Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Ah, land of whirring wings, beyond the rivers of Cush, Uragowe, yewe wa gihugu c’amababa ahinda, kiri impande y’inzuzi za Etiyopiya,
2 who sends ambassadors by the sea, in vessels of papyrus across the waters. Go, swift messengers, to a nation tall and smooth-skinned, to a people feared near and far, a nation mighty and trampling down, whose land the rivers divide. kirungika intumwa zigaca mu kiyaga, zigendera mu bwato bujishwe mu rufunzo. Genda, mwa ntumwa zinyaruka cane, mushikire bariya bantu barebare kandi b’umubiri woroshe, ubwoko butinywa kuva aha gushika kure, ihanga rikomeye, nivuga ururimi rutamenyerewe, igihugu kigabanganywa n’inzuzi.
3 All you inhabitants of the world, you who dwell on the earth: when a banner is raised on the mountains, look! When a trumpet sounds, listen! Yemwe bantu bose bo kw’isi, mwebwe mwese muyibako, ibendera niryaduzwa ku musozi, murirabe, kandi inzamba niyavuga, muyumvirize.
4 For this is what our Father said to me: I will be still, and I will look on from my dwelling place, like clear heat in the sunlight, like a cloud of dew in the heat of harvest. Uku ni ko Uhoraho ambariye, ati: “Nzoguma nitekerereje, nihweze nibereye iwanje, meze nk’ubushuhe buva ku zuba ryaka mu gihe co mu ci, meze nk’ikime co mu gihe c’ubushuhe bwo mw’iyimbura.”
5 For before the harvest, when the blossom is over and the bud becomes a ripening grape, our Father will cut off the shoots with pruning knives, and the spreading branches he will take away and lop off. Kuko iyimbura ritaragera, amashurwe amaze guhunguruka, akavamwo inzabibu zeze, azotema iminago itama ayitemesheje umuhoro, n’amashami yasanzaraye azoyaca ayakureho.
6 They will all be left for the birds of prey of the mountains and for the beasts of the earth. The birds of prey will summer on them, and all the beasts of the earth will winter on them. Bose bazotererwa ku misozi baribwe n’ibisiga hamwe n’inyamaswa zo mw’ishamba. Ibisiga bizobarya ici ryose, ibikoko na vyo bibarye urushana rwose.
7 At that time gifts will be brought to the Father of heaven's armies, from a people tall and smooth-skinned, from a people feared near and far, a nation mighty and trampling down, whose land the rivers divide—to the place of the name of the Father of heaven's armies, Mount Zion. Ico gihe amashikanwa azozanirwa Uhoraho Mushoboravyose, avuye mu gihugu c’abantu barebare b’umubiri woroshe, avuye mu bantu batinywa uhereye aha ugashika kure, ihanga rikomeye rivuga ururimi rutamenyerewe, igihugu kigabuwe n’inzuzi. Amashikanwa azohora azanwa ku musozi Siyoni, ahitirirwa Izina ry’Uhoraho Mushoboravyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]