Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Since the promise to enter his rest still stands, let us be careful that none of you seems to have missed it. Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.
2 We too had good news preached to us, as they did. But the message heard didn't benefit them, since they didn't combine it with faith, as those who listened did. Iyi nkuru nziza ivuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twayumvise nk’uko na bo bayumvise. Ariko nta co yabamariye kuko batayakiranye ukwizera.
3 We who believed enter that rest, as he said: "In my wrath I swore, they will never enter my rest." Yet his works were finished since the foundation of the world. Ni twebwe abizeye gusa dushobora kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye. Ariko ku bandi Imana yavuze iti: “Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’” Ariko rero ibikorwa vyayo vyaheze igihe yarema isi.
4 For somewhere he says of the seventh day: "And our Father rested on the seventh day from all his works." Kuko hari ahantu yavuze ku vyerekeye umusi w’indwi iti: “Nuko ku musi ugira indwi Imana iraruhuka ibikorwa vyayo vyose.”
5 And again in the same passage he says, "They will never enter my rest." Ariko muri ico gice co hejuru Imana yavuze iti: “Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.”
6 Since it remains that some enter it, and those first given the good news failed to enter through their disobedience, Aho kuruhukira Imana yateguye haracariho ngo abantu bahinjire, ariko ababwiwe ubu butumwa bwiza ubwa mbere ntibashoboye kuhinjira kuko bagararije Imana.
7 so again he sets a day, "Today," speaking through David much later, as already said: "Today, if you hear his voice, do not harden your hearts." Ni co gituma Imana yashizeho ikindi gihe co kwinjira aho kuruhukira yateguye, kandi ico gihe ni “uwu musi”. Imana yongeye kubivuga haciye igihe kirekire iciye muri Dawidi, mu gice twamaze kuvugako, iti: “Nimwumva ijwi ry’Imana uwu musi, ntimukomantaze imitima yanyu.”
8 For if Joshua had given them rest, our Father would not have spoken later about another day. Kuko iyo Yosuwa aja kuba yarabashikanye aho kuruhukira Imana yari yarasezeranye, Imana ntiyari gusubira kuvuga ivyerekeye uwundi musi.
9 So then, there remains a Sabbath rest for the people of our Father. Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana.
10 Whoever has entered our Father's rest has also rested from his works, as our Father did from his own. Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo.
11 So let's strive to enter that rest, so no one falls by the same pattern of disobedience. Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.
12 For the word of our Father is alive and active, sharper than any two-edged sword, piercing to divide soul and spirit, joints and marrow, discerning the heart's thoughts and intentions. Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.
13 No creature is hidden from his sight; all lies naked and exposed to the eyes of the one we must answer to. Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.
14 So since we have a great high priest who has passed through the heavens—Jesus, Son of our Father—let's hold firmly to the faith we profess. Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.
15 We have no high priest unable to sympathize with our weaknesses, but one tested in every way as we are, yet without sin. Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.
16 Let us then approach the throne of grace boldly, so we may receive mercy and find grace to help us in time of need. Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]