Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, with so great a cloud of witnesses surrounding us, let's strip off every weight and the sin that clings so tightly, and run with endurance the race laid out before us. Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu.
2 Looking to Jesus, the founder and perfecter of our faith, who for the joy set before him endured the cross, despising its shame, and is seated at the right hand of our Father's throne. Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.
3 Weigh how he endured such hostility from sinners against himself, so you don't grow weary or lose heart. Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.
4 In your struggle against sin you have not yet resisted to the point of shedding your blood. Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka.
5 Have you forgotten the encouragement addressing you as sons? "My son, don't dismiss our Father's discipline, or lose heart when he corrects you. Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti: “Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho, kandi ntugacike intege iyo aguhanye;
6 For our Father disciplines the one he loves, and chastises every son whom he receives." kuko Uhoraho aha indero abo akunda, kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe.”
7 It is for discipline that you endure. Our Father is treating you as sons; for what son is there whom his father does not discipline? Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?
8 If you lack the discipline all children share, you're illegitimate, not sons. Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri.
9 Then too, we had physical fathers who disciplined us, and we respected them. Shouldn't we submit far more to the Father of spirits, and live? Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.
10 They disciplined us briefly as they saw fit; he disciplines us for our good, so we may share his holiness. Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.
11 For the moment all discipline seems painful rather than pleasant, but later it yields the peaceful fruit of righteousness to those who have been trained by it. Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
12 Therefore lift your drooping hands and strengthen your weak knees, Nuko rero, nimugorore amaboko yanyu arushe, mukomeze n’amavi acitse intege.
13 and make straight paths for your feet, so the lame limb won't be dislocated but instead healed. Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.
14 Pursue peace with everyone, and the holiness without which no one will see our Father. Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
15 Watch that no one falls short of our Father's grace, that no root of bitterness grows up to cause trouble and make many unclean, Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire ikintu na kimwe kibi kimeze nk’umuzi utera umurarazi kiba hagati yanyu kigatera uruhagarara, benshi bononekara.
16 that no one is sexually immoral or unholy like Esau, who sold his birthright for one meal. Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.
17 You know that afterward, wanting to inherit the blessing, he was rejected, for he found no opportunity to reverse the decision, though he sought the blessing with tears. Murazi ko mu nyuma yarondeye guhabwa umuhezagiro na se, ariko ntiyemererwa. Naho yawuronderanye amarira menshi, ntivyakunda ko ahindura ivyo yari yarakoze.
18 For you have not come to what can be touched, and blazing fire, and darkness, and gloom, and storm, Mwebwe ntimwegereye umusozi umuntu ashobora gukorako: nta mbeya z’umuriro, nta mwijima, nta joro, nta mituragaro, nk’uko vyabaye ku Bisirayeli ku musozi Sinayi.
19 and a trumpet blast, and a voice of words, whose hearers begged no more be said to them. Bo bumvise ugusamirana kw’inzamba n’ijwi riteye ubwoba ku buryo abaryumvise basavye Imana kudasubira kuvugana na bo.
20 For they could not bear the command: "If even an animal touches the mountain, it must be stoned." Baciye bagenza umugongo bumvise ijwi ry’Imana rivuga riti: “Ikintu cose kizokwegera uwu musozi, naho coba igitungwa, kize cicishwe amabuye.”
21 Indeed, so terrifying was the sight that Moses said, "I am trembling with fear." Ivyo babonye vyari biteye ubwoba ku buryo Mose ubwiwe yavuze ati: “Ndiko ndajugumira kubera ubwoba.”
22 But you have come to Mount Zion, city of the living Father, heavenly Jerusalem, and to countless angels in joyful assembly, Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu co mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.
23 and to the assembly of the firstborn enrolled in heaven, and to our Father, judge of all, and to the spirits of the righteous made perfect, Mwegereye ikoraniro ry’abana b’imfura b’Imana banditswe mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.
24 and to Jesus, mediator of a new covenant, and to sprinkled blood speaking a better word than Abel's blood. Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
25 See that you don't refuse the One speaking. If those who refused the One warning them on earth didn't escape, how much less will we, if we turn from the One warning from heaven. Mwirinde ntimwanke kwumviriza iyiriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha ari kw’isi, none tweho twokira gute igihano twanse kwumviriza iyivuga iri mw’ijuru.
26 Then his voice shook the earth; now he has promised: "Yet once more I will shake not only the earth but also the heavens." Igihe Imana yavugira ku musozi Sinayi, ijwi ryayo ryanyiganyije isi; uno musi na ho Imana isezerana iti: “Nzosubira kunyiganyiza, atari isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.”
27 The phrase "Yet once more" signals removal of shaken things—that is, created things—so the unshaken may remain. Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.
28 So, receiving an unshakable kingdom, let's hold on to thankfulness and offer our Father acceptable worship, with reverence and awe, Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.
29 for our Father is a consuming fire. Kuko “Imana yacu ni umuriro utongora.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]