Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This Melchizedek, king of Salem, priest of the Most High, our Father, met Abraham returning from defeating the kings and blessed him. Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.
2 Abraham gave him a tenth of everything. His name means, first, king of righteousness, then also king of Salem—meaning king of peace. Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubugororotsi”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro”.
3 Without father, without mother, without genealogy, no beginning of days or end of life, but like the Son of our Father, he remains a priest forever. Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.
4 Consider how great this man was: Abraham the patriarch gave him a tenth of the plunder. Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.
5 Those descendants of Levi who become priests are commanded by the law to collect the tenth from the people—their own brothers—though they too descend from Abraham. Ivyagezwe vya Mose vyategeka abaherezi bo mu muryango wa Lewi kwaka ubwoko bw’Abisirayeli ica cumi ku vyo bafise, abo na bo bari abavukanyi babo, kandi na bo bari uruvyaro rwa Aburahamu.
6 But he, though not descended from them, took a tenth from Abraham and blessed the one who held the promises. Ariko Melekisedeki, atari uwo mu ruvyaro rwa Lewi, yarakiriye ica cumi ahawe na Aburahamu. Kandi Melekisedeki yarahezagiye Aburahamu, uwari yarakiriye isezerano ry’Imana.
7 It is beyond all dispute that the lesser is blessed by the greater. Nta gukekeranya kuriho ko uwutanga umuhezagiro aba aruta uwuhabwa umuhezagiro.
8 In one case, tithes are received by mortal men; in the other, by one testified to be alive. Abaherezi bakira ica cumi ni abantu bapfa, ariko Melekisedeki we Ivyanditswe bivuga ko yamaho.
9 One might even say Levi, who receives the tenth, paid it through Abraham, Dushobora kuvuga ko aba Balewi bakira ica cumi, bagihaye Melekisedeki biciye muri sekuruza Aburahamu igihe yakimuha.
10 for he was still in his ancestor's body when Melchizedek met Abraham. Kuko naho Lewi atari bwavuke, yari akiri mu nda kwa Aburahamu igihe Melekisedeki yakira ica cumi ahawe na Aburahamu.
11 If the Levitical priesthood brought perfection—the people received the law under it—why was another priest needed, one in Melchizedek's order, not called after Aaron's order? Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?
12 For when the priesthood changes, the law must change as well. Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.
13 For he of whom these things are said belonged to another tribe, from which no one has ever served at the altar. Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze akora ku gicaniro nk’umuherezi.
14 Clearly our Lord descended from Judah; Moses said nothing about priests from that tribe. Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.
15 And this becomes even more evident when another priest arises in the likeness of Melchizedek, Ivyo birumvikana cane kuko habonetse uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki.
16 who has become a priest not by a law of physical descent but by the power of an indestructible life. Yesu ntiyabaye umuherezi habanje gukurikizwa ibisabwa bifatiye ku mamuko yiwe nk’umuntu, ahubwo yabaye umuherezi hakurikijwe ubushobozi bw’ubugingo budashobora kurandurwa.
17 For it is testified about him, "You are a priest forever, in the order of Melchizedek." Ivyanditswe Vyera bimuvugako ngo: “Uri umuherezi w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.”
18 On the one hand, a former commandment is set aside because of its weakness and uselessness. Ivyasabwa kera ku bijanye n’ubuherezi vyarakuweho kuko vyari bifise intege nke kandi nta co vyari bimaze
19 The law perfected nothing; but a better hope is introduced, through which we draw near to our Father. (kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa). Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.
20 This was not without an oath, for the others became priests without an oath, Kandi ivyo vyabaye habanje kuba indahiro. Abaherezi ba mbere bo babayeho hatabanje kuba indahiro.
21 but he became a priest with an oath, by the one who said to him: "Our Father has sworn and will not change his mind, 'You are a priest forever.'" Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti: “Uhoraho yararahiye, kandi ntazohindura ico yavuze: ‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’”
22 To that same degree, Jesus has become the guarantor of a better covenant. Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.
23 The former priests were many, because death prevented them from continuing in office, Mu gihe ca kera hari abaherezi benshi kuko urupfu rwababuza kubandanya igikorwa.
24 but he holds his priesthood permanently, because he continues forever. Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.
25 So he can fully save those who come to our Father through him, since he always lives to plead their case. Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.
26 Such a high priest suited us: holy, blameless, unstained, separated from sinners, raised above the heavens. Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.
27 Unlike those high priests, he doesn't need to offer sacrifices daily—first for his own sins, then for the people's—since he did this once for all, offering himself. Yesu aratandukanye n’abandi baherezi bakuru kuko we ntakeneye gutanga ibimazi ku musi ku musi, nk’uko abandi babanza gutanga ibimazi vy’ivyaha vyabo, hanyuma bakabona gutanga ivy’abandi bantu. Yesu we yabikoze rimwe rizima igihe yitanga nk’ikimazi ku bw’ivyaha vy’abantu.
28 The law appoints weak men as high priests, but the oath's word, coming after the law, appoints the Son, made perfect forever. Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]