Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Let me sing now for the one I love a song of my beloved about his vineyard. My beloved had a vineyard on a very fertile hillside. Reka ndirimbire umukunzi wanje, indirimbo y’umurima wiwe w’imizabibu: Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu ku musozi umera cane.
2 He dug it and cleared it of stones and planted it with the choicest vines. He built a watchtower in the middle of it and also carved out a winepress in it. Then he waited for it to yield good grapes, but it yielded only wild ones. Uwo musozi yarawurimye, akuraho amabuye, atoranya imizabibu myiza kurusha iyindi, ayitera kuri wo. Awubakako umunara, ashiramwo n’ubwato baganiramwo. Mu nyuma aja kuraba ko yoronka inzabibu nziza yokwimbura, ariko asanga huzuyeyo ibihumbwa gusa.
3 "And now, you who live in Jerusalem and you people of Judah, judge between me and my vineyard. None rero yemwe ababa i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda, nimuducire urubanza twe n’uwo murima wanje.
4 What more was there to do for my vineyard that I have not done in it? Why, when I waited for it to yield good grapes, did it yield only wild ones? Ni igiki kirengeye ivyo nari gukorera uwo murima wanje w’imizabibu? Ni kuki wamye ibihumbwa, kandi nari niteze ko unyamira inzabibu nziza?
5 And now let me tell you what I am about to do to my vineyard: I will take away its hedge, and it will be devoured; I will break down its wall, and it will be trampled. Hinge ndababwire ico ngiye gukorera uwo murima wanje w’imizabibu: Nzosambura inzitiro zawo, kugira ngo wonwe. Nzosenyura impome ziwukikuje, kugira ngo uze uhonyangwe.
6 I will make it a wasteland; it will not be pruned or hoed, and briers and thorns will grow up over it. And I will command the clouds to send no rain upon it." Nzowuhonya, ntuzotuturirwa, ntuzonabagarirwa, amahwa n’ibitovu ni vyo bizowumeramwo. Nzotegeka ibicu, ntihagire imvura iwugwamwo.
7 For the vineyard of the Father of heaven's armies is the house of Israel, and the people of Judah are his cherished planting. He looked for justice, but found only bloodshed; for righteousness, but heard only an outcry. Umurima w’imizabibu w’Uhoraho Mushoboravyose ni inzu ya Isirayeli, abantu b’i Buyuda na bo ni bo murima wamuhimbara. Uhoraho yari abitezeko imanza zigororotse, ariko abona ugusesa amaraso, yabarondeyeko ukugororoka, ariko abumvamwo amarira n’imibabaro.
8 Woe to those who add house to house and join field to field, until there is no room left and you live alone in the middle of the land. Muragowe mwebwe mwomeka amazu ku yandi, amatongo ku yandi mukifataniriza, igihugu mukaciganzira, ngo mukibemwo mwenyene.
9 With my own ears I heard the Father of heaven's armies swear: "Surely many houses will become desolate, great and beautiful ones left without anyone to live in them. Uhoraho Mushoboravyose yabivuze numva, ati: “Ndababwije ukuri, amazu mezameza azosambuka, kandi n’amazu maninimanini azosigara ata wuyabamwo.
10 For ten acres of vineyard will yield only about six gallons of wine, and ten baskets of seed will yield only one basket of grain." Ihegitari zitatu z’imizabibu zizovamwo ingero batu imwe gusa y’umutobe, ingero homeru y’imbuto z’ingano izovamwo ingero efa imwe gusa y’umwimbu.”
11 Woe to those who rise early in the morning to chase strong drink, who linger late into the evening till wine inflames them. Muragowe mwebwe muzindukira kunywa ibiboreza mukarara mwicaye, mwishusha mu kunywa umuvinyu.
12 At their feasts there are lyre and harp, tambourine and flute and wine, but they pay no regard to the deeds of our Father, and they do not see the work of his hands. Ibirori vyabo birimwo inanga, amakembe, ingoma, imyironge n’umuvinyu, ariko nta wubabara ibikorwa vy’Uhoraho, nta wuha agaciro ibikorwa vy’amaboko yiwe.
13 Therefore my people go into exile for lack of knowledge; their honored men are starved, and the common people are parched with thirst. Ni co gituma abantu banje bazoja mu kinyago, kuko batigeze bagira ugutahura. Abashizwe hejuru bo muri bo bazokwicwa n’inzara, abaciye bugufi bicwe n’inyota.
14 Therefore the grave has enlarged its appetite and opened its mouth wide, and down go her splendor and her crowds, her uproar and all who rejoice in her. Ni co gituma i kuzimu haguye umuhogo waho, hagataburura umunwa cane. Abubashwe n’amasinzi hazobamira, bajane n’amasinzi y’imborerwa zaho.
15 So mankind is humbled, and each person is brought low, and the proud eyes of the arrogant are cast down. Abantu bazosubizwa hasi, kandi n’umwana w’umuntu acishijwe bugufi, amaso y’abibone amaramare.
16 But the Father of heaven's armies is exalted in justice, and our holy Father shows himself holy in righteousness. Ariko Uhoraho Mushoboravyose azoshirwa hejuru mu bugororotsi bwiwe, kandi Imana Yera izokwerekanwa ko ari iyera n’ibikorwa vyayo vy’ubugororotsi.
17 Then lambs will graze as in their own pasture, and strangers will feed among the ruins of the rich. Ico gihe intama zizorisha nk’iziri mu buragiro bwazo, imyagazi na yo izorisha ahahora amazu y’abatunzi.
18 Woe to those who drag their wickedness along with cords of lies, and sin as with cart ropes, Bazobona ibara abakwegesha ivyaha imigozi y’ububeshi. Bakwegana n’ivyaha vyabo nk’uko umuntu akwega umukogote.
19 who say, "Let him hurry; let him speed his work, so we may see it. Let the plan of the Holy One of Israel draw near and come, so we may know it." Ni bo bavuga bati: “Uhoraho nanyaruke; nanyarutse igikorwa ciwe, natwe tukibone. Integuro y’Uwera wa Isirayeli nitwegere, nishike aho tuyibona kugira ngo tuyimenye.”
20 Woe to those who call evil good and good evil, who call darkness light and light darkness, who call bitter sweet and sweet bitter. Bazobona ibara abafata ibibi bakavyita ivyiza, ivyiza na vyo bakavyita ibibi. Umuco bawita umwijima, umwijima bakawita umuco. Kuri bo, ikirura kirasosa, igisosa na co kirarura.
21 Woe to those who are wise in their own eyes and clever in their own sight. Baragowe abigira abanyabwenge mu mitima, bakibona ko bafise ubumenyi bukomeye.
22 Woe to those who are heroes at drinking wine and champions at mixing strong drink, Baragowe abigira abahizi mu kunywa umuvinyu, no mu kugana inzoga zikaze,
23 who acquit the guilty for a bribe and strip away the rights of the innocent. bakarya ibiturire kugira beze uwatsinzwe n’icaha, bagatsindisha uwutagira ico azira.
24 Therefore, as a tongue of fire devours the stubble and dry grass shrivels in the flame, so their roots will rot and their blossom go up like dust; for they have rejected the instruction of the Father of heaven's armies, and despised the word of the Holy One of Israel. Ni co gituma, bazozimangana nk’ubwatsi buturirwa n’umuriro, imizi yabo izobora, n’amashurwe yabo azokabirana; kuko bataye Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana Mushoboravyose, birengagiza ijambo ry’Uwera wa Isirayeli.
25 Therefore the anger of our Father burned against his people, and he stretched out his hand against them and struck them. The mountains quaked, and their corpses lay like garbage in the streets. For all this his anger has not turned away, and his hand is still stretched out. Ni co gituma uburake bw’Uhoraho bururumvye ku bantu biwe, ukuboko kwiwe akakubangurira kubahonya. Imisozi izonyiganyiga, imivyimba y’abapfuye izokwandagara ku mabarabara nk’imyanda. Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe, ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
26 He will raise a signal for the nations far away and whistle for them from the ends of the earth, and swiftly, speedily they come. Azorungikira amahanga ikimenyetso ari kure. Azovuza uruhwa ahamagare abo ku mpera z’isi, maze bose bazosiganwa baja i Yerusalemu.
27 Not one of them is weary or stumbles, not one drowses or sleeps; not a belt is loosened at the waist, not a sandal strap is broken. Nta n’umwe muri bo azoruha canke ngo atsitare. Nta wuzohunyiza canke ngo asinzire. Imikanda yabo ntizokenyuruka, n’imigozi y’ibirato vyabo ntizocika.
28 Their arrows are sharpened and all their bows are drawn; their horses' hooves seem like flint and their wheels like a whirlwind. Imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo irabanze. Ibinono vy’ifarasi zabo bimeze nk’amabuye y’amasare, imikogote yabo yiruka nk’agashururu.
29 Their roar is like a lion; they roar like young lions. They growl and seize the prey and carry it off, with no one to rescue the victims. Ukwivuga kwabo ni nk’ukw’intambwe, bivuga nk’imikangara y’intare. Ziraroha iyo zigize ico zubura, zikagitwara ata gitabara.
30 On that day they will growl over it like the growling of the sea. And if anyone looks across the land, there is only darkness and distress; even the light is darkened by its clouds. Muri ico gihe, hazoba imituragaro hejuru kandi abazoterera amaso mu gihugu, bazobona ukwiraburanirwa kuvuye ku mibabaro, n’umuco uzozimanganywa n’ibicu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]