Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 4 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

1Muri ico gihe, abagore indwibazofata umugabo umwe,bamubwire bati: “Tuzorya ivyokurya twirondereye,kandi tuzokwironderera impuzu twambara.Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe,udukureko ibimaramare.”

Ishami ry’Uhoraho

2Ariko muri ico gihe ishami ry’Uhoraho rizokwambikwa ubwiza n’ugukayangana, kandi amasigarira y’Abisirayeli azokwishimira yongere anezererwe ivyamwa vyo mu gihugu. 3Abazoba basigaye i Siyoni, bakaguma i Yerusalemu, bazokwitwa abera. Ni abazoba barokotse bakaba banditswe mu gitabu c’abazima i Yerusalemu. 4Imana izokwoza imyanda y’abakobwa b’i Siyoni, ihanagure amaraso yasesekeye i Yerusalemu ikoresheje impwemu y’urubanza n’impwemu y’umuriro. 5Ku murango, Uhoraho azorema igicu kibe hejuru y’umusozi Siyoni hamwe n’abahakoranira bose, mw’ijoro na ho aharemere imbeya z’umuriro. Icubahiro ciwe kizoba hejuru ya vyose nk’ihema rinini rihapfutse. 6Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]