Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now faith is the assurance of things hoped for, the conviction of things not seen. Ukwizera ni ukudakekeranya ko ivyo wizigiye bizoba; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.
2 For by it the people of old received their commendation. Ukwizera ni kwo kwatumye abantu ba kera bashingirwa intahe.
3 By faith we understand our Father's word formed the universe, so what is seen came not from the visible. Ukwizera ni kwo gutuma dutahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana, ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.
4 By faith Abel brought our Father a better offering than Cain's, through which he was proven righteous, our Father commending him by accepting his gifts. Though he died, through his faith he still speaks. Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.
5 By faith Enoch was taken up, not seeing death, and was not found, because our Father had taken him. Before his taking, he was commended as pleasing to our Father. Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.
6 Without faith it's impossible to please him: whoever approaches our Father must believe he exists and rewards those who sincerely seek him. Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.
7 By faith Noah, warned about what wasn't yet visible, built an ark in reverence to save his household. By this he condemned the world and became heir of the righteousness that comes through faith. Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.
8 By faith Abraham obeyed the call to go to a place he'd receive as inheritance, leaving without knowing his destination. Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo aje mu gihugu yari igiye kumuha ngo kibe iragi ryiwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.
9 By faith he settled in the land of promise as in a foreign land, living in tents with Isaac and Jacob, co-heirs of the same promise. Ashitse muri ico gihugu Imana yamusezeraniye, yahabaye mu kwizera, kuko yari nk’umunyamahanga. Yaba mu mahema, kandi na Isaka na Yakobo, abaragwa b’iryo sezerano, na bo vyabagendeye uko.
10 For he was watching for the city with foundations, whose designer and builder is our Father. Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.
11 By faith Sarah herself received power to conceive, though past age, since she trusted the one who promised was faithful. Ukwizera ni kwo kwatumye Sara ashobora gusama inda, naho yari ingumba kandi abakaba yari ashaje cane. Yizeye ko Imana yasezeranye ari umwizigirwa.
12 So from one man—as good as dead—were born as many descendants as the stars of the sky, as countless as sand on the seashore. Ni co gituma mu muntu umwe, uwasa n’uwapfuye, havuyemwo uruvyaro rwinshi nk’inyenyeri zo kw’ijuru, rudaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera z’ikiyaga.
13 All these died in faith, without receiving what was promised—yet seeing it from afar and welcoming it, admitting they were foreigners and exiles on earth. Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.
14 For those who say this show they are seeking a homeland of their own. Abantu bavuga nk’uku baba berekana neza ko barondera igihugu cabo bwite.
15 If they had remembered the land they'd left, they'd have had a chance to return. Iyo bipfuza igihugu baje bavamwo, bari gushobora kwisubirirayo.
16 But as it is, they desire a better country—a heavenly one. So our Father is not ashamed to be called their Father: he has prepared them a city. Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu co mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.
17 By faith Abraham, being tested, offered Isaac; he who had received the promises was offering his only son, Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguriye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi,
18 of whom it was said, "Through Isaac will your offspring be named." naho Imana yari yaramwibwiriye iti: “Uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka.”
19 He reasoned our Father could raise him even from the dead—and, figuratively, he got him back from there. Aburahamu yiyumviriye ko Imana ishobora kuzura Isaka, kandi ubiravye asa n’aho yamusubijwe avuye mu bapfuye.
20 By faith Isaac called down future blessings on Jacob and Esau. Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esawu ku bijanye na kazoza.
21 By faith Jacob, dying, blessed each of Joseph's sons and worshiped, leaning on the top of his staff. Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, igihe yari ashaje cane kandi agira apfe, ahezagira abahungu ba Yosefu, maze akunama agasenga Imana yishimikije inkoni yitwaza.
22 By faith, dying, Joseph mentioned the exodus of Israel's sons and gave orders about his bones. Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, igihe yagira apfe, avuga ko Abisirayeli bazova muri Egiputa, maze akababwira uko bazoba bakwiye kugenza amagufa yiwe.
23 By faith Moses' parents hid him three months after his birth, seeing he was a beautiful child, unafraid of the king's edict. Ukwizera ni kwo kwatumye abavyeyi ba Mose bamunyegeza amezi atatu amaze kuvuka, kuko babonye ko ari umwana adasanzwe, ntibatinya kurenga itegeko ry’umwami.
24 By faith Moses, when he was grown up, refused to be called the son of Pharaoh's daughter, Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.
25 choosing mistreatment with our Father's people over sin's fleeting pleasures. Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato.
26 He considered the disgrace of Christ greater wealth than Egypt's treasures, since he looked toward the reward. Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.
27 By faith he left Egypt, not fearing the king's anger, enduring as if seeing our Father, who is invisible. Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona.
28 By faith he kept the Passover and blood-sprinkling, so the destroyer of the firstborn wouldn't touch them. Ukwizera ni kwo kwatumye ategeka Abisirayeli kwubahiriza Pasika, amijagira amaraso ku bishimaryango kugira ngo wa mumarayika w’umuranduzi ntiyice abahungu b’imfura babo.
29 By faith they crossed the Red Sea as on dry land; the Egyptians, trying the same, were swallowed up. Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli baca mu Kiyaga Gitukura nk’abagendera kw’isi yumye. Ariko Abanyegiputa bagerageje kubakurikira, bose bakarengerwa n’amazi.
30 By faith the walls of Jericho fell down after they had been encircled for seven days. Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli bazunguruka Yeriko imisi indwi, maze inzitiro z’ico gisagara zirasenyuka.
31 By faith Rahab the prostitute did not die with those who disobeyed, since she welcomed the spies in peace. Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, aticanwa n’abagararije Imana, kuko yakiranye umutima mwiza abatasi b’Abisirayeli.
32 What more can I say? Time fails me to tell of Gideon, Barak, Samson, Jephthah, David and Samuel and the prophets, Mbega nongereko iki? Vyofata umwanya muremure mvuze inkuru za Gidiyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi, Samweli, n’abavugishwa n’Imana.
33 who through faith conquered kingdoms, enforced justice, obtained promises, shut the mouths of lions, Ukwizera ni kwo kwatumye abo bantu bigarurira ubwami bwinshi, bagategeka mu butungane, kandi bakaronka ivyo Imana yari yarasezeranye. Bugaye iminwa y’intambwe,
34 put out fire's power, escaped the edge of the sword, grew strong from weakness, became mighty in war, and turned back foreign armies. bazimya imbeya z’umuriro, kandi bakira kwicishwa inkota. Intege nke zabo zahindutse inkomezi; babaye abahizi ku rugamba bashwiragiza ingabo z’abanyamahanga.
35 Women received their dead back by resurrection; others were tortured, refusing release, to gain a better resurrection. Hari abagore bazuriwe ababo. Ariko hari n’abishwe bakubaguwe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.
36 Still others suffered mocking and flogging, and even chains and imprisonment. Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.
37 They were stoned, sawn in two, killed by the sword. They wandered in sheepskins and goatskins—destitute, tormented, mistreated. Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.
38 The world wasn't worthy of them—they wandered deserts, mountains, caves, and holes in the ground. Ntibari bakwiye kuba kuri iyi si! Bayerera mu bugaragwa no mu misozi, binyegeza mu masenga no mu binogo.
39 And all these, though they were commended for their faith, did not receive what was promised, Abo bantu bose bashingiwe intahe ku bw’ukwizera kwabo, ariko nta n’umwe muri bo yaronse ivyo Imana yasezeranye vyose.
40 since our Father provided something better for us, so they would not be perfected without us. Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo n’uko badashikira ugutunganywa rwose batari kumwe natwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]