Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

James 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Where do wars and fights among you come from? Isn't it your cravings warring inside you? Mbega ni iki gitera intambara n’imitongano muri mwebwe? Mbega ntibiva mu vyipfuzo vyanyu bibi bigwanira muri mwebwe?
2 You want and don't have—you kill. You crave and can't get it—you quarrel and fight. You don't have because you don't ask. Murashaka kuronka ikintu ntimukironke, mugaca mwica kugira ngo mukironke. Muripfuza, ariko ntimushobora kuronka ico mwipfuza, mugaca mutongana mbere mukanagwana. Ntimuronka ivyo mukeneye kuko mutabisaba Imana.
3 You ask and do not receive, because you ask wrongly, to spend it on your own pleasures. Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.
4 You adulterous people! Don't you know friendship with the world is hostility toward our Father? Whoever chooses to be its friend becomes an enemy of our Father. Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.
5 Or does Scripture speak for nothing, saying the spirit he placed in us longs jealously? Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?
6 But he gives more grace. That is why Scripture says, "Our Father opposes the proud but gives grace to the humble." Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”
7 Submit yourselves, then, to our Father. Resist the devil, and he will flee from you. Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.
8 Come close to our Father, and he will come close to you. Cleanse your hands, sinners; purify your hearts, double-minded. Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.
9 Grieve, mourn, and weep. Turn your laughter to mourning and your joy to gloom. Mubabare mugandare kandi muboroge kubera ivyo mwakoze. Ibitwengo vyanyu mubihindure ikigandaro kandi n’umunezero wanyu muwuhindure umubabaro.
10 Humble yourselves before our Father, and he will lift you up. Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.
11 Don't speak against each other, brothers and sisters. Whoever speaks against a brother, or judges him, speaks against the law and judges it. But if you judge the law, you're not keeping it—you're judging it. Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo.
12 Only one gives the law and judges—able to save or destroy. Who are you to judge your neighbor? Imana yonyene ni yo yatanze ivyagezwe kandi ni yo ibicira urubanza. Ni yo yonyene ishobora gukiza no guhonya. Ariko wewe uri nde aho ucira urubanza mugenzawe?
13 Come now, you who say, "Today or tomorrow we will go to this or that city, spend a year, trade, and profit." Umvirize, mwebwe muvuga muti: “Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze twironkere inyungu.”
14 You don't know what tomorrow brings. What is your life? For you're a mist, visible briefly, then gone. Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana.
15 Instead you ought to say, "If our Father wills, we will live and do this or that." Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”
16 As it is, you boast in your arrogance. All such boasting is evil. Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi.
17 So whoever knows the good to do and fails to do it, sin is theirs. Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]