Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

James 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My brothers and sisters, not many of you should become teachers, since we teachers face stricter judgment. Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.
2 For we all stumble in many ways. Anyone who never stumbles in speech is a mature man, able to control his whole body too. Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.
3 If we put bits in horses' mouths to make them obey us, we guide their whole bodies too. Iyo dushize umugozi mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atuyoboke, dushobora kwerekeza imibiri yayo yose iyo dushaka.
4 Consider ships too: though large and driven by strong winds, a tiny rudder steers them wherever the pilot wants. Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.
5 So too the tongue is a small body part, yet boasts great things. See how small a fire sets ablaze a great forest! Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akariro gake.
6 The tongue is a fire, a world of wickedness placed among our body's parts. It stains the whole body, sets the whole course of life ablaze, and is itself set ablaze by hell. N’ururimi na rwo rumeze nk’umuriro; ni nk’isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rushobora kwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.
7 Every kind of beast, bird, reptile, and sea creature is tamed, and has been tamed, by humankind, Ibikoko vy’ubwoko bwose, inyoni, ibikwega inda hasi n’ibiba mu biyaga umuntu ashobora kubiganza kandi yarabiganje koko,
8 but no human being can tame the tongue. It is a restless evil, full of deadly poison. ariko nta muntu ashobora kuganza neza ururimi rwiwe. Ni ikibi kitaruhuka, cuzuye ubumara bwica.
9 With it we bless our Father; with it we curse people made in the likeness of our Father. Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.
10 From the same mouth come blessing and cursing. My brothers and sisters, this should not be. Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.
11 Does a spring pour out both fresh and bitter water from the same opening? Mbega mw’isoko imwe hovamwo amazi meza n’ayandi arura?
12 Brothers and sisters, can a fig tree bear olives, or a vine figs? Neither can a salt spring yield fresh water. Bene Data, mbega umusukoni wokwama ivyamwa vya elayo, canke uruzabibu rwokwama insukoni? Ntibishoboka, uko ni ko n’isoko y’amazi arura idashobora kuvamwo amazi meza.
13 Who is wise and understanding among you? Let him show his deeds through good conduct, in wisdom's humility. Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.
14 But if bitter envy and selfish ambition fill your heart, don't boast or lie against the truth. Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.
15 This is not the wisdom that comes down from above, but is earthly, unspiritual, demonic. “Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.
16 For where there is jealousy and selfish ambition, there will be disorder and every vile practice. Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.
17 Wisdom from above: pure first, then peace-loving, gentle, reasonable, full of mercy and good fruit, unbiased, sincere. Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
18 And the harvest of righteousness is sown in peace by those who make peace. Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]