Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

James 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Come now, you who are rich, weep and wail over the miseries that are coming upon you. Ubu na ho nimunyumve, yemwe batunzi, murire muboroge kubera ivyago bigiye kubashikako.
2 Your riches have rotted, and your clothes have become moth-eaten. Ubutunzi bwanyu buraboze, n’impuzu zanyu ziriwe n’umuswa.
3 Your gold and silver have rusted; their rust will witness against you and burn your flesh like fire. You piled up riches in the last days. Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.
4 Look: the wages you held back from the workers who mowed your fields cry out, and the harvesters' cries have reached the ears of the Father of heaven's armies. Ehe impembo z’abakozi bo mu mirima yanyu mwanse guhemba ziriko ziratakamba zibarega. Ugutaka kw’abimbuzi b’imirima yanyu kwashitse mu matwi y’Uhoraho Mushoboravyose.
5 You lived on earth in luxury and indulgence. You fattened your hearts in a day of slaughter. Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.
6 You have condemned and murdered the righteous one, who does not resist you. Mwaratsindishije abagororotsi murongera murabica, kuko badashobora no kubagwanya.
7 So be patient, brothers and sisters, until the Lord's coming. Think of the farmer: he waits patiently for the land's precious fruit, until it gets the early and late rains. Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.
8 You too must be patient. Strengthen your hearts, because the coming of the Lord is near. Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.
9 Don't grumble against each other, brothers and sisters, or you'll be judged. Look—the Judge stands at the doors. Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.
10 Brothers and sisters, take the prophets who spoke in the name of our Father as examples of suffering and patience. Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.
11 See, we call those who endured blessed. You've heard of Job's endurance and seen what our Father brought about—our Father is rich in compassion and mercy. Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.
12 Above all, my brothers and sisters, do not swear—neither by heaven, nor earth, nor any other oath. Let your yes be yes and your no, no, so you won't fall under judgment. Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: “Ego” canke “Oya,” ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.
13 Is anyone among you suffering? Let them pray. Is anyone cheerful? Let them sing praises. Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira.
14 Anyone sick among you? Have them call for the church elders, and have the elders pray over them, anointing them with oil in the name of the Lord. Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami.
15 The prayer of faith will save the sick person, and the Lord will raise him up. And if he has sinned, he will be forgiven. Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.
16 So confess your sins to each other and pray for each other, that you may be healed. A righteous person's prayer is powerful and effective. Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.
17 Elijah was a man like us, and he prayed hard that it not rain; it did not rain on the land for three years and six months. Eliya yari umuntu nkatwe. Yasenze yinginga kugira ngo imvura ntigwe, kandi ntiyaguye muri ico gihugu kumara imyaka itatu n’igice.
18 Then he prayed again, and the heavens gave rain, and the earth produced its fruit. Yongera gusenga, maze ijuru rirekura imvura, isi na yo izana ivyimburwa vyayo.
19 My brothers and sisters, if anyone among you wanders from the truth and someone turns them back, Bene Data, nihaba hariho uwataye inzira y’ukuri maze uwundi akamugarukana,
20 know this: whoever turns a sinner from their wrong way saves that person's soul from death and covers a multitude of sins. mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]