Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The point of this: we have such a high priest, who sat down at the right hand of the throne of the Majesty in heaven. Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.
2 A minister of the holy places and the true tabernacle, set up by the Father, not man. Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.
3 Every high priest is appointed to offer gifts and sacrifices; so this one too must have something to offer. Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.
4 If he were on earth, he wouldn't even be a priest, since others offer the gifts under the law. Iyo Kristo aja kuba ari kw’isi, ntivyari gukunda ko aba umuherezi, kuko hari hasanzwe abaherezi batanga amashikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabitegekanya.
5 They serve a copy and shadow of heavenly things, as Moses was warned when about to complete the tabernacle: "See," he said, "make everything according to the pattern shown you on the mountain." Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.”
6 But now Jesus has obtained a superior ministry, since the covenant he mediates is better, established on better promises. Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.
7 For if that first covenant had been faultless, there would have been no need for a second. Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.
8 For finding fault with them, he says: "Look, the days are coming, declares our Father, when I will make a new covenant with the house of Israel and with the house of Judah. Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo, maze ivuga iti: “Igihe kiraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho nzogirana isezerano rishasha n’inzu ya Isirayeli hamwe n’inzu ya Yuda.
9 Not like the covenant I made with their fathers on the day I took them by the hand to lead them out of the land of Egypt. For they did not remain in my covenant, and so I disregarded them, declares our Father. Ntirizoba risa na rya sezerano nagirana na ba sekuruza babo, aho nabafata ukuboko nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje, nuko nanje nca ndabakurako umutima, ni ko Uhoraho avuze.
10 For this is the covenant I will make with the house of Israel after those days, declares our Father I will put my laws into their minds and write them on their hearts, and I will be their Father, and they will be my children. Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.
11 And no longer will each one teach his neighbor and each one his brother, saying, "Know our Father," for they will all know me, from the least of them to the greatest. Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo, canke ngo babwirane hagati yabo bati: ‘Menya Uhoraho,’ kuko bose bazomenya jewe, kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru.
12 For I will be merciful toward their wrongdoing, and I will remember their sins no more." Kuko nzobaharira ibibi vyabo kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.”
13 Speaking of a new covenant, he has made the first outdated. What's outdated and aging is nearing its end. Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha”, bisigura ko yatse agaciro irya mbere; kandi ikimaze gutakaza agaciro kiba kigira kizimangane.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]