Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On that day seven women will take hold of one man, saying, "We will eat our own bread and wear our own clothes; only let us be called by your name. Take away our disgrace." Muri ico gihe, abagore indwi bazofata umugabo umwe, bamubwire bati: “Tuzorya ivyokurya twirondereye, kandi tuzokwironderera impuzu twambara. Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe, udukureko ibimaramare.”
2 On that day the Branch of our Father will be beautiful and glorious, and the fruit of the land will be the pride and splendor of the survivors of Israel. Ariko muri ico gihe ishami ry’Uhoraho rizokwambikwa ubwiza n’ugukayangana, kandi amasigarira y’Abisirayeli azokwishimira yongere anezererwe ivyamwa vyo mu gihugu.
3 And whoever is left in Zion and remains in Jerusalem will be called holy—everyone recorded for life in Jerusalem, Abazoba basigaye i Siyoni, bakaguma i Yerusalemu, bazokwitwa abera. Ni abazoba barokotse bakaba banditswe mu gitabu c’abazima i Yerusalemu.
4 when the Sovereign Father has washed away the filth of the daughters of Zion and rinsed the bloodstains of Jerusalem from within her by a spirit of judgment and a spirit of burning. Imana izokwoza imyanda y’abakobwa b’i Siyoni, ihanagure amaraso yasesekeye i Yerusalemu ikoresheje impwemu y’urubanza n’impwemu y’umuriro.
5 Then our Father will create over the whole site of Mount Zion and over her assemblies a cloud by day and smoke, and a bright, flaming fire by night; for there will be a canopy over all the glory. Ku murango, Uhoraho azorema igicu kibe hejuru y’umusozi Siyoni hamwe n’abahakoranira bose, mw’ijoro na ho aharemere imbeya z’umuriro. Icubahiro ciwe kizoba hejuru ya vyose nk’ihema rinini rihapfutse.
6 It will be a shelter to give shade from the heat by day, and a refuge and hiding place from storm and rain. Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]