Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 3 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Hoseya yiyuzuza n’umugore wiwe

1Uhoraho arambwira ati: “Genda, usubire wereke urukundo umugore wawe, naho akundwa n’uwundi mugabo kandi akaba umusambanyikazi. Umukunde nk’uko Uhoraho akunda Abisirayeli, naho bahindukirira izindi mana bagakunda udutsima tubumbiwe izo mana mu nzabibu.”

2Nuko ndamugura shekeli cumi na zitanu z’ifeza n’ingero homeru na leteki vya sayiri. 3Hanyuma nca ndamubwira nti: “Uzobana nanje imisi myinshi; ntuzosubire kuba maraya canke ngo wongere kuryamana n’uwundi mugabo n’umwe, nanje nzobana nawe gutyo nyene.”

4Ni ukuvuga ko Abisirayeli bazobaho imisi myinshi ata mwami canke umuganwa bafise, ata bimazi canke inkingi, ata efodi canke ibigirwamana. 5Inyuma y’ivyo Abisirayeli bazogaruka biyegurire Uhoraho Imana yabo no kuri Dawidi umwami wabo. Kandi mu misi ya nyuma, bazoza k’Uhoraho no ku migisha yiwe bahindishwa agashitsi no kugira neza kwiwe.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]