray for us, since we're sure our conscience is clear, wanting to act honorably in everything. Mudusengere. Imitima yacu nta kibi itwagiriza kandi dushaka gukora vyose mu buryo bwiza.
19 I urge you even more to do this, so I may be restored to you sooner. Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.
20 May our Father of peace, who raised our Lord Jesus—the great Shepherd of the sheep—from the dead by the blood of the eternal covenant, Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,
21 complete you in every good thing to do his will, working in us what pleases him through Jesus Christ, to whom be glory forever and ever. Amen. abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.
22 Brothers and sisters, I urge you to bear with this word of encouragement—I've written only briefly. Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.
23 Know that our brother Timothy has been released; if he comes soon, I will see you with him. Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.
24 Greet all your leaders and all the saints. Those from Italy send you greetings. Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.
25 Grace be with you all. Amen. Ubuntu bw’Imana bubane namwe mwese.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]