Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, holy brothers sharing a heavenly call, consider Jesus, the apostle and high priest we confess. Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.
2 He was faithful to the one who appointed him, as Moses also was in all our Father's house. Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.
3 Jesus deserves far more glory than Moses, as a house's builder deserves more honor than the house itself. Ariko Yesu akwiye icubahiro kiruta ica Mose, nk’uko uwubatse inzu akwiye icubahiro kiruta ic’inzu yubatse.
4 For every house is built by someone, but the builder of all things is our Father. Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.
5 Moses was faithful in all our Father's house, a servant testifying to what would be spoken later. “Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.
6 But Christ, as son, is faithful over his house. And we are his house—if we hold firm the confidence and hope we boast in. Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.
7 So, as the Holy Spirit says: "Today, if you hear his voice, Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,
8 do not harden your hearts as you did in the rebellion, on the day of testing in the wilderness, ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangarariza bakangerageza mu bugaragwa.
9 where your ancestors put me to the test and saw my works for forty years. Aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca, naho bari barabonye ivyo nabakoreye imyaka mirongo ine.
10 That is why I was angry with that generation, and I said, 'Their hearts are always going astray, and they have not known my ways.' Ni co gituma nabashavuriye, ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira, kandi ntibamenye inzira zanje.’
11 So I swore in my anger, 'They will never enter my rest.'" Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’”
12 Brothers, watch that none of you has an evil, unbelieving heart that deserts the living Father. Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.
13 But encourage each other daily, while it is called "today," so none of you becomes hardened by sin's deceit. Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi”, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.
14 For we have become sharers in Christ, if we truly keep our first confidence firm to the end. Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.
15 As it is said: "Today, if you hear his voice, do not harden your hearts as when you rebelled." Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga: “Uwu musi nimwumva ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.”
16 Who heard and rebelled? Wasn't it all who left Egypt through Moses? Mbega ni ba nde bagararije Imana, kandi bari barumvise ijwi ryayo? Si bamwe bari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose?
17 With whom was he angry forty years? Was it not with those who sinned, whose bodies fell in the wilderness? Mbega ni ba nde bashavuje Imana imyaka mirongo ine? Si bamwe bacumura maze imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa?
18 Who did he swear would never enter his rest, except those who disobeyed? Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira?
19 So we see they couldn't enter because of lack of faith. Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]