Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Every high priest taken from among men is appointed for men in matters relating to our Father, to offer gifts and sacrifices for sins. Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.
2 He can deal gently with the ignorant and straying, since he himself also is subject to weakness. Kuko na we ubwiwe ari umunyantegenke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.
3 Because of this weakness, he must offer sacrifices for sins—for the people as much as for himself. Kandi ko na we ari umunyantegenke, ategerezwa gutanga ibimazi vy’ivyaha, atari ivy’abandi gusa, ariko n’ivyiwe na vyo.
4 No one takes this honor for himself, but only when called by our Father, as Aaron was. Nta muntu n’umwe yiha ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru; Imana ni yo imuhamagarira ico gikorwa, nk’uko yahamagaye Aroni.
5 So also Christ did not glorify himself to become high priest, but the one who said to him: "You are my Son; today I have fathered you." Na Kristo na we ntiyihaye ico cubahiro co kuba Umuherezi Mukuru. Yagihawe n’Imana aho yavuga iti: “Uri Umwana wanje, uwu musi ndakuvyaye.”
6 Just as he also says elsewhere, "You are a priest forever, after the order of Melchizedek." Ahandi Imana yamubwiye iti: “Uri umuherezi w’ibihe bidashira, mu buryo bwa Melekisedeki.”
7 During his earthly life, Jesus offered prayers and pleas—with loud cries and tears—to the one able to save him from death, and was heard for his godly fear. Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.
8 Although he was a Son, he learned obedience from what he suffered. N’aho yari Umwana w’Imana yize kwumvira biciye mu mubabaro yaciyemwo.
9 And having been made perfect, he became the source of eternal salvation to all who obey him, Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.
10 having been appointed by our Father as a high priest after the order of Melchizedek. Kandi Imana yamugize Umuherezi Mukuru mu buryo bwa Melekisedeki.
11 We have much to say about this, hard to explain, since your hearing has grown dull. Dufise vyinshi twovuga kuri ivyo, ariko biragoye kubibasigurira, kuko bibagora gutahura.
12 For though you should be teachers by now, you need someone to teach you the basics of our Father's word again. You've come to need milk, not solid food. Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.
13 Everyone living on milk lacks skill in the word of righteousness, since he's an infant. Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.
14 But solid food is for the mature, whose senses are trained by practice to distinguish good from evil. Ariko ivyokurya bikomeye ni ivy’abakuze, kuko kubera ivyo baciyemwo bashitse aho batandukanya ikibi n’iciza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]