Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 For look—the Father of heaven's armies is about to strip from Jerusalem and from Judah every support and supply: the whole supply of bread and the whole supply of water, Ehe raba, Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, agira anyage ab’i Yerusalemu n’ab’i Buyuda ivyo baronka n’ivyabashigikira: ivyo baronka vyose vyokurya n’ivyo baronka vyose vy’amazi.
2 the warrior and the soldier, the judge and the prophet, the fortune-teller and the elder, Azohonya abahizi mu ntambara, abacamanza, abavugishwa, abapfumu hamwe n’abakuru,
3 the commander of fifty and the man of rank, the counselor, the skilled craftsman, and the clever enchanter. intwazangabo irongora abasoda mirongo itanu n’abanyacubahiro, abahanuzi, abanyamyuga bahambaye hamwe n’inkerebutsi z’abaragura.
4 "I will make mere boys their officials, and childish whim will rule over them. Nzobaha abana babo bababere abatware, abana bato babe ari bo babategeka.
5 The people will oppress one another, each man against his neighbor; the young will rise up against the old, and the lowly against the honored." Abantu bazocinyizanya, umugabo acinyize uwundi mugabo, umubanyi acinyize umubanyi wiwe. Umwana azosuzugura umutama, umuntu ata co amaze asuzugure umunyacubahiro.
6 A man will seize his brother in his father's house and say, "You have a coat—you be our leader; take charge of this heap of ruins." Ico gihe umuntu azobwira uwo bavukana ati: “Ko ari wewe ufise umwambaro, ba ari wewe uba umutware wacu, abe ari wewe witaho ico kirundo c’umusaka!”
7 But on that day he will cry out, "I am no healer! There is no bread and no coat in my house—you will not make me leader of the people." Ariko muri ico gihe na we azosemerera ababwire ati: “Erega nta co nobafasha! Simfise ivyokurya canke ivyambarwa mu nzu yanje; ntimungire umurongozi w’abantu.”
8 For Jerusalem has stumbled and Judah has fallen, because their words and their deeds are against our Father, defying his glorious presence. Yerusalemu haradandabagirana, n’i Buyuda haratemvye. Amajambo n’ibikorwa vyabo bigwanya Uhoraho, bagashinyagurira imbere y’ubwiza bwiwe.
9 The look on their faces testifies against them; they flaunt their sin like Sodom—they do not hide it. How terrible for them, for they have brought disaster on themselves! Mu maso habo harabagiriza, bagenda berekana ivyaha vyabo nk’ab’i Sodomu, ntibabinyegeza. Baragowe! Bihamagariye ivyago.
10 Tell the righteous it will go well with them, for they will eat the fruit of their deeds. Bwira abagororotsi ko bazomererwa neza, kuko bazorya ibivuye mu maboko yabo.
11 How terrible for the wicked! It will go badly for him, for what his hands have done will be repaid to him. Ariko abanyavyaha bazobona ibara! Ivyago bizobagwako. Bazosubirizwa mu nkoko, ibihwanye n’ivyo bakoze.
12 My people—children are their oppressors, and women rule over them. My people, your guides lead you astray and have swallowed up the path you should walk. Ubwoko bwanje bucinyijwe n’abana, abagore ni bo babutegeka. Yewe bwoko bwanje, abarongozi bawe barakuzimije, bagutesheje inzira.
13 Our Father takes his stand to bring his case; he rises to judge the peoples. Uhoraho yicaye ku ntebe y’imanza, ahagurukijwe no gucira urubanza ubwoko bwiwe.
14 Our Father enters into judgment with the elders and officials of his people: "It is you who have devoured the vineyard; the plunder of the poor is in your houses. Uhoraho yinjiye ngo ace urubanza arucira abatware n’abarongozi b’ubwoko bwiwe: “Ni mwebwe mwamponereje uruzabibu, ivyo mwanyaze abakene bikaba biri mu mazu yanyu.
15 What do you mean by crushing my people and grinding the faces of the poor?" declares the Father of heaven's armies. Ni iki catumye musiribanga ubwoko bwanje, mukamenagura imitwe y’aboro?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
16 Our Father said: "Because the daughters of Zion are proud—walking with outstretched necks and flirting eyes, mincing along with quick little steps, jingling the anklets on their feet, Uhoraho aravuze ati: “Abakobwa b’i Siyoni buzuye ubwibone, bagenda baneze amazosi, barabisha amaso yuzuye ubushirasoni, kandi bakagenda baneze amazosi, bajegeza ibisharizo vy’imigufu bambaye ku maguru.
17 therefore the Sovereign Father will strike the heads of the daughters of Zion with scabs, and our Father will lay bare their foreheads." Ni co gituma Imana izoteza abakobwa b’i Siyoni ibisekera ku mitwe, imitwe yabo iyigire ibiharabuga.”
18 On that day the Sovereign Father will strip away their finery: the anklets, the headbands, the crescent ornaments, Kuri uwo musi Imana izokuraho ubwiza bw’ivyambarwa vyabo:
19 the earrings, the bracelets, the veils, amahereni, imiringa yo ku maboko, hamwe n’imyitwikiro,
20 the headdresses, the ankle chains, the sashes, the perfume flasks, the charms, ingori, imigufu yo ku maguru, uducupa tw’ibimota neza, utugirwamana,
21 the signet rings, the nose rings, impeta zo ku ntoke n’izo ku mazuru,
22 the festival robes, the capes, the cloaks, the purses, amakanzu mezameza, impuzu zo kurenza hejuru n’udusaho,
23 the hand mirrors, the fine linen garments, the turbans, and the shawls. ivyirore, inkenyerano zera hamwe n’ibitambara vyo ku mutwe.
24 Then, instead of perfume there will be a stench; instead of a sash, a rope; instead of elegantly styled hair, baldness; instead of fine robes, a wrapping of coarse cloth; branding instead of beauty. Maze aho kumota neza, bazonuka; mu gishingo c’umukanda, azobakenyeza umugozi, mu gishingo co gusokoza uruhanika, azobaharangura imitwe, mu gishingo c’impuzu nziza azobambika amagunira, mu gishingo c’ubwiza, azobambika ibimaramare.
25 Your men will fall by the sword, your warriors in the battle. Abagabo banyu bazomarwa n’inkota, abagwanyi banyu na bo bazogwa ku rugamba.
26 Her gates will mourn and lament; stripped bare, she will sit on the ground. Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge, igisagara gisanganguwe, kizokwicara hasi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]